Ikigabane ca 19

Kuva Wikipedia

Sodoma isamburwa, Roti akarokoka

1 Abamarayika babiri bashika i Sodoma ku mugoroba. Akaba Roti yari yicaye kw'irembo rya Sodoma. Ababonye arahaguruka aja kubasanganira; akubita inkoro hasi. 2 Avuga ati: «Nkundire bahanyi! Banze mushike mu nzu y'umusuku wanyu, murare, mwiyoze ibirenge; muzozinduke mubandanya urugendo rwanyu.» Bavuga bati: «Oya, turara ku nzira.» 3 Arabagobera gushika bemere guca iwe; barashika i muhira iwe. Arabategurira inzimano, abacumbira imikate itambiye, barafungura. 4 Ntibari bwanaryame, igihe abantu bo mu gisagara, abantu b'i Sodoma kuva ku musore gushika ku mutama, igisagara uko cakabaye ata wuvuyemwo, bakikiza iyo nzu. 5 Bahamagara Roti bamubaza bati: «Abantu baje iwawe muri iri joro bari hehe? Batuzanire tumenyane na boa.» 6 Roti arasohoka aja iyo bari, yugara urugi inyuma yiwe, aca arugumako. 7 Ababwira ati: «Ndasavye, bavukanyi; ntimukore iyo nabi! 8 Ehe ndafise abigeme babiri bataramenya umugabob, hinge ndababazanire, mubakoze ico mushaka. Ariko ico nobasaba gusa, ni uko abo bantu mutobakomakoma, ni na co catumye bahungira mu nzu iwanje.» 9 Na bo bavuga bati: «Igirayo.» Barungikanya bati: «Uwu muntu yaje ari inyambukira none yihaye guca imanza! Turagukorera ikibi kiruta ico tubakorera.» Basunura uwo mugabo Roti, baca baregera ngo bamene urugi. 10 Ba bantu batuma ukuboko, bakwegera Roti mu nzu aho bari; baca barugara urugi. 11 Baca basuka uruhumyi kuri abo bantu bose bari imbere y'umuryango, kuva ku muto gushika ku mukuru, ntibasubira kubona iyo umuryango uherereye. 12 Ba bantu babaza Roti bati: «Hari abandi bantu muri kumwe ngaha? Hitana abakwe bawe, abahungu, abakobwa n'abo bose ufise mu gisagara, ubakure aha hantu. 13 Nkako, tugira dutikize aha hantu, kuko inabi hagirizwa yarenze urugero imbere y'Umukama. Umukama yaturungitse kuhatikiza.» 14 Roti arasohoka, avugana n'abakwe biwe bari bimirije kurongora abakobwa biwe. Avuga ati: «Haguruka muve aha hantu, kuko Umukama agira atikize igisagara.» Abakwe biwe bavyumva nk'ibijajuro. 15 Umutwenzi ukitse, abamarayika babwira Roti bashimitse bati: «Haguruka, hitana umugore wawe n'abakobwa bawe babiri bakiri ku ziko, ntuhitanwe n'igihano gihanamiye iki gisagara.» 16 Agitebaganye, ba bantu basumira ukuboko kwiwe n'ukw'umugore wiwe, n'amaboko y'abakobwa biwe babiri, kubera impuhwe Umukama yari amufitiye, baramusohora, bamujana inyuma y'igisagara. 17 Bamaze kubashikana hanze, umwe muri bo amubwira ati: «Hunga, kiza ubuzima bwawe! Nturabe inyuma, kandi ntuhagarare na hamwe muri iki kiyaya. Hungira riho ku musozi, woye gutikira.» 18 Roti ababwira ati: «Ntirikabe Muhanyi! 19 Umusavyi wawe yatewe iteka mu maso yawe, imbabazi zawe nyinshi zibonekeje mu kunkiriza ubuzima. Ariko sinoba ngishobora guhungira kuri uriya musozi ngo nshikeyo ikiza kitaranshikira ngapfa! 20 Ehe kirya gisagara kiri hafi nogihungiramwo, ni gitoyi. Nkundire ndagihungiremwo, ni na gitoyi, gutyo nkize ubuzima bwanje.» 21 Aramwishura ati: «Ehe raba, ndakwumviye n'ubu, sintikiza ico gisagara uvuga. 22 Ihute, uhungireyo, kuko ata co nshobora gukora utarashikayo.» Ni co gituma ico gisagara citwa Tsoharic. 23 Roti yinjira muri Tsohari izuba rirasiye kw'isi. 24 Umukama araheza arekurira kuri Sodoma na Gomora imigende y'ibirunga n'umuriro bivuye iwe mw'ijuru, 25 aratikiza ivyo bisagara n'ico kiyaya cose, ababa muri ivyo bisagara bose, n'ivyari vyarameze kw'isid. 26 Umugore wa Roti arahindukira araba inyuma, aca ahinduka inkingi y'umunyu. 27 Aburahamu agenda kare mu gitondo aho yari yamye ahagararanye n'Umukama. 28 Yerekeza amaso i Sodoma n'i Gomora no ku ntara y'ikiyaya yose, aritegereza, abona umwotsi nk'uw'itanure uriko urafumbuka uva muri iyo ntara. 29 Igihe Imana yatikiza ibisagara vyo muri ico kiyaya, yaributse Aburahamu, irokora Roti, imukura muri iryo sibe ryasibije ivyo bisagara Roti yabamwo.

Roti n'abakobwa biwe

30 Roti ava i Tsohari, aduga kwibera mu mitumba, ajana n'abakobwa biwe babiri. Kubera ko yatinya kuguma i Tsohari, yashimye kwibera mw'isenga ry'ibuye, we n'abakobwa biwe babiri. 31 Umukobwa mukuru abwira umutoyi ati: «Data arashaje, kandi nta mugabo agisigaye mu gihugu ngo aze atugana nk'uko bigenda mu gihugu cose. 32 Ingo duhe data umuvinyu anywe, duheze turyamane na we, kugira ngo turonke uruvyaro rukomoka kuri data.» 33 Ni uko rero, baha umuvinyu se, aranywa muri iryo joro; umukuru aja kuryamana na se, na we ntiyamenya igihe umukobwa wiwe yaryamiye n'igihe yavyukiye. 34 Bukeye, umukobwa mukuru abwira umutoyi ati: «Naraye ndyamanye na data muri iri joro ryakeye, none ingo dusubire kumuha umuvinyu yongere anywe muri iri joro, nawe uje kuryamana na we. Gutyo tuzoba turonse uruvyaro rukomoka kuri data.» 35 Muri iryo joro kandi bongera guha umuvinyu se, umutoyi arahaguruka aja kuryamana na se, na we ntiyamenya igihe umukobwa wiwe yaryamiye n'igihe yavyukiye. 36 Abo bakobwa ba Roti uko ari babiri basama inda kuri se. 37 Umukuru avyara umuhungu, amwita Mowabu. Ni we Se w'Abamowabu gushika n'uno musi. 38 Umutoyi na we avyara umuhungu, amwita Benehami. Ni we Se w'Abahamoni gushika n'uno musi.