Ikigabane ca 22

Kuva Wikipedia

Aburahamu ahereza Imana umuhungu wiwe Izahaki

1 Ivyo biheze, Imana igeza Aburahamu, imubwira iti: «Aburahamu!» Yishura ati: «Ndi hano!» 2 Imubwira iti: «Fata umuhungu wawe, ikinege cawe ukunda Izahaki, ugende mu ntara ya Moriya, ushitseyo umutangeko inkuka kuri umwe mu misozi nzokwereka.» 3 Aburahamu avyuka kare mu gitondo, ategura indogobwe yiwe, afata imisore ibiri n'umuhungu wiwe Izahaki. Asatura inkwi z'uguturira inkuka; arahaguruka, agenda agana aho hantu Imana yari yamurangiye. 4 Ku musi ugira gatatu, Aburahamu araramura amaso, abona nya hantu akiri kure. 5 Aburahamu abwira ya misore ati: «Nimugume ngaha hamwe n'indogobwe, jewe n'uwu muhungu tugende hariya, dupfukame dusenge, duheze tugaruke aho muri.» 6 Aburahamu afata inkwi z'uguturira inkuka, aziremeka Izahaki umuhungu wiwe; na we afata ifumba ry'umuriro n'inkota, bashishikara urugendo bompi. 7 Izahaki abaza se wiwe Aburahamu ati: «Mbega da?» Uwundi yishura ati: «Ndi hano mwananje.» Izahaki avuga ati: «Umuriro ng'uwu, n'inkwi ng'izi; ariko umwagazi w'inkuka wowo uri hehe?» 8 Aburahamu yishura ati: «Imana Yo nyene iritangira umwagazi w'inkuka mwananje.» Babandanya urugendo bompi. 9 Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Aburahamu yubakaho uruhimbi, atondeka za nkwi, aboha Izahaki umuhungu wiwe, amushira kuri rwa ruhimbi, hejuru ya za nkwi. 10 Aburahamu aramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umuhungu wiwe. 11 Ariko Umumarayika w'Umukama ahamagara ari mw'ijuru avuga ati: «Aburahamu, Aburahamu!» Na we yishura ati: «Ndi hano!» 12 Umumarayika na we avuga ati: «Ntubangure ukuboko kwawe ku muhungu wawe, kandi ntihagire ico umugira! Ubu ndamenye ko wubaha Imana; ntiwimanye umuhungu wawe, ikinege cawe.» 13 Aburahamu araramura amaso, abona impfizi y'intama ng'iyo, yafatiwe mu gisaka ubw'amahembe. Aburahamu aragenda, afata nya mpfizi y'intama, ayitangako inkuka mu kibanza c'umuhungu wiwe. 14 Aburahamu aca yita ico kibanza Umukama arabona, kandi gushika n'uno musi bahita Ku musozi babonerako Umukama. 15 Umumarayika w'Umukama asubira guhamagara Aburahamu ubwa kabiri ari mw'ijuru; 16 avuga ati: «Ng'iri iriyazwe n'Umukama: ndarahiye, ni jewe nyene, kubera ko waranguye ivyo nakubwiye, ntiwimane umuhungu wawe, ikinege cawe, 17 nzoguhunda imihezagiro, nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n'inyenyeri zo mw'ijuru, n'umusenyi wo ku nkombe z'ikiyaga. Uruvyaro rwawe ruzokwigarurira amarembo y'abansi barwo. 18 Ibihugu vyose vyo kw'isi bizohezagirwa mu ruvyaro rwawe, kuko wanyumviye.» 19 Hanyuma Aburahamu asubira iyo ya misore iri, bava hasi baja i Berisheba. Aburahamu aca aguma i Berisheba. 20 Ivyo biheze, bamenyesha iyi nkuru Aburahamu bati: «Raba na Mireka yavyariye abahungu Nahori mwenewanyu: 21 Hutsi ni imfura yiwe, Buzi akaba murumunawe hamwe na Kemuweri se wa Aramu, 22 na Kesedi, Hazo, Piredashi, Yiderafi na Betuweri. 23 Betuweri na we yavyaye Rebeka.» Ni abo umunani Mireka yavyariye Nahori, mwenewabo na Aburahamu. 24 Yari afise umuhabara yitwa Rehuma. Na we yamuvyayeko Teba, Gahamu, Tahashi na Mahaka.