Ikigabane ca 35

Kuva Wikipedia

Yakobo ava i Sikemu akaja i Beteri

1 Imana ibwira Yakobo iti: «Haguruka, uduge i Beteri kandi ube ari ho uguma, uheze wubakireho uruhimbi Imana yakubonekeye aho wariko urahunga mukurwawe Ezawu.» 2 Yakobo abwira umuryango wiwe n'abo bari kumwe bose ati: «Nimukureho imana z'abanyamahanga ziri muri mwebwe. Nimwityorore kandi muhindure ivyambarwa vyanyu. 3 Ingo duhaguruke tuduge i Beteri, nubakireho uruhimbi Imana yanyumviye ndi mu kaga, ikagumana nanje mu nzira naciyemwo.» 4 Bahereza Yakobo imana z'abanyamahanga zari mu minwe yabo, be n'amahereni bari bambaye ku matwi; Yakobo abizika munsi y'umumanda hafi ya Sikemu. 5 Baca baragenda, Imana itera ubwoba ibisagara bibakikije, abaho ntibakurikirana bene Yakobo. 6 Yakobo ashika i Ruzi, ari ho Beteri, mu gihugu ca Kanahani, we n'abantu bose bari kumwe. 7 Ahubaka uruhimbi, aca yita aho hantu Eri Beteri, kuko ari ho Imana yari yamwihishuriye aho yariko arahunga mukuruwe. 8 Debora, yari yashinzwe kurera Rebeka, arapfa, bamufuba hepfo y'i Beteri, munsi y'umumanda Yakobo yaciye yita Umumanda w'Amarira. 9 Imana yongera kubonekera Yakobo igihe yariko arava i Padani Aramu, iramuhezagira. 10 Imana imubwira iti: «Izina ryawe ni Yakobo. Ntibagisubira kukwita Yakobo, ariko Isarayeri ni ryo rizoba izina ryawe.» Ni uko, Imana imwita Isarayeria. 11 Imana imubwira iti: «Ndi Imana Mushoboravyose. Nurondoke, ugwire. Igihugu n'isinzi ry'amakungu bizokomoka kuri wewe; abami bazova mu rura rwawe. 12 Intara nahaye Aburahamu na Izahaki, ndayiguhaye na we, n'uruvyaro rwawe ruzoza mu nyuma zawe nzoruha iyi ntara.» 13 Imana iraduga iva aho yari yamuganiririje. 14 Yakobo ashinga inkingi aho Imana yari yamuganiririje, inkingi y'ibuye, ayisukako umwengo, ayisukako n'amavuta. 15 Yakobo yita Beteri aho hantu Imana yamuganiririje.

Ivuka rya Benyamini

16 Bava i Beteri baragenda. Hagisigaye urugendo rutari ruto ngo bashike i Yefurata, Rakeri aribaruka, ariko avyara iyo nda ibanje kumugora. 17 Igihe yariko aravyara bimugora, umwakirizi aramuremesha ati: «Reka gutinya, ugira uronke uwundi muhungu.» 18 Ariko aracikana, imbere y'uko gaca, yita uwo mwana Benonib, ariko se wiwe amwita Benyaminic. 19 Rakeri arapfa, bamufuba ku nzira ija i Yefurata, ari ho Beterehemu. 20 Yakobo ari we Isarayeri ashinga ibuye ry'icibutso ku mva yiwe. N'uyu musi, ni ibuye ry'icibutso ca Rakeri. 21 Isarayeri aragenda, ashinga ihema ryiwe hirya ya Migedari Hederi. 22 Mu gihe Isarayeri yaba muri iyo ntara, Rubeni aryamana na Bireha, umuhabara wa se wiwe, kandi Isarayeri arabimenyad. Bene Yakobo ari we Isarayeri bari icumi na babiri. 23 Abahungu ba Reya ni Rubeni, imfura ya Yakobo, Simeho, Revi, Yuda, Isakari na Zaburoni. 24 Abahungu ba Rakeri ni Yozefu na Benyamini. 25 Abahungu ba Bireha incoreke ya Rakeri ni Dani na Nefutari. 26 Abahungu ba Zirepa incoreke ya Reya ni Gadi na Asheri. Abo ni bo bahungu Yakobo yavyariye i Padani Aramu. 27 Yakobo ashika kwa se Izahaki, i Mamure muri Kiriyati Areba, ari ho Heburoni, aho Aburahamu na Izahaki bari barabaye. 28 Imisi Izahaki yamaze, ni imyaka ijana na mirongo umunani. 29 Izahaki aracikana, apfa ashaje ageze mu zabukuru. Ahamvya abiwe. Abahungu biwe Ezawu na Yakobo baramufuba.