Ikigabane ca 34

Kuva Wikipedia

Simeho na Revi bahora mushiki wabo Dina

1 Dina, wa mukobwa Reya yavyarira Yakobo, agenda gutemberera abakobwa bo muri ico gihugu. 2 Sikemu, umuhungu wa Hamori Umuhivi, umutware w'ico gihugu, aramubona, aramuraha, aryamana na we kandi amusambanya ku gahato. 3 Umutima wiwe urahukira Dina, umukobwa wa Yakobo, arakunda uwo mukobwa, ayagira uwo mukobwa irimushika ku mutima. 4 Sikemu abwira se wiwe Hamori ati: «Uransabira urya murondo, abe umugore wanje.» 5 Yakobo yumva ko umukobwa wiwe Dina yahumanye, ariko kubera ko abahungu biwe bari bakiri kumwe n'ubusho ku muvumba, arinumira gushika bagarutse. 6 Hamori, se wa Sikemu, aragenda, aja gukebukana na Yakobo. 7 Abahungu ba Yakobo baragaruka bavuye ku muvumba. Bumvise ivyabaye, abo bagabo barababara, bararakara cane, kuko Sikemu yari yakoze ibara muri Isarayeri mu gusambanya umukobwa wa Yakobo. Ivyo ntivyagirwa, cari ikizira. 8 Hamori ababwira ati: «Umutima w'umuhungu wanje Sikemu, wararahukiye umukobwa wanyu; ndabasavye mumumuhe abe umugore wiwe, 9 muze dushingiranire, muzoduhe abakobwa banyu, namwe muzotware abakobwa bacu. 10 Nimubane natwe, igihugu ng'ico imbere yanyu. Nimukibemwo, mukidandarizemwo, mugifatemwo amatongo.» 11 Sikemu abwira se w'uwo mwigeme na basazawe ati: «Nimundabe ryiza nzobaha ico muzombwira. 12 Nimunsabe inkwano nini n'udushimwe twinshi, nzobitanga uko muzoba mwabimbwiye, ariko mumpe uwo mukobwa abe umugore wanje.» 13 Abahungu ba Yakobo bishura Sikemu na se wiwe Hamori, ariko bahinyika, kuko Sikemu yari yahumanije mushiki wabo Dina. 14 Bababwira bati: «Ntidushobora kugira ico uvuze: gushingira mushiki wacu ku mugabo atagenyerewe, ryoba ari ibara kuri twebwe. 15 Tuzovyemera mubanje kumera nkatwe, mukagenyera zina muhungu wanyu wese. 16 Ni ho tuzobashingira abakobwa bacu, natwe tugatora abageni mu b'iwanyu. Tuzobana namwe, ducike igisata kimwe. 17 Mutatwemereye ko mugenyerwa, turabaka umukobwa wacu twigire.» 18 Ayo majambo yabo arashimisha Hamori n'umuhungu wiwe Sikemu. 19 Uwo musore ntiyatevye kugira ivyo bari bavuze, kuko yashaka cane umukobwa wa Yakobo, kandi yarubahwa mu rugo kwa se. 20 Hamori n'umuhungu wiwe Sikemu baja kw'irembo ry'igisagara cabo, babwira abagabo bo muri ico gisagara cabo bati: 21 «Abo bagabo ni abanyamahoro, nibibere hano mu gihugu cacu, bahadandarize, mbona iki gihugu cagutse kuri bo; turongore abakobwa babo, natwe tubahe abacu. 22 Abo bagabo ntibazokwemera kubana natwe ngo tube igisata kimwe, tutemeye kugenyera abahungu bacu bose nk'uko na bo bagenyerewe. 23 None ubusho bwabo, itunga ryabo, ibitungwa vyabo vyose, ntibizoba ivyacu? Ingo tubemerere gusa, baheze babane natwe.» 24 Abasohoka baca mw'irembo ry'igisagara bose barumvira Hamori n'umuhungu wiwe Sikemu. Abahungu bose baca mw'irembo ry'igisagara baragenyerwa. 25 Ku musi ugira gatatu, abo bantu bakiduregwa, abahungu babiri ba Yakobo, Simeho na Revi, basaza ba Dina, umwe wese ahitana inkota yiwe, binjira ata nkomanzi mu gisagara, bica zina muhungu wese. 26 Bicisha inkota Hamori n'umuhungu wiwe Sikemu, bakura Dina mu nzu kwa Sikemu, barigira. 27 Bene Yakobo barengera kuri abo bakidurezwe, barabica, basahura n'igisagara, kuko abaho bari bahumanije mushiki wabo. 28 Banyaga ibitungwa vyabo bitobito na bininibinini, indogobwe zabo, eka ico cose cari mu gisagara n'ico cose cari mu mirima. 29 Batwara itunga ryabo ryose, abana babo bose n'abagore babo, babasahura ivyari mu nzu vyose. 30 Yakobo abwira Simeho na Revi ati: «Mwakankoreye, mu kunkwegera urwanko rw'ababa muri iki gihugu, Abakanahani n'Abaperizi. Ehe mfise abantu bake, bazonkoranira bantere, bamponye twe n'umuryango wanje.» 31 Bishura bati: «None ntiyari yafashe mushiki wacu nk'umusambanyi?»