Ikigabane ca 27

Kuva Wikipedia

Yakobo atwara umuhezagiro mukuruwe Ezawu

1 Izahaki arasaza, amaso arahuma, ku buryo atari akibona. Ahamagara Ezawu umuhungu wiwe mukuru amubwira ati: «Muhungu wanje!» Na we yishura ati: «Ndi hano.» 2 Amubwira ati: «Urabona ko nshaje kandi ntazi umusi nzopfirako. 3 Ubu rero, hitana ibikoresho vyawe vy'uguhiga, umutana wawe n'umuheto wawe, ukwire ishamba, umpigire akanyama. 4 Uraheza untegurire imfungurwa nk'uko nsanzwe ndazikunda, uzinzanire ndye, kugira ngo ndaguhezagire ntarapfa.» 5 Akaba Rebeka yariko arumviriza igihe Izahaki yabibwira umuhungu wiwe Ezawu. Ezawu yihereza ishamba guhiga ngo azane akanyama. 6 Rebeka abwira umuhungu wiwe Yakobo ati: «Numvise so wawe abwira mwenewanyu ati: 7 Uranzanira akanyama, untegurire imfungurwa ziryoshe, ndye, mpeze ndaguhezagire mu maso y'Umukama imbere y'uko mpfa. 8 Ubu rero mwananje, nyumviriza, kandi ukore ico ndagutegetse. 9 Genda mu bitungwa bitobito, unzaniremwo utwagazi tubiri nyatwo tw'impene, ntegure imfungurwa ziryoshe nk'uko so wawe avyipfuza. 10 Uraheza uhereze so wawe, afungure, kugira ngo aguhezagire imbere y'uko apfa.» 11 Yakobo abwira nyina wiwe Rebeka ati: «Ehe, Ezawu mwenewacu ni umugabo yuzuye ubwoya ku mubiri wose, nanje nkaba ata bwo mfise. 12 Hari n'aho data yohava ankabakaba hanyuma akanyita umwangushi, nkaba nikwegeye umuvumo aho noronse umuhezagiro.» 13 Nyina amubwira ati: «Muhungu wanje, umuvumo wovumwe urafata jewe. Wewe nyumvira gusa; genda unzanire ivyo nagutumye.» 14 Aragenda, afata nya twagazi, atuzanira nyina. Nyina ategura imfungurwa ziryoshe nk'uko se wa Yakobo yazikunda. 15 Hanyuma Rebeka afata impuzu za Ezawu umuhungu wiwe mukuru, atoramwo nzizanziza mu zari mu nzu, azambika Yakobo umuhungu wiwe mutoyi. 16 Amwambika ku bikonjo no kw'izosi insato za twa twagazi. 17 Afata za mfungurwa ziryoshe n'umukate yacumvye, ashira mu minwe y'umuhungu wiwe Yakobo. 18 Yakobo aca yinjira kwa se avuga ati: «Dawe.» Na we yishura ati: «Ndi hano. Mbega uri nde ga mwananje?» 19 Yakobo abwira se wiwe ati: «Ndi Ezawu imfura yawe; natunganije ivyo wantumye. Ndagusavye uvyuke wicare, wihereze akanyama k'uruhigi rwanje, hanyuma umpezagire.» 20 Izahaki abwira umuhungu wiwe ati: «Bite ko waronse ningoga ga mwananje?» Ati: «Ni uko Umukama Imana yawe yangiye imbere nca ndaronka.» 21 Izahaki abwira Yakobo ati: «Nyegera rero mwananje ndagukabakabe, menye ko uri umuhungu wanje Ezawu, canke ko utari we.» 22 Yakobo aregera se wiwe Izahaki, na we aramukabakaba, avuga ati: «Ijwi ni irya Yakobo, ariko ibiganza ni ivya Ezawu.» 23 Ntiyamumenya kuko ibiganza vyiwe vyariko ubwoya nk'ibiganza vya mwenewabo Ezawu; ni ko kumuhezagira. 24 Amubaza ati: «Ubwo ni wewe umuhungu wanje Ezawu?» Yishura ati: «Ni jewe nyene.» 25 Amubwira ati: «Binyegereze, ndye akanyama k'uruhigi rw'umuhungu wanje, kugira ngo umutima wanje uguhezagire.» Arabimwegereza, na we arafungura, hanyuma amuzanira n'umuvinyu aranywa. 26 Ni ho rero se wiwe Izahaki yamubwira ati: «Egera rero mwananje ungwe mu nda.» 27 Aregera, aramugwa mu nda. Izahaki yumva akamoto k'impuzu ziwe aramuhezagira, avuga ati: «Ororowe, akamoto k'umuhungu wanje kameze nk'akamoto k'ishamba ryahezagiwe n'Umukama. 28 Imana niguhe urume ruvuye mw'ijuru, indimo zabongeye, ingano n'umuvinyu vyinshi cane. 29 Ibihugu biragukorera, amakungu agupfukamire. Uraba mukuru wa benewanyu, bene nyoko bagupfukamire. Uwuzokuvuma arakavumwa, na we uwuzoguhezagira aragahezagirwa.» 30 Izahaki yabaye agiheza guhezagira Yakobo, Yakobo na we agisohoka ava kwa se Izahaki, mwenewabo Ezawu aba arashitse avuye guhiga. 31 Ezawu na we kandi aca ategura imfungurwa ziryoshe, azihereza se wiwe. Abwira se wiwe ati: «Data navyuke, afungure akanyama k'uruhigi rw'umuhungu wiwe, hanyuma ampezagire.» 32 Se wiwe Izahaki abaza ati: «Uri nde?» Yishura ati: «Ndi Ezawu, umuhungu wawe, imfura yawe.» 33 Izahaki aca ahinda agashitsi cane, avuga ati: «None ni nde yamye guhiga, akanzanira akanyama? Namaze kurya ku vyo yampaye vyose utarashika. Namuhezagiye, kandi ni vyo azohezagirwa.» 34 Ezawu yumvise ayo majambo ya se yiha akamo, agahinda karamwuzura, abwira se ati: «Ewe dawe, mpezagira nanje!» 35 Izahaki avuga ati: «Murumuna we yaje arampenda, agutwara umuhezagiro.» 36 Ezawu avuga ati: «Anyage kabiri kose ngo ni uko yitwa Yakobo? Ubwa mbere yantwaye iteka ryanje ry'ukuba imfura, ehe ubu na ho antwaye umuhezagiro.» Hanyuma avuga ati: «None nta muhezagiro namba wambikiye?» 37 Izahaki arishura, abwira Ezawu ati: «Namaze kumugira umukuru kuri wewe, namuhaye benewabo bose ngo bamukorere. Namugabiye ingano n'umuvinyu. None igisigaye nokugirira ni iki ga mwananje?» 38 Ezawu abwira se ati: «None ufise umuhezagiro umwe gusa ga dawe? Mpezagira nanje dawe.» Ezawu aca araturikisha ararira. 39 Se wiwe Izahaki arishura avuga ati: «Uzogerera kure y'indimo zibongeye, kure y'urume rukoroka ruva kw'ijuru. 40 Uzobeshwaho n'inkota yawe, ariko uzoba umusuku wa mwenewanyu. Hazogera igihe wigobotore, wikureko gutyo umutwaro yakuremetse ku gakanu.»

Yakobo ahungira kwa Rabani

41 Ezawu ahera aho yanka mwenewabo Yakobo kubera uwo muhezagiro se yamuhaye. Ezawu yibwira mu mutima ati: «Igihe c'ukugandarira data kiregereje, nzobone kwica mwenewacu Yakobo.» 42 Baburira Rebeka amajambo ya Ezawu umuhungu wiwe mukuru. Na we atumako Yakobo umuhungu wiwe mutoyi amubwira ati: «Ehe mwenewanyu Ezawu ashaka kukwihora akwice. 43 Ubu rero mwananje, nyumviriza! Haguruka, uhungire kwa musazanje Rabani i Harani. 44 Uzobe urabana na we imisi, gushika ishavu rya mwenewanyu ritururuye, 45 gushika inzigo agufitiye imaze gucureha, amaze kwibagira ikibi wamugiriye. Nzoheza ntume uwuza kugukurayo. Ni kuki mwempi nobaburira umusi umwe?» 46 Rebeka abwira Izahaki ati: «Jewe naduhiwe n'ubuzima kubera abo bakobwa ba Heti. Yakobo niyabira umugore mu bakobwa ba Heti, uwuvuka muri iki gihugu ameze nk'abo, vyoba bimariye iki kubaho?»