Ikigabane ca 3

Kuva Wikipedia

Abantu birukanwa mu murima w'i Hedeni
1 Inzoka ni yo yari iciye akenge kurusha ibikoko vyose vyo mw'ishamba Umukama Imana yari yaremye. Iraheza ibwira umugore iti: «Vy'ukuri, Imana yavuze iti: Ntimuzorye ku biti vyose biri mu murima?» 2 Umugore yishura inzoka ati: «Turashobora kurya ivyamwa vy'ibiti biri mu murima, 3 ariko ivyamwa vy'igiti kiri hagati mu murima, Imana yavuze iti: Ntimuze mubirye, ntimuze mubikoreko, ahandiho muzopfa.» 4 Inzoka ibwira umugore iti: «Haba namba ntimuzopfa! 5 Ariko Imana irazi ko umusi muzobirya, amaso yanyu azoca akanura, hanyuma mumere nk'Imana izi iciza n'ikibi.» 6 Umugore abona ko nya giti kibereye kuribwa, kiryoheye ijisho kandi cofasha kugira ngo umuntu ace ubwenge. Yakira icamwa caco ararya. Hanyuma ahereza umugabo wiwe bari kumwe, na we arakirya. 7 Amaso yabo uko ari babiri arakanura, baca babona ko bari gusa. Baterateranya amababi y'igiti c'umutenahi barayambara. 8 Hanyuma bumva ishwashwa ry'Umukama Imana ariko aratembera mu murima asama akayaga ko ku muhingamo; umugabo n'umugore wiwe binyegeza Umukama Imana mu biti vyo mu murima. 9 Umukama Imana ahamagara Adamu amubwira ati: «Uri hehe?» 10 Yishura ati: «Nakwumvise ishwashwa mu murima, nca ngira ubwoba kuko ndi gusa, ni ko kwinyegeza.» 11 Umukama Imana asubizayo ati: «Ni nde yakubwiye ko uri gusa? Woba wariye ku giti nari nakubujije kurya?» 12 Adamu yishura ati: «Wa mugore wampa ngo abane nanje, ni we yampaye ivyamwa vya ca giti, nanje ndarya.» 13 Umukama Imana abwira umugore ati: «Ivyo wagize ni ibiki?» Umugore na we yishura ati: «Inzoka yampenze hanyuma ndarya.» 14 Umukama Imana abwira inzoka ati: «Ko warikoze, uragacibwa mu bitungwa vyose, no mu bikoko vyose vyo mw'ishamba. Uzogenda urakuba inda yawe hasi, kandi indya yawe ibe ivu, imisi yose y'ubuzima bwawe. 15 Nzoshira urwanko hagati yawe n'umugore, hagati y'uruvyaro rwawe n'uruvyaro rwiwe, ruzoguhonyora umutwe, nawe urukomore ku gitsintsiri.» 16 Abwira umugore ati: «Nzogutera ububabare bwinshi igihe wibungenze, kandi uzovyara abana ubanje kubabara. Uzokwama wipfuza umugabo wawe, na we azokuganza.» 17 Araheza abwira Adamu ati: «Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari nakwihanikirije kuryako, isi izovumwa kubera wewe. Uzokwama urya ivyayo ubanje kubabara na ntaryo. 18 Izokumerera amahwa n'amatovu, bitayeko uzorya ivyatsi vyo mw'ishamba. 19 Uzorya ivyokurya ubanje kubira akuya, gushika usubire mw'ivu, kuko n'ubundi ari ryo wavuyemwo. Kuko uri ivu kandi uzosubira mw'ivu.» 20 Adamu yita umugore wiwe Heva, kuko yabaye nyina w'abazima bose. 21 Umukama Imana agirira Adamu n'umugore wiwe impuzu z'insato, arazibambika. 22 Umukama Imana avuga ati: «Ehe umuntu yabaye nk'umwe muri twebwe kuko na we yamenye iciza n'ikibi. Ubu rero reka ntahave atuma ukuboko ngo yahe no ku giti c'ubuzima, akirye, abeho imyaka yose.» 23 Hanyuma Umukama Imana aramwirukana, amukura mu murima w'i Hedeni, ngo arime agataka yari yarabumbwemwo. 24 Amaze kwirukana umuntu, ashira abakerubi mu buseruko bw'umurima w'i Hedeni, bafise inkota itigita irurumba urubeya, ngo barinde inzira irora ku giti c'ubuzima.