Ikigabane ca 26

Kuva Wikipedia

UBUZIMA BWA IZAHAKI

Izahaki kwa Abimereki

1 Hongera gutera inzara mu gihugu mu nyuma y'iyaheruka gutera mu gihe ca Aburahamu. Izahaki agenda i Gerari kwa Abimereki, umwami w'Abafirisiti. 2 Umukama aramubonekera, amubwira ati: «Ntumanuke mu Misiri; uraguma mu gihugu nzokurangira. 3 Guma muri iki gihugu, nanje nzoba ndi kumwe nawe, ngireko ndaguhezagire. Nkako, wewe n'uruvyaro rwawe, nzobagabira izi ntara zose, kandi nzozigama indahiro narahiye so wawe Aburahamua. 4 Nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n'inyenyeri zo kw'ijuru, kandi nzorugabira izi ntara zose; amakungu yose yo kw'isi azohezagirwa mu ruvyaro rwawe, 5 kuko Aburahamu yumvirije ijwi ryanje, akongera akubahiriza imigenzo nashinze, amabwirizwa yanje, amateka yanje n'amategeko yanje.» 6 Izahaki agerera i Gerari. 7 Abantu b'aho hantu bamubaza ivyerekeye umugore wiwe. Abishura ati: «Ni mushikanje.» Yatinye kuvuga ko ari umugore wiwe, yibwira ati: «Abantu b'iyi ntara bonyica, banziza Rebeka, kuko aryoheye ijisho.» 8 Izahaki amazeyo imisi, Abimereki umwami w'Abafirisiti arungurukira mw'idirisha, abona Izahaki ariko arakuyakuya Rebeka umugore wiwe. 9 Abimereki atumako Izahaki amubwira ati: «Nta nkeka, ni umugore wawe. Ni kuki wavuze uti: Ni mushikanje?» Izahaki amwishura ati: «Ni uko nibwiye nti: Simpfe nzira we.» 10 Abimereki avuga ati: «Ivyo watugize ni ibiki? Habuze gato umwe wo muri iki gihugu akaryamana n'umugore wawe! Wari kuba utwambitse ibara!» 11 Abimereki aca aha itegeko abantu bose ati: «Uwuzokora kuri uwu mugabo canke ku mugore wiwe, azopfa nta kabuza.» 12 Izahaki arabiba muri ico gihugu, uyo mwaka yimbura ijana kw'ijana; Umukama aramuhezagira. 13 Araba umuntu ahambaye; ashishikara gutera imbere gushika n'aho aba mukuru cane. 14 Yari atunze ubusho bw'ibitungwa bitobito n'ibitungwa bininibinini, afise abasuku benshi n'incoreke nyinshi. Abafirisiti bamugirira ishari.

Izahaki na Abimereki bunga isezerano

15 Abafirisiti bazibira amariba yose abasuku ba se wiwe Aburahamu bari barimvye mu gihe yari akiriho, bayuzuza ivu. 16 Abimereki abwira Izahaki ati: «Tuvireho, kuko usigaye uturusha ubukomezi.» 17 Izahaki ava ngaho, aja gucumbika mu kabande k'i Gerari, yiberaho. 18 Izahaki asubira gufurura ya mariba y'amazi bari barimvye Aburahamu akiriho, akaba yari yafuriwe n'Abafirisiti Aburahamu amaze gupfa. Ayita amazina nk'ayo se wiwe yari yarayise. 19 Abasuku ba Izahaki bimba muri ako kabande, buburayo iriba ry'amazi adudubiza. 20 Abungere b'i Gerari baja mu vyo guhazuka n'abungere ba Izahaki, bababwira bati: «Ayo mazi ni ayacu.» Iryo riba aca aryita Eseki, kuko rivyuye amahane. 21 Bimba irindi riba, ariko na ryo nyene bararihazanira; aca aryita Sitena. 22 Arunguruza, aja kwimba irindi riba, ryo ntiryavyura amahane; aryita Rehoboti yibwira ati: «Noneho Umukama yadushize ahagutse, tuzororanirwa muri kino gihugu.» 23 Ava ngaho, aduga i Berisheba. 24 Umukama aramubonekera muri iryo joro, amubwira ati: «Ndi Imana ya so wawe Aburahamu; ntutinye, kuko ndi kumwe na we. Nzoguhezagira, ngwize uruvyaro rwawe kubera umusavyi wanje Aburahamu.» 25 Izahaki yubaka uruhimbi aho nyene, yambaza izina ry'Umukama. Aca ahashinga ihema, abasuku biwe na bo bahimba iriba. 26 Abimereki agenda iyo Izahaki ari, avuye i Gerari, ajana na Ahuzati umujenama wiwe, na Pikori kizigenza w'ingabo ziwe. 27 Izahaki ababwira ati: «Muzanywe iwanje n'amaki kandi munyanka, mukaba mwarantujije iwanyu?» 28 Bishura bati: «Twaravyihweje, tubona ko Umukama ari kumwe na we, ni ko kwibwira tuti: Nihabe indahiro hagati yawe natwe, hagati y'abawe n'abacu, twunge isezerano na we. 29 Nuturahire ko utazotugirira inabi, nk'uko na twebwe tutagukozeko. Na kare twamye tukugirira ineza gusa kandi twakurungitse amahoro. Ubu wewe urahezagiwe n'Umukama.» 30 Izahaki arabagirira umusi mukuru, arabazimana, bararya, baranywa. 31 Bavyuka kare mu gitondo, umwe wese asezerana na mugenziwe, ashirako n'indahiro. Izahaki arabarungika, bava iwe mu mahoro. 32 Kuri uyo musi nyene, abasuku ba Izahaki baza kumwiganira inkuru y'iriba bariko barimba. Bamubwira bati: «Twubuye amazi.» 33 Iryo riba aryita Shibeya. Ni co gituma n'uyu musi igisagara c'aho hantu citwa Berisheba.

EZAWU NA YAKOBO

Ubugeni bwa Ezawu

34 Ezawu yari afise imyaka mirongo ine aho yabira Yudita umukobwa wa Beyeri Umuheti, na Basemati, umukobwa wa Eroni Umuheti; 35 abo bagore batuntuza umutima wa Izahaki na Rebeka.