Ikigabane ca 33

Kuva Wikipedia

Yakobo ahura na Ezawu

1 Yakobo araramura amaso, abona ng'uwo Ezawu arashitse, ari kumwe n'abantu amajana ane. Abana abagabanganya Reya na Rakeri na za ncoreke zibiri. 2 Aherereza imbere incoreke n'abana bazo. Reya n'abana biwe barakurikira, Rakeri na Yozefu baza mu nyuma. 3 We nyene ubwiwe abaja imbere, akubita ibipfukamiro hasi incuro indwi gushika ashikire mukuruwe. 4 Ezawu ariruka aja kumusanganira, amugwa mu bitugu, aramugumbira, aramusoma, baca bararira. 5 Ezawu araramura amaso, abona abagore n'abana. Hanyuma amubaza ati: «Barya muri kumwe ni bande?» Amwishura ati: «Ni abana Imana yahaye umusavyi wawe.» 6 Incoreke ziregera, zo n'abana bazo, bakubita ibipfukamiro hasi. 7 Reya na we kandi aregera n'abana biwe, bakubita ibipfukamiro hasi. Hanyuma Yozefu na Rakeri baregera, bakubita ibipfukamiro hasi. 8 Ezawu amubaza ati: «Iryo sinzi twahuye uzorikoza iki?» Yakobo yishura ati: «Ni iryo kugira ngo umuhanyi wanje andabe ryiza!» 9 Ezawu avuga ati: «Mfise vyinshi mwana wa mama; ivyawe nibigume iwawe!» 10 Yakobo avuga ati: «Ntirikabe! Niwaba wandavye ryiza, niwakire iri shikanwa ndakuzaniye; nkako, nabonye amaso yawe nk'uko babona amaso y'Imana, uraheza unyakira neza. 11 Kunda unyakirire umugisha nakuzaniye, kuko Imana yarampunze ivyiza none mfise vyose.» Aramugobera, arakira.

Yakobo atandukana na Ezawu

12 Ezawu avuga ati: «Ingo duhaguruke tugende; nza kugendera imbere yawe.» 13 Yakobo na we ati: «Umuhanyi wanje arazi ko abana batarakomera, kandi ko mfise ibitungwa bitobito na bininibinini vyonsa, babihutagije, naho woba ari umusi umwe gusa, ubusho bwose bwoca bupfa. 14 Umuhanyi wanje nagende imbere y'umusavyi wiwe. Jewe ndaza bukebuke nkurikiza ingendo y'ubusho nshoreye n'iy'abana, gushika nshike iw'umuhanyi wanje i Sehiri.» 15 Ezawu avuga ati: «Reka ndagusigarane bamwe mu bagendanyi banje.» Yakobo avuga ati: «Kubera iki kandi wewe muhanyi wanje wandavye ryiza?» 16 Uyo musi nyene, Ezawu afata inzira asubira i Sehiri. 17 Yakobo na we aja i Sukoti, yubakaho inzu yiwe, agira n'impongore z'ubusho bwiwe. Ni co catumye aho hantu ahita Sukotia.

Yakobo agerera i Sikemu muri Kanahani

18 Yakobo ashika amahoro mu gisagara ca Sikemu kiri mu gihugu ca Kanahani avuye i Padani Aramu, araheza acumbika imbere y'igisagara. 19 Ikizinga c'ubwatsi yashinzemwo ihema ryiwe, yakiguze amakesitab ijana na bene Hamori, se wa Sikemu. 20 Yubakaho uruhimbi, arwita «Eric Imana y'Isarayeri.»