Ikigabane ca 36

Kuva Wikipedia

Ezawu mu Bwedomu

1 Ng'uru uruvyaro rwa Ezawu ari we Edomu. 2 Ezawu yabiriye abagore mu bakobwa b'i Kanahani. Abo na bo ni Hada umukobwa wa Eroni Umuheti, Ohoribama umukobwa wa Anahi, umukobwa wa Tsibehoni Umuhivi, 3 na Basemati umukobwa wa Yishemaheri, akaba mushiki wa Nebayoti. 4 Hada yavyariye Ezawu Erifazi, Basemati na we amuvyarira Rehuweri. 5 Ohoribama yavyaye Yehushi, Yaramu na Korahi. Abo ni bo bahungu Ezawu yavyariye mu gihugu ca Kanahani. 6 Ezawu ahitana abagore biwe, abahungu biwe, abakobwa biwe, abantu bose bo mu rugo iwe, ubusho bwiwe, ibitwazi vyiwe vyose, hamwe n'amatungo yose yari yaronkeye mu gihugu ca Kanahani, agenda mu kindi gihugu, aja kure ya murumunawe Yakobo. 7 Nkako, amatungo yabo yari yabaye menshi ku buryo batari bagishobora kubangikana, igihugu bari bigeruriyemwo nticashobora kubakwira bompi kubera ubusho bwabo. 8 Ezawu rero agerera ku musozi Sehiri. Ezawu ni we Edomu.

Uruvyaro rwa Ezawu

9 Ng'uru uruvyaro rwa Ezawu se w'Abedomu baba ku musozi Sehiri. 10 Ng'aya amazina y'abahungu ba Ezawu: Erifazi, umuhungu wa Hada, umugore wa Ezawu, na Rehuweri, umuhungu wa Basemati umugore wa Ezawu. 11 Abahungu ba Erifazi ni Temani, Omari, Tsefo, Gahetamu na Kenazi. 12 Timuna na we yari umuhabara wa Erifazi umuhungu wa Ezawu, araheza avyarira Erifazi umuhungu yitwa Hamareki. Abo ni bo bahungu ba Hada umugore wa Ezawu. 13 Ng'aba bene Rehuweri: Nahati, Zerahi, Shama na Miza. Abo ni bo bahungu ba Basemati umugore wa Ezawu. 14 Ng'aba abahungu ba Ohoribama, umukobwa wa Anahi, umukobwa wa Tsibehoni, umugore wa Ezawu; yavyariye Ezawu Yehushi, Yaheramu na Korahi. 15 Ng'aba abatware b'abahungu ba Ezawu: Bene Erifazi, imfura ya Ezawu ni umutware Temani, umutware Omari, umutware Tsefo, umutware Kenazi, 16 umutware Korahi, umutware Gahetamu, umutware Hamareki. Abo ni bo batware ba Erifazi mu ntara y'Ubwedomu, bakaba ari abahungu ba Hada. 17 Ng'aba bene Rehuweri, umuhungu wa Ezawu: umutware Nahati, umutware Zerahi, umutware Shama, umutware Miza. Abo ni bo batware ba Rehuweri mu ntara y'Ubwedomu, ni bo bahungu ba Basemati umugore wa Ezawu. 18 Ng'aba abahungu ba Ohoribama, umugore wa Ezawu: umutware Yehushi, umutware Yaheramu, umutware Korahi. Ni bo batware ba Ohoribama umukobwa wa Anahi, umugore wa Ezawu. 19 Abo rero ni bo bene Ezawu n'abatware babo. Ezawu ni we Edomu. 20 Ng'aba bene Sehiri Umuhori baba muri ico gihugu: Rotani, Shobari, Tsibehoni, Anahi, 21 Dishoni, Etseri na Dishani. Ni bo batware b'Abahori, bene Sehiri, mu ntara y'Ubwedomu. 22 Bene Rotani, ni Hori na Hemami; mushiki wa Rotani na we ni Timuna. 23 Ng'aba bene Shobari: Harevani, Manahati, Hebari, Shefo na Onamu. 24 Ng'aba bene Tsibehoni: Aya na Anahi. Anahi ni we yubuye amashuha mu bugaragwa, aragiye indogobwe za se wiwe Tsibehoni. 25 Ng'aba bene Anahi: Dishoni na Ohoribama umukobwa wa Anahi. 26 Ng'aba bene Dishoni: Hemedani, Eshebani, Yiterani na Kerani. 27 Ng'aba bene Etseri: Birehani, Zahavani, Hakani. 28 Ng'aba bene Dishani: Hutsi na Arani. 29 Ng'aba abatware b'Abahori: umutware Rotani, umutware Shobari, umutware Tsibehoni, umutware Anahi, 30 umutware Dishoni, umutware Etseri, umutware Dishani. Abo ni bo batware b'Abahori hakurikijwe imiryango yabo mu gihugu ca Sehiri. 31 Ng'aba abami batwaye intara y'Ubwedomu imbere y'uko hima umwami wa bene Isarayeri. 32 Berahi, mwene Behori yaganza Ubwedomu. Igisagara ciwe citwa Dinehaba. 33 Berahi arapfa, Yobabu mwene Zerahi w'i Botsera aganza mu kibanza ciwe. 34 Yobabu arapfa, Hushamu wo mu gihugu c'Abateyimani aganza mu kibanza ciwe. 35 Hushamu arapfa, Hadadi mwene Bedadi aganza mu kibanza ciwe. Ni we yatsinze Madiyani mu mataba y'Ubumowabu. Igisagara ciwe citwa Haviti. 36 Hadadi arapfa, Samura w'i Masereka aganza mu kibanza ciwe. 37 Samura arapfa, Sawuri w'i Rehoboti iri ku ruzi aba ari we aba umwami mu kibanza ciwe. 38 Sawuri arapfa, Bahari Hanani, mwene Hakebori aganza mu kibanza ciwe. 39 Bahari Hanani, mwene Hakebori arapfa, Hadari aganza mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Pahu. Umugore wiwe yitwa Mehetaberi, umukobwa wa Materedi, umukobwa wa Mezahabu. 40 Ng'aya amazina y'abatware bakomotse kuri Ezawu hakurikijwe imiryango yabo, intara zabo n'amazina yabo: umutware Timuna, umutware Hareva, umutware Yeteti, 41 umutware Ohoribama, umutware Era, umutware Pinoni, 42 umutware Kenazi, umutware Temani, umutware Mibetsari, 43 umutware Magediyeri n'umutware Hiramu. Abo ni bo batware b'Ubwedomu hakurikijwe intara zabo mu gihugu bari barikebeye. Ezawu ni we se w'Abedomu.