Ikigabane ca 29

Kuva Wikipedia

Yakobo ahura na Rakeri

1 Yakobo arahaguruka, agenda mu gihugu ca bene Kedemu. 2 Araraba, abona iriba muri ako karere. Hariho imigwi itatu y'ibitungwa bitobito biryamye hambavu y'iryo riba, kuko ari ho vyashokera. Iryo riba ryari ripfundikijwe ibuye rinini. 3 Bahengera ubusho bwose bumaze gutororokana, bagatembagaza iryo buye ripfundikiye iriba, bagaheza bagashora ibitungwa; bihejeje kunywa bagaca basubira gupfundikira rya riba. 4 Yakobo arababaza ati: «Bavukanyi, mbega muri aba hehe?» Bavuga bati: «Turi abo i Harani.» 5 Ababaza ati: «None mwoba muzi Rabani mwene Nahori?» Bishura bati: «Turamuzi.» 6 Arababaza ati: «None arakomeye?» Bishura bati: «Arakomeye; mbere ng'urya n'umukobwa wiwe Rakeri azanye ibitungwa bitobito.» 7 Asubizayo ati: «Ehe haracari kare, ntiharagera ko mwegeranya ibitungwa bininibinini, nimushore ibitobito muheze muje kuba muraragiye.» 8 Bamusubiza bati: «Ntitubishobora igihe ubusho bwose butaratororokana, kuko ni ho baheza bagatembagaza ibuye, bakarikura kw'iriba, tukabona gushora ibitungwa bitobito.» 9 Yari akivugana na bo igihe Rakeri yashika azanye ibitungwa bitobito vya se, kuko yari umwungere. 10 Yakobo yabaye akibona Rakeri umukobwa wa inarume Rabani, be n'ubusho bwa inarume Rabani, yegera iriba, atembagaza rya buye ryari ripfundikiye iriba, ashora ibitungwa bitobito vya inarume Rabani. 11 Yakobo agwa mu nda Rakeri, aca araturikisha ararira. 12 Yakobo amenyesha Rakeri ko ari mwenewaboa na se wiwe, kandi ko ari umuhungu wa Rebeka. Na we aca yiruka kubibwira se. 13 Rabani yumvise inkuru ya mwishwawe Yakobo, yiruka kumusanganira, amugwa mu nda, aramusoma, araheza amujana i muhira iwe; Yakobo yiganira Rabani ivyo bintu vyose. 14 Hanyuma Rabani amubwira ati: «Ni ivy'ukuri, uri igufa ryanje, uri umubiri wanje.» Yakobo agumana na we ukwezi kwose.

Ubugeni bwa Yakobo

15 Rabani abwira Yakobo ati: «None, ngo ni uko uri mwenewacu uzonkorera ku busa? Mbwira ico nzoguhemba.» 16 Rabani yari afise abakobwa babiri. Umukuru yitwa Reya, umutoyi na we akitwa Rakeri. 17 Reya ntiyari akeye mu maso, Rakeri na we yari afise imero ihimbaye, aryoheye ijisho. 18 Yakobo agomwa Rakeri. Avuga ati: «Nzogukorera imyaka indwi umpe Rakeri, umwigeme wawe mutoyi.» 19 Rabani avuga ati: «Vyoba vyiza ndamuhaye wewe hako ndamuha uwundi mugabo; gumana nanje rero.» 20 Yakobo akora imyaka indwi ngo ace Rakeri, ayibonamwo imisi mikeyi kuko yamukunda cane. 21 Yakobo abwira Rabani ati: «Mpa umugore wanje, ndamurongore, kuko igihe twasezeranye kirageze.» 22 Rabani akoranya abantu bose b'aho hantu, abagirira umusi mukuru, arabazimana. 23 Ahengera ku mugoroba, afata umwigeme wiwe Reya amuzanira Yakobo, na we aramurongora. 24 Rabani atanga incoreke yiwe Zirepa, ayiha umukobwa wiwe Reya ngo imukorere. 25 Bukeye mu gitondo, Yakobo abona ni Reya aratangara. Abwira Rabani ati: «Wangiriye ibiki? Sinari nagukoreye ngo umpe Rakeri? None ni kuki wampenze?» 26 Rabani avuga ati: «Aha iwacu ntidutanga umutoyi ngo ace ku mukuru, ivyo ntibigirwa. 27 Banza umarane indwi n'uwo, tuzoheza tuguhe n'uwo wundi, hanyuma uzonkorere iyindi myaka indwi.» 28 Yakobo abigenza gutyo. Araheza amara indwi mu nkinga ari kumwe na Reya, hanyuma Rabani amushingira Rakeri umukobwa wiwe. 29 Rabani aha Rakeri umukobwa wiwe incoreke yiwe Bireha ngo imukorere. 30 Yakobo arongora na Rakeri, aba ari we akunda gusumba Reya. Yongera gukorera Rabani iyindi myaka indwi.

Abana ba Yakobo

31 Umukama abona ko Reya adakundwa, aramurondora, Rakeri na we aragumbaha. 32 Reya arasama inda, avyara umuhungu, amwita Rubeni kuko yibwira ati: «Umukama yabonye ukuntu nkengerwa, noneho ubu umugabo wanje agiye kunkunda.» 33 Asama iyindi nda, avyara umuhungu, avuga ati: «Koko, Umukama yarumvise ko nankwa, none aranyongeye uwu na we.» Araheza amwita Simeho. 34 Yongera gusama iyindi nda, avyara umuhungu, avuga ati: «Ubu hoho umugabo wanje azonkundwakaza kuko ndamuvyariye abahungu batatu». Kubera ico, amwita Revi. 35 Yongera gusama iyindi nda, avyara umuhungu, avuga ati: «Ubu nzohayagiza Umukama», araheza amwita Yuda. Aca aba arareka kuvyara.