Ikigabane ca 32

Kuva Wikipedia

1 Rabani avyuka kare mu gitondo, agwa mu nda abahungu biwe n'abakobwa biwe, arabahezagira, araheza asubira iwe. 2 Yakobo na we ashishikara urugendo rwiwe. Abamarayika b'Imana bahura na we. 3 Ababonye, Yakobo avuga ati: «Aha hantu ni icumbi ry'ingabo z'Imana». Ico kibanza aca acita Mahanayimu.

Yakobo yitegurira guhura na Ezawu

4 Yakobo arungika intumwa imbere yiwe kwa mukuruwe Ezawu mu gihugu ca Sehiri, mu ntara y'Ubwedomu. 5 Abategeka ati: «Muze kubwira databuja Ezawu muti: Umusuku wawe Yakobo yadutumye ati: Narabaye kwa Rabani ndahateba gushika ubu. 6 Ndatunze impfizi z'inka n'indogobwe, ibitungwa bitobito, abasuku n'incoreke; ndungitse ababimenyesha databuja Ezawu kugira ngo undabe ryiza.» 7 Izo ntumwa zigaruka kwa Yakobo zivuga ziti: «Twaragiye kwa mwenewanyu Ezawu. Na we kandi ariko araza kugutegera, azananye n'abantu amajana ane.» 8 Yakobo ubwoba buramutekera, amaganya aramwuzura. Abantu bari kumwe na we abagabura mu migwi ibiri, hamwe n'ibitungwa bitobito na bininibinini n'ingamiya; 9 yibwira ati: «Ezawu niyatera umugwi umwe muri yo akawunyaga, uwusigaye urokoke.» 10 Yakobo avuga ati: «Mana ya data Aburahamu, Mana ya data Izahaki, wewe Mukama wambwiye uti: Subira mu gihugu cawe, mu mavukiro yawe, nanje nzokugirira neza, 11 nta co maze, sinari nkwiye ivyiza vyose n'ubuntu bwose wagiriye umusavyi wawe! Nkako, nari najabutse uruzi Yorodani mfise inkoni yanje gusa, none ubu mfise imigwi ibiri. 12 Ndagusavye, unkure mu vyara vya mukurwanje, mu vyara vya Ezawu kuko ndamutinya, ntinya ko yohava aza kutwica, jewe, abana na nyina. 13 Ni wewe wavuze uti: Nzokugirira neza, kandi nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n'umusenyi wo ku kiyaga ata wushobora guharura kuko ruzoba isinzi.» 14 Arara ngaho iryo joro. Acagura mu vyo yari afise ishikanwa ashira mukuruwe Ezawu: 15 impene zivyara amajana abiri, amasuguru mirongo ibiri, intama zivyara amajana abiri n'impfizi z'intama mirongo ibiri, 16 ingamiya zonsa mirongo itatu hamwe n'imitavu yazo, inka mirongo ine n'impfizi icumi, indogobwe zivyara mirongo ibiri n'imitavu y'indogobwe icumi. 17 Ahereza abasuku biwe ubusho bumwebumwe ukwabwo, ababwira ati: «Gende imbere yanje, kandi musige umwanya hagati y'ubusho n'ubundi.» 18 Ategeka uwuri imbere ati: «Nimwahura na mukurwanje Ezawu akakubaza ati: Uri uwo kwa nde? Uja hehe? Ivyo ushoreye ni ivya nde?, 19 uramwishura uti: Ni ivy'umusavyi wawe Yakobo. Ni ishikanwa arungikiye umuhanyi wiwe Ezawu, kandi na we nyene ng'uwo ari inyuma yacu.» 20 Ategeka gutyo uwa kabiri, be n'uwa gatatu, n'abandi bose bashoreye ubusho. Ababwira ati: «Uko ni ko muzobwira Ezawu nimwamubona. 21 Muzomubwire muti: Umusavyi wawe Yakobo na we nyene ari inyuma yacu.» Nkako yibwira ati: «Nzoba ndamuhoyahoyesha iri shikanwa ribaye riritangira, hanyuma mbone kumuseruka mu maso. Kumbure hari aho yonyakira neza.» 22 Ishikanwa riba riritangira imbere yiwe, ariko we arara mw'icumbi muri iryo joro.

Yakobo anagana n'Imana

23 Muri iryo joro nyene, aravyuka, ahitana abagore biwe babiri, incoreke ziwe zibiri, n'abana biwe icumi n'umwe, ajabuka icambu ca Yaboki. 24 Arabafata, abajabutsa uruzi, ajabutsa n'ivyiwe. 25 Yakobo asigara wenyene. Haza umugabo, anagana na we gushika umutwenzi ukitse. 26 Abonye atari bumutsinde, akora kw'imerero ry'itako ryiwe, imerero ry'itako rya Yakobo rica riratirigana bakiriko baranagana. 27 Uwo mugabo amubwira ati: «Ndekura ngende kuko umutwenzi urakitse.» Yakobo na we avuga ati: «Sindakurekura utampezagiye.» 28 Aramubaza ati: «Izina ryawe ni irihe?» Yishura ati: «Yakobo.» 29 Avuga ati: «Ntibazosubira kukwita Yakobo, uzokwitwa Isarayeri, kuko wanaganye n'Imana ukanagana n'abantu kandi ugatsinda.» 30 Yakobo amubwira ati: «Ndagusavye umbwire izina ryawe.» Avuga ati: «Ni kuki umbaza izina ryanje?» Aca aramuhezagirira aho nyene. 31 Yakobo yita aho hantu Peniyeri, ati: «Kuko nabonye Imana imbonankubone kandi nkaba nkiriho.» 32 Izuba riseruka ajabutse Penuweri, acumbagira kubera itako ryiwe. 33 Ni co gituma n'ubu bene Isarayeri batarya umutsi wo kw'imerero ry'itako, kuko uwo mugabo yakoze Yakobo ku mutsi wo kw'imerero ry'itako.