Ikigabane ca 31

Kuva Wikipedia

Yakobo ahunga

1 Hanyuma Yakobo yumva ko abahungu ba Rabani bariko baridoga bati: «Yakobo yaratwaye ivyari ivya data vyose: mu vya data ni ho yakuye itunga ringana gutyo.» 2 Yakobo araraba Rabani mu maso, abona ko atakimumereye nk'uko yahora. 3 Umukama abwira Yakobo ati: «Subira mu gihugu ca ba sokuru, mu mavukiro yawe, nanje nzogumana na we.» 4 Yakobo atumako Rakeri na Reya ngo baze mu gahinga, ahari ubusho bwiwe. 5 Ababwira ati: «Ndabona so wanyu mu maso ko atakimereye nk'uko yahora: ariko Imana ya data yaragumanye nanje. 6 Murazi namwe ko namukoreye n'amagara yanje yose. 7 So wanyu yarampenze ahindura impembo yanje incuro icumi, ariko Imana ntiyamukundiye ko ankorera ikibi. 8 Aramutse avuze ati: Impembo yawe izoba ibitungwa bifise utudomagu, ubusho bwose bwaca buvyara izifise utudomagu; yaramuka na ho avuze ati: Impembo yawe izoba izifise amabara, ubusho bwose bwavyara izifise amabara. 9 Imana yaratse so wanyu ubusho bwiwe ibuha jewe. 10 Harageze igihe ibitungwa vyikubita izimwe, ndaramuye amaso, mbona mu ndoto amasuguru afise amabara, ubudorodonzi n'utudomagu ariko arurira ibitungwa. 11 Umumarayika w'Imana ambwira mu ndoto ati: Yakobo! Nishura nti: Ndi hano. 12 Avuga ati: Raramura amaso, witegereze amasuguru ariko arurira ibitungwa: yose afise amabara, utudorodonzi n'utudomagu. Ni uko nabonye ivyo Rabani akugirira vyose. 13 Ndi Imana y'i Beteri, hamwe wasigira amavuta inkingi y'ibuye, ukahangirira n'indaganoa. Ubu rero, haguruka ugende, uve muri iki gihugu, usubire mu gihugu cawe c'amavukiro.» 14 Rakeri na Reya bamwishura bati: «Hari umugabane canke iragi tukironka mu rugo kwa data? 15 Ntasigaye aturaba nk'abanyamahanga kuko yamaze kutugurisha akaba yarariye n'inkwano yacu? 16 Kubera ko itunga ryose Imana yatse data ari iryacu be n'abahungu bacu, ubu rero kora ico cose Imana yakubwiye.» 17 Yakobo arahaguruka, yuriza ku ngamiya abana biwe n'abagore biwe. 18 Ashorera ubusho bwiwe bwose, n'itunga ryiwe ryose yari yarironkeye, ubusho na bwo akaba yari yabwikuriye mu kiyaya ca Padani Aramu, asubira kwa se wiwe Izahaki mu gihugu ca Kanahani. 19 Rabani yari yagiye kumwa ubwoya ubusho bwiwe, igihe Rakeri yiba ibishusho vy'ibigirwamana vya se. 20 Yakobo agota Rabani Umwaramu, ahunga atabimubwiye. 21 Ni uko, arahaguruka, ahungana ivyiwe vyose, ajabuka uruzi Peratib, agenda agana umusozi Garahadi. 22 Ku musi ugira gatatu, bamenyesha Rabani ko Yakobo yahunze. 23 Ajana na benewabo, bagenda urugendo rw'imisi indwi bamukurikirana, bamuhambiriza ku musozi Garahadi.

Umwumvikano wa Rabani na Yakobo

24 Mw'ijoro, Imana ibonekera Rabani Umwaramu mu ndoto, imubwira iti: «Wirinde kugira iryo uvugana na Yakobo, ryaba ryiza ryaba ribi.» 25 Rabani ahamvya Yakobo aho yari yashinze ihema ryiwe ku musozi. Rabani na benewabo na bo bari bashinze rwabo ku musozi Garahadi. 26 Rabani abaza Yakobo ati: «Wagize ibiki? Warangose, utwara abakobwa banje nk'imbohe zo mu ndwano. 27 Ni kuki wahunze mu mpisho, ukampenda kandi ntubimenyeshe? Nari kukurungika mu kanyamuneza n'impundu, tukavuza ingoma n'inanga. 28 Ntiwampaye n'uburyo bwo gusezera abahungu banje n'abakobwa banje. Aho ho rero wakoze nk'ikijuju. 29 Nari gushobora kubakorera ikibi. Yamara Imana ya so wawe yambwiye muri iri joro iti: Wirinde kugira iryo uvugana na Yakobo, ryaba ryiza ryaba ribi. 30 None ko wajanywe n'uko ukumbuye rwose iwanyu, ni kuki wanyivye imanac zanje?» 31 Yakobo aramwishura avuga ati: «Nagize ubwoba kuko nibwira ko wohava unyaka abakobwa bawe ku gahato. 32 Uwo uza gusangana imana zawe akwiye gupfa. Aha imbere ya benewacu, nusake, ivyawe vyoba biri iwanje ubitware.» Yakobo ntiyari azi ko Rakeri yari yarazivye. 33 Rabani yinjira mw'ihema rya Yakobo, nw'ihema rya Reya, no mw'ihema rya za ncoreke zibiri, ntiyazisangayo. Ava mw'ihema rya Reya yinjira mw'ihema rya Rakeri. 34 Rakeri yari yafashe nya bishusho vy'ibigirwamana abinyegeza mw'itandiko ry'ingamiya azicarako; Rabani asaka ihema ryose ariko ntiyatora namba. 35 Hanyuma Rakeri abwira se ati: «Ntushavure, muhanyi, sinshoboye kuva hasi kuko ndi mu butinyanka.» Ararondera, ariko ntiyatora ivyo biheko vyiwe bikingira urugo. 36 Yakobo arashangashirwa, atonganya Rabani. Yakobo abwira Rabani ati: «Icaha nakoze ni ikihe? Igicumuro nakoze gituma unkurikirana gutyo ni ikihe? 37 Ko wasatse mu bintu vyanje vyose, watoye iki co mu bintu vyawe? Watoye iki co mu bintu vyo mu nzu yawe vyose? Gishire imbere ya benewacu na benewanyu baheze bace urubanza hagati ya twebwe babiri. 38 Ubu haheze imyaka mirongo ibiri ndi kumwe na we, ariko intama zawe n'impene zawe ntizigeze ziramburura. Nta mpfizi z'intama zo mu busho bwawe nariye. 39 Igitungwa catabaguwe n'inyamaswa sinakikuzanira, naragisubiriza; ico bivye ku murango canke mw'ijoro, warakindihisha. 40 Nicwa n'intuguta ku mutaga, mw'ijoro na ho nkicwa n'imbeho, nayo itiro ryari ryaramvuye ku maso. 41 Imyaka ibaye mirongo ibiri ndi mu rugo iwawe; nagukoreye imyaka icumi n'ine ndondera abakobwa bawe, n'iyindi itandatu ndondera ubusho bwawe! Wampinduriye impembo incuro icumi. 42 Iyo Imana ya data, Imana ya Aburahamu na Muterakobad wa Izahaki itaba kumwe nanje, wari kundungika iminwe igaragara. Noneho Imana yabonye amarushwa yanje n'amabavu mu biganza vyanje, none yaraye irugenyuye muri iri joro nyene.» 43 Rabani yishura Yakobo avuga ati: «Abo bakobwa ni abakobwa banje; abo bahungu ni abahungu banje; ubu busho ni ubusho bwanje; ivyo ubona vyose biri ngaha ni ivyanje. None uyu musi ubona nogira iki abakobwa banje n'abana bavyaye? 44 Ubu rero, ingo twunge ubumwe twe na we, habe n'icabona hagati yawe nanje.» 45 Yakobo atora ibuye, arishinga bwa nkingi. 46 Yakobo abwira benewabo ati: «Nimwegeranye amabuye.» Barayegeranya bayagira ikirundo, baraheza bafungurira kuri nya kirundo nyene. 47 Rabani acita Yegari Sahaduta, Yakobo na we acita Garehedi. 48 Rabani avuga ati: «Iki kirundo kibaye icabona hagati yawe nanje uyu musi.» Ni co gituma bacise Garehedie. 49 Bacita kandi Mitsepaf kuko Rabani yari yavuze ati: «Umukama arama aturereka twese igihe umwe atazoba akibona uwundi. 50 Niwafata nabi abakobwa banje, niwabaharika, nta muntu n'umwe turi kumwe, umenye ko Imana ari Yo cabona hagati yanje nawe.» 51 Rabani abwira Yakobo ati: «Itegereze iki kirundo c'amabuye, wongere witegereze iyi nkingi y'ibuye nashinze hagati yawe nanje. 52 Iki kirundo c'amabuye ni icabona; iyi nkingi y'ibuye ni icabona. Jewe sinzorengana iki kirundo ngo nze iyo iwawe, na we ntuzorengana iki kirundo n'iyi nkingi ngo uze iwanje gukora ikibi. 53 Imana ya Aburahamu, Imana ya Nahori, Imana ya ba se nibe umucamanza hagati yacu.» Yakobo arahira Muterakobag wa se wiwe Izahaki. 54 Yakobo aherereza imbagwa kuri uyo musozi, atumira benewabo ngo barye, baraheza bararya, bamara ijoro ryose kuri uyo musozi.