Ikigabane ca 20

Kuva Wikipedia

Aburahamu na Abimereki

1 Aburahamu ava ngaho aja mu ntara ya Negebu, aba hagati ya Kadeshi na Shuri, hanyuma agerera muri Gerari. 2 Aburahamu avuga ko umugore wiwe Sara ari mushikiwe. Abimereki, umwami w'i Gerari, atuma kuzana Sara. 3 Mw'ijoro, Imana igendera Abimereki mu ndoto, imubwira iti: «Erega urapfuye kubera ko umugore wazanye afise umugabo wiwe.» 4 Abimereki ntiyari bwamwegere. Avuga ati: «Mukama, wokwica igihugu naho coba ari intungane? 5 Si we yanyibwiriye ati: Ni mushikanje? Sara we nyene ntiyavuze ati: Ni musazanje? Ico nakoze, nagikoze umutima utunganye, kandi iminwe yanje yera de!» 6 Imana imwishura mu ndoto iti: «Ni ko, ndazi ko ivyo wabikoranye umutima utonganutse, kandi ni jewe nagukingiye ngo ntuncumureko; ni co gituma ntakuretse ngo umukoreko. 7 Ubu rero, subiza uwo mugore umugabo wiwe kuko ari umuhanuzi, azogusabira urambe. Utamumusubije na ho, menya ko uzopfa nta kabuza, wewe n'abawe bose.» 8 Abimereki avyuka mu kare gitondo, atumako abasuku biwe bose, abiganira iyo nkuru, abo bantu ubwoba buca burabatekera. 9 Abimereki ahamagara Aburahamu, amubaza ati: «Watugize ibiki? Nagucumuyeko iki kugira ngo unkwegere twe n'igihugu canje mu gicumuro kingana gutyo? Ivyo wangiriye ntibigirwa.» 10 Abimereki abwira Aburahamu ati: «Washaka gushika kuki mu kugira ivyo?» 11 Aburahamu amwishura ati: «Ni uko nari nibwiye nti: Aha hantu ntibatinya Imana na gato, none bazonyica kubera umugore wanje. 12 Kandi vy'ukuri ni mushikanje, umukobwa wa data, ariko ntidusangiye mawe; ubu yabaye umugore wanje. 13 Kuva aho Imana inkuriye mu nzu ya data nkayerera, namubwiye nti: Ng'iki iciza uzongirira: ahantu hose tuzoja, uzovuge uti: Ni musazanje.» 14 Abimereki acagura mu bitungwa bitobito no muri bininibinini, mu basuku no mu ncoreke, abihereza Aburahamu, amusubiza n'umugore wiwe Sara. 15 Abimereki amubwira ati: «Ng'ico igihugu canje imbere yawe; gerera aho ushimye.» 16 Abwira Sara na we ati: «Mpaye musazawe imiringa igihumbi; ni nk'umwitwikiro ugupfutse mu maso imbere y'abo muri kumwe bose, kuri bose uzoba wuhagiwe.» 17 Aburahamu atakambira Imana, Imana ikiza Abimereki, umugore wiwe n'incoreke ziwe, babona kuvyara. 18 Kukaba nkako, Umukama yari yabujije kuvyara abagore bose bo mu rugo rwa Abimereki kubera ivyo bintu vya Sara, umugore wa Aburahamu.