Ikigabane ca 30

Kuva Wikipedia

1 Rakeri abonye ko atavyariye Yakobo, agirira ishari mukuruwe; araheza abwira Yakobo ati: «Mpa abahungu, ahandiho ngiye gupfa.» 2 Yakobo ashavurira Rakeri, amubwira ati: «Mbega jewe mbaye mu kibanza c'Imana, Yo itahaye inda yawe uruvyaro?» 3 Rakeri avuga ati: «Ng'iyo incoreke yanje Bireha, ryamana na we aheze avyarire ku bibero vyanje, nanje nzoronke uruvyaro kubera we.» 4 Amuha rero incoreke yiwe Bireha ngo imubere umugore, Yakobo aryamana na we. 5 Hanyuma Bireha asama inda, avyarira Yakobo umuhungu. 6 Rakeri avuga ati: «Imana yantunganirije kandi yumvise ijwi ryanje irampa umuhungu». Kubera ico, amwita Dani. 7 Bireha, incoreke ya Rakeri, asama iyindi nda, avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 8 Rakeri avuga ati: «Narwanye na mukurwanje indwano z'Imana, ngirako ndamutsinda». Aca amwita Nefutari.

9 Reya abonye ko atakivyara, afata incoreke yiwe Zirepa ayiha Yakobo ngo imubere umugore. 10 Zirepa, incoreke ya Reya, avyarira Yakobo umuhungu. 11 Reya avuga ati: «Ndaronse umugisha», aca amwita Gadi. 12 Zirepa, incoreke ya Reya, avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 13 Reya avuga ati: «Mbega amahirwe ngize! Nkako, abandi bigeme bazonyita muhirwe!», aca amwita Asheri.

14 Mu gihe c'ukwimbura ingano, Rubeni aragenda, yaha umukundanya mw'ishamba, araheza awuzanira nyina wiwe Reya. Rakeri abwira Reya ati: «Ndagusavye ungabanirize kuri uwo mukundanya w'umuhungu wawe.» 15 Reya amusubiza ati: «Wagize kunca ku mugabo, none untware n'umukundanya w'umuhungu wanje?» Rakeri avuga ati: «Yakobo nakurarire muri iri joro, nawe umpe uwo mukundanya w'umuhungu wawe.» 16 Ku mugoroba, Yakobo arashika avuye mu mirima, Reya arasohoka aja kumusanganira amubwira ati: «Uyu musi utaha iwanje, kuko nagwatirije umukundanya w'umuhungu wanje kugira ngo ndakuronke.» Araheza iryo joro aryamana na we. 17 Imana irumvira Reya, asama inda, avyarira Yakobo umuhungu agira gatanu. 18 Reya avuga ati: «Imana irampemvye kuko nahaye umugabo wanje incoreke yanje», aca amwita Isakari. 19 Reya asubira gusama inda, avyarira Yakobo umuhungu agira gatandatu. 20 Reya avuga ati: «Imana yampaye ingabirano nyayo! Ubu noneho umugabo wanje agiye kuzobana nanje, kuko ndamuvyariye abahungu batandatu», aca amwita Zaburoni. 21 Mu nyuma avyara umukobwa, amwita Dina.

22 Imana iribuka Rakeri, Imana iramwumvira, izibura inda yiwe. 23 Arasama inda, avyara umuhungu, avuga ati: «Imana iranteturuye!» 24 Amwita Yozefu, yibwira ati: «Ese Umukama yonyuhirira uwundi muhungu!»

Yakobo atungira kwa Rabani

25 Rakeri amaze kuvyara Yozefu, Yakobo abwira Rabani ati: «Ndekura ngende, ntahe iwanje mu gihugu canje. 26 Mpa abagore banje n'abana banje nakoreye, mpeze nigire. Urazi ibikorwa nagukoreye.» 27 Rabani amubwira ati: «Ndagusavye! Ese nogira iteka mu maso yawea! Narahishuriwe ko Umukama yampezagiye kubera wewe.» 28 Yongera avuga ati: «Mbwira impembo yawe nzoyiguha.» 29 Amubwira ati: «Urazi ukuntu nagukoreye, n'ukuntu ubusho bwawe bwabaye kubera jewe. 30 Ntaraza, itunga ryawe ryari rikeyi. Ariko maze gushika ryaciye rigwira riba ryinshi, n'Umukama araguhezagira. None nk'ubu nzokorera urugo rwanje ryari?» 31 Rabani avuga ati: «None nzoguha iki?» Yakobo yishura ati: «Nta co uzompa. Niwangirira ico ngira ndakubwire, nzosubira kukuragirira n'ukukurabira ibitungwa vyawe.

32 Uno musi ndagendura ibitungwa vyawe vyose, nisobanuriremwo umwagazi wose w'utudorodonzi canke w'utudomagu, intama yose ivyara mu ntama zose, impene yose ifise utudorodonzi canke utudomagu, iyo ni yo izoba impembo yanje. 33 Ubutungane bwanje buzokwibonekeza ejo, niwaza ukabona impembo yanje imbere yawe. Iyitazoba iriko utudorodonzi canke utudomagu mu mpene, iyitari iy'umugina mu ntama, izoba ari iyo nivye.» 34 Rabani avuga ati: «Ni ko, biraba nk'uko ubivuze.» 35 Uyo musi nyene, Rabani arobanura impfizi z'impene zifise utudorodonzi kandi ziriko utudomagu, izivyara zose ziriko utudorodonzi canke utudomagu, iyo yose yera n'iyo yose y'umugina mu ntama, aziragiza abahungu biwe. 36 Abarungika ahangana imisi itatu y'urugendo hagati ya we na Yakobo. Yakobo aguma aragiye ibitungwa vyasigaye vya Rabani.

37 Yakobo aca udukoni tubisi tw'igiti c'iribeni, utw'igiti c'iruzi n'utw'igiti c'iheremoni. Ashishura bwa mihiro nya dukoni ku buryo hishushanyako amabara yera. 38 Atambika utwo dukoni yari yashishuye imbere y'ivyo bitungwa ku ngomero n'amato vyashokeramwo. Ivyo bitungwa bije kunywa amazi, vyaca vyikubita izimwe. 39 Intungwa zimira imbere y'utwo dukoni, zavyara imyagazi y'amabara, canke ifise utudorodonzi canke utudomagu. 40 Yakobo asobanura intama, aziyoborera mu zifise amabara n'iz'umugina zose mu busho bwa Rabani. Yakobo ashira ubusho bwiwe ku ruhande, ntiyabushira hamwe n'ubusho bwa Rabani. 41 Igihe cose ibitungwa bivyibushe vyikubita izimwe, Yakobo yaca atambika twa dukoni imbere yavyo ku ngomero, kugira ngo vyimire imbere y'utwo dukoni. 42 Ntiyadutambika imbere y'ibitungwa vy'imiguta, ku buryo ibitungwa vy'imiguta vyaba ivya Rabani, na vyo ibivyibushe bikaba ivya Yakobo. 43 Uwo muntu itunga riramwitaba, agira ubusho bwinshi cane, incoreke n'abasuku, ingamiya n'indogobwe.