Ikigabane ca 37

Kuva Wikipedia

1 Yakobo yaba mu gihugu se yari yagiye arabamwo, ari co gihugu c'i Kanahani.

IVYEREKEYE YOZEFU

Indoto za Yozefu

2 Ng'ibi ivyerekeye uruvyaro rwa Yakobo: Yozefu, amaze imyaka icumi n'indwi, yaragirana ibitungwa na benewabo. Akiri umwana yamana n'abahungu ba Bireha n'abahungu ba Zirepa, abagore ba se, akaza aramenyesha se amajambo yabo mabi. 3 Yakobo ari we Isarayeri yakunda Yozefu gusumba abahungu biwe bose, kuko yari umuhungu wo mu busaza bwiwe. Yari yaramugiriye ikanzu y'amagarwe. 4 Benewabo barabona ko amukunda kubarusha bose, na bo ni ko kumwanka, ntibaba bagishobora kumuganiriza mu mahoro. 5 Yozefu ararota, arotorera benewabo; noneho barushirizaho kumwanka. 6 Ababwira ati: «Nimwumvirize indoto naraye ndose: 7 Twariko turatekera imiganda mu mirima, nza mbona umuganda wanje urivyuye urahagarara. Mbona imiganda yanyu irawukikije, yunamira umuganda wanje.» 8 Benewabo bamwishura bati: «Ugomba kuzotuganza nk'umwami? Canke kuzodutegeka?» Noneho barushirizaho kumwanka kubera indoto ziwe n'amajambo yiwe. 9 Yozefu asubira kurota izindi ndoto, azirotorera benewabo, avuga ati: «Nasubiriye kurota izindi ndoto: narose izuba n'ukwezi n'inyenyeri icumi n'imwe binyunamira.» 10 Azirotorera se na benewabo; se aramukankamira avuga ati: «Izo ndoto warose ni nyabaki? Ni ukuvuga ko jewe, nyoko wawe na benewanyu tuzoza gukubita inkoro hasi imbere yawe?» 11 Benewabo bamugirira ishari, ariko se wiwe azigama ayo majambo.

Yozefu agurishwa na benewabo

12 Benewabo bari bagiye kuragira ubusho bwa se i Sikemu. 13 Isarayeri abwira Yozefu ati: «Benewanyu ntibagiye i Sikemu kuragira? Ingo ndakurungike iyo bari.» Na we amubwira ati: «Ndi hano.» 14 Amubwira ati: «Genda urabe ko benewanyu bari mu mahoro, ko n'ibitungwa biri mu mahoro, uheze ugaruke kumbwira.» Amurungika mu kiyaya c'i Heburoni, Yozefu ashika i Sikemu. 15 Umuntu amusanga ariko arazimagirika mu gahinga. Nya muntu aramubaza ati: «Urondera iki?» 16 Yishura ati: «Ndondera benewacu. Ndagusavye undangire aho baragiye.» 17 Uwo muntu amwishura ati: «Bagiye bava ngaha, kuko nabumvise bavugana ngo nimuze tugende i Dotani.» Yozefu akomeza akurikira benewabo, abasanga i Dotani. 18 Bamubona akiri kure. Atarabashikira bamugira inama y'ukumwica. 19 Bavugana bati: «Ng'urya wa mugabo w'indoto araje. 20 Ubu rero, ingo tumwice, tumute muri kimwe muri ivyo bishimu, tuzovuga ko igikoko kibi camuriye, duheze turabe ico indoto ziwe zizana!» 21 Rubeni avyumvise, amukura mu vyara vyabo. Ababwira ati: «Ntitumwicire ubuzima.» 22 Kugira ngo amubakure mu vyara aheze amusubize se, Rubeni ababwira ati: «Ntimusese amaraso! Nimumute muri iki gishimu co mu bugaragwa, ariko ntimumukozeko iminwe.» 23 Yozefu ashikiriye benewabo, bamwambura ikanzu yiwe y'amagarwe yari yambaye. 24 Baramufata, bamuta mu gishimu; ico gishimu caragaragara, nta mazi yarimwo. 25 Hanyuma baricara ngo birire ivyokurya. Bararamuye amaso, babona umurongo w'ingamiya z'Abayishemaheri baje bava i Garahadi, ingamiya zabo zikoreye uburembo, imbazi zimoga neza n'imira. Bari babishoye mu Misiri. 26 Yuda abwira benewabo ati: «Twoba twungutse iki twishe mwenewacu tugapfukira amaraso yiwe? 27 Ingo tumugurishe ku Bayishemaheri, ariko ntitumukozeko iminwe, kuko ni mwenewacu, ni umubiri wacu.» Benewabo baramwumvira. 28 Haza abantu, abadandaza b'Abamadiyani bihitira, bakwega Yozefu, bamukura mu gishimu, bamugurisha ku Bayishemaheri amafeza mirongo ibiri, na bo bamujana mu Misiri. 29 Rubeni agarutse ku gishimu, asanga Yozefu atakiri muri co. Atabagura impuzu ziwe, 30 aca asubira kwa benewabo avuga ati: «Wa mwana ko atakiriyo none jeho ndagikwirwa hehe?» 31 Bafata ya kanzu ya Yozefu, bayivayanga mu maraso y'agahushi banize. 32 Barungikira se wiwe iyo kanzu y'amagarwe bavuga bati: «Ni iyo twatoye. Raba ko yoba ari ya kanzu y'umuhungu wawe canke ko atari yo.» 33 Arayimenya, araheza avuga ati: «Ni ikanzu y'umuhungu wanje. Igikoko kiryana caramuriye, yaratandaguwe Yozefu, yaratandaguwe.» 34 Yakobo atabagura impuzu ziwe, akenyera igunira, agandarira umuhungu wiwe imisi myinshi. 35 Abahungu biwe bose n'abakobwa biwe bose baza kumuhoza, ariko aranka guhozwa, ababwira ati: «Nzorinda mpamvya umuhungu wanje mu kuzimu nkimugandariye.» Se aguma amuririra. 36 Abamadiyani bamugurisha mu Misiri kwa Potifari, umugendanyi wa Farawoni, umukuru w'abarinzi.