Ikigabane ca 28

Kuva Wikipedia

1 Izahaki ahamagara Yakobo aramuhezagira. Amuha itegeko, amubwira ati: «Ntuze wabire umugore mu bakobwa b'i Kanahani. 2 Haguruka, ugende i Padani Aramu, mu rugo kwa sokuru wawe Betuweri, habe ari ho ukura umugore mu bakobwa ba nyokorome Rabani. 3 Imana Mushoboravyose niguhezagire, iguhe gusasagara n'ukugwira, kugira ngo ube ikoraniro ry'ibihugu! 4 Niguhe umuhezagiro yahaye Aburahamu, wewe n'uruvyaro rwawe, kugira ngo wiganzire igihugu wabayemwo inyambukira, ca gihugu Imana yagabira Aburahamu.» 5 Izahaki arungika Yakobo, na we agenda i Padani Aramu kwa Rabani mwene Betuweri Umwaramu, musaza wa Rebeka, nyina wa Yakobo na Ezawu. 6 Ezawu arabona ko Izahaki yahezagiye Yakobo, kandi ko amurungitse i Padani Aramu ngo abe ari ho azokura umugore, ko mu kumuhezagira amuhaye n'itegeko ati: «Ntuze wabire umugore mu bakobwa b'i Kanahani.» 7 Yakobo rero arumvira se na nyina, agenda i Padani Aramu. 8 Aho Ezawu aboneye ko abakobwa b'i Kanahani badahimbara se wiwe Izahaki, 9 yaciye agenda kwa Yishemaheri, asabayo Maharati umukobwa wa Yishemaheri mwene Aburahamu, mushiki wa Nebayoti, amwongera ku bagore yari asanganywe, ngo abe umugore wiwe.

Indoto za Yakobo

10 Yakobo ava i Berisheba agenda i Harani. 11 Ashika ahantu araraho kuko izuba ryari rirenze. Yakira rimwe mu mabuye y'aho hantu, araryiseguza, yiryamiraho. 12 Ararota, abona ingazi ishinze hasi, maze umutwe wayo ugakora kw'ijuru; abona kandi abamarayika b'Imana bayidugako, bongera bayururukako. 13 Ng'uwo Umukama ahagaze hejuru yayo, amubwira ati: «Ndi Umukama Imana ya Aburahamu so wawe, n'Imana ya Izahaki. Iyi si uryamyeko nzoyiguha, wewe n'uruvyaro rwawea. 14 Uruvyaro rwawe ruzongana n'umukungugu wo kw'isi. Uzosagarara mu burengero, mu buseruko, mu buraruko no mu bumanuko. Imiryango yose yo kw'isi izohezagirwa muri wewe no mu ruvyaro rwawe. 15 Ehe jewe ndi kumwe na we, kandi nzokuzigama aho uzoja hose, nongere ndakugarukane muri iyi ntara. Nkako, sinzoguheba gushika ndangure ivyo nakuraganiye.» 16 Yakobo avuye mw'itiro, avuga ati: «Ni ivy'ukuri, Umukama ari muri iki kibanza, nanje sinabimenye!» 17 Agira ubwoba, avuga ati: «Aha hantu ni aho ugutinya. Nta n'ikindi, ni Ingoro y'Imana; ni irembo ry'ijuru.» 18 Yakobo avyuka kare mu gitondo, atora rya buye yari yiseguje, arishinga bwa nkingi, asuka amavuta kw'isonga ryaryo. 19 Aho hantu aca ahita Beteri; ariko ubwa mbere ico gisagara citwa Ruzi. 20 Yakobo aca agira indagano avuga ati: «Imana niyagumana nanje, ikanzigama muri uru rugendo ndimwo, niyampa ico ndya n'impuzu nambara, 21 ninagaruka amahoro kwa data, Umukama azoca aba Imana yanje; 22 n'iri buye nashinze bukingi rizoba Ingoro y'Imana, kandi mu vyo uzompa vyose, nzogushikanira ic'icumib.»