Ikigabane ca 18

Kuva Wikipedia

Umukama abonekera Aburahamu mu mimanda y'i Mamure

1 Umukama abonekera Aburahamu hafi y'imimanda y'i Mamure. We yari yicaye imbere y'umuryango w'ihema ryiwe, mu gihe c'intuguta nyinshi y'umutaga. 2 Araramuye amaso, araraba, aca abona abagabo batatu bahagaze hafi y'aho yari ari. Ababonye aca ava mu muryango w'ihema, yiruka kubasanganira, akubita ibipfukamiro hasi, 3 avuga ati: «Muhanyi, ninaba nogira iteka mu maso yawe, nturengane umusavyi wawe. 4 Nibazane amazi makeyi mwiyoze ibirenge vyanyu, muruhukire munsi y'iki giti; 5 ndabahereze akamanyu k'umukate musame umutima, hanyuma mubandanye. Erega ni co cabacanye hafi y'umusavyi wanyu!» Na bo bavuga bati: «Nugire nk'uko ubivuze.» 6 Aburahamu anyarukira mw'ihema aho Sara yari ari amubwira ati: «Tegura ningoga ingero zitatu z'ifu inoze, uzicumbe ugire uturobe.» 7 Aburahamu aranyaruka no mu busho bwiwe, afata ikimasa coroshe kandi kinuze, agihereza umusore, na we aca yihuta kugitegura. 8 Yakira amata y'urubu n'imfyufyu, na ca kimasa yateguye, abitereka imbere yabo, araheza abaguma hafi, munsi ya ca giti, na bo barafungura. 9 Baraheza bamubaza bati: «Umugore wawe Sara ari hehe?» Na we yishura ati: «Harya mw'ihema.» 10 Uwundi avuga ati: «Ni ukuri, nzogaruka iwawe nk'aya mango, kandi umugore wawe Sara azoba afise umuhungu.» Akaba Sara yariko arumviririza mu muryango w'ihema, inyuma yiwe. 11 Aburahamu na Sara bari bashaje, bageze mu zabukuru; Sara na we yari yaraciye. 12 Sara atwengera mu mutima yibwira ati: «Ubu nshaje gutya, noba nkiryoherwa! Umugabo wanje na we arashaje!» 13 Umukama abwira Aburahamu ati: «Ni kuki Sara ariko aratwenga yibwira ati: Ubwo noba nkivyara umwana vy'ukuri kandi nshaje? 14 Mbega hari icoza kinanira Umukama? Ubutigu bugeze, nzogaruka iwawe, nk'aya mango, Sara na we azoba afise umwana w'umuhungu.» 15 Sara arahakana ati: «Sinatwenze», kuko yari afise ubwoba. Na we ati: «Ni vyo, watwenze.»

Aburahamu avugira Sodoma

16 Ba bagabo barahaguruka, bava aho bari, berekeza amaso i Sodoma. Aburahamu arabaherekeza kugira ngo abasezere. 17 Umukama yibwira ati: «Mbega mpishe Aburahamu ivyo ngira ngire, 18 kandi Aburahamu abwirizwa kuzoba igihugu kinini kandi gikomeye, n'amakungu yose yo kw'isi akazohezagirwa muri we? 19 Nkako, naramugenye ngo yigishe abana biwe n'umuryango wiwe mu nyuma ziwe kuzigama ingendo y'Umukama, mu gukurikiza ubutungane n'ingingo. Ni ho Umukama azorangura iryo yemereye Aburahamu.» 20 Umukama avuga ati: «Induru yagiriza Sodoma na Gomora yabaye nyinshi, kandi ibicumuro vyabo vyabaye umurengera. 21 Ngira manuke, nje kuraba ko ivyo bakoze bihuye n'induru yanshikiriye. Atari vyo, na ho nyene ndabimenye.» 22 Ba bagabo bava aho, berekeza Sodoma. Aburahamu na we yari agihagaze imbere y'Umukama. 23 Aburahamu aregera avuga ati: «Mbega ugira ujaniranye intungane n'umubisha? 24 Kumbure mu gisagara harimwo intungane zishika mirongo itanu. N'abo urabatikiza? Ubwo ntiwogirira ikigongwe ico gisagara cose kubera izo ntungane mirongo itanu ziba muri co? 25 Ntirikabe! Ntiwokora ikintu nk'ico, ngo wica intungane n'umubisha. Ntirikabe! Ntiwokwitiranya intungane n'umubisha. Umucamanza w'isi yose ni we atokurikiza ingingo?» 26 Umukama avuga ati: «Ninasanga muri Sodoma intungane mirongo itanu hagati mu gisagara, nca ngirira ikigongwe igisagara cose kubera bo.» 27 Aburahamu asubizayo ati: «Ariko ndubahuka jewe mvugisha Umukama kandi ndi ivu, ndi umunyota! 28 Kumbure muri abo mirongo itanu b'intungane harabuzemwo batanu. Woca utikiza igisagara cose kubera abo batanu?» Yishura ati: «Oya, ninagisangamwo mirongo ine na batanu, sindagitikiza.» 29 Abandanya amubwira ati: «Kumbure hari mirongo ine gusa!» Avuga ati: «Nta co nogira kubera abo mirongo ine.» 30 Avuga ati: «Ntushavure Mukama ndacabandanya kuvuga. Kumbure hari mirongo itatu gusa.» Yishura ati: «Nta co nogira habonetse mirongo itatu.» 31 Avuga ati: «Ariko ndubahuka, jewe mvugisha Umukama wanje. Kumbure hari mirongo ibiri.» Yishura ati: «Sindagitikiza kubera abo mirongo ibiri.» 32 Avuga ati: «Ntushavure Mukama, ngira mvuge ubwa nyuma. Kumbure hari icumi.» Yishura ati: «Sindagitikiza kubera abo icumi.» 33 Umukama ahejeje kuganira na Aburahamu aragenda, Aburahamu na we asubira iwe.