Ikigabane ca 23

Kuva Wikipedia

Urupfu rwa Sara

1 Sara yamaze imyaka ijana na mirongo ibiri n'indwi; iyo ni yo myaka y'ubuzima bwa Sara. 2 Sara apfira mu gihugu ca Kanahani, i Kiriyati Areba ari ho Heburoni. Aburahamu aza kugandarira Sara, aramuririra. 3 Hanyuma Aburahamu arahaguruka, ava iruhande y'umupfu wiwe, agenda kubwira bene Heti ati: 4 «Jewe ndi kavantara, nkaba n'umushitsi yatse indaro iwanyu; ndabasavye rero ikibanza aha iwanyu c'ugufubamwo umupfu wanje ntagisubira kubona.» 5 Bene Heti bishura Aburahamu bati: 6 «Twumvirize databuja! Imana yakugize umukuru muri twebwe. Fuba umupfu wawe mu ruhafu ushimye mu z'iwacu. Nta n'umwe muri twebwe yokwima uruhafu rw'ugufubamwo umupfu wawe.» 7 Aburahamu arahaguruka, akubita inkoro hasi imbere ya bene igihugu ari bo bene Heti. 8 Ababwira ati: «Nimwaba munkundiye ko mfuba umupfu wanje ntagisubira kubona, nimunyumvirize, muntakambire kwa Heferoni, mwene Tsohari, 9 ampe isenga ry'ibuye ry'i Makepera, afise ku rubibe rw'umurima wiwe. Ahampe ku giciro c'amahera bikwiranye, kugira ngo ngire itongo ry'abapfuye niganzira aha iwanyu.» 10 Heferoni yari yicaranye na bene Heti. Heferoni Umuheti yishura Aburahamu, bene Heti bumva, hamwe n'abo bose bahora binjira mw'irembo ry'igisagara ciwe, ababwira ati: 11 «Oya databuja, nyumviriza. Umurima ndawukugabiye, isenga ry'ibuye ririmwo ndariguhaye, ndarikugabiye na bene igihugu bumva. Fuba umupfu wawe.» 12 Aburahamu akubita inkoro hasi imbere ya bene igihugu, 13 abwira Heferoni bene igihugu bumva, ati: «Ese wonkundira ukanyumviriza! Ndatanze ikiguzi c'uyu murima, kinyakirire, mpeze mfube umupfu wanje.» 14 Heferoni yishura Aburahamu avuga ati: 15 «Databuja, nyumviriza. Umurima uciye amashekeria amajana ane y'ifeza twowupfa? Nufube umupfu wawe.» 16 Aburahamu yumvikana na Heferoni. Aburahamu apimira Heferoni amafeza bari bavuganye, bene Heti bumva. Yari amashekeri amajana ane y'ifeza, ku giciro c'abadandaza. 17 Uyo murima wa Heferoni uri i Makepera, aharabana na Mamure, umurima n'isenga ry'ibuye ryarimwo, ibiti vyose vyari muri uyo murima gushika aho ugarukira, 18 babishikiriza Aburahamu ngo avyiganzire bene Heti babona, hamwe n'abaca mw'irembo ry'ico gisagara. 19 Ivyo biheze, Aburahamu afuba umugore wiwe Sara mw'isenga ry'ibuye riri mu murima w'i Makepera, aharabana na Mamure; ni ho Heburoni, mu ntara ya Kanahani. 20 Bene Heti bashikiriza Aburahamu uyo murima n'isenga ry'ibuye ryarimwo ngo avyiganzire, agire aho ahamba abapfuye.