Ikigabane ca 38

Kuva Wikipedia

Yuda n'umukazana wiwe Tamari

1 Muri ico gihe nyene, Yuda aramanuka ava kwa benewabo, aja ku Muhaduramu yitwa Hira. 2 Yuda abonayo umukobwa w'umugabo w'Umukanahani yitwa Shuwa. Aramutwara, aramurongora. 3 Shuwa asama inda, avyara umuhungu amwita Heri. 4 Asama inda y'ubuheta, avyara umuhungu amwita Onani. 5 Asama inda y'ubuheture, avyara umuhungu amwita Shera. Yuda yavyaye Shera aba i Kezibu. 6 Asabira imfura yiwe Heri umugeni yitwa Tamari. 7 Heri, imfura ya Yuda aba mubi mu maso y'Umukama, Umukama na we aramwicaa. 8 Yuda abwira Onani ati: «Egera umugore wa mwenewanyu, umurongore, urondore mwenewanyub.» 9 Ariko Onani yari azi ko atari we azoba arondotse. Aho hose rero aryamanye n'uwo mugore wa mwenewabo yaca arekurira intanga hasi, kugira ngo ntarondore mwenewabo. 10 Ivyo yagira biba bibi mu maso y'Umukama, ni ko kumwica na we. 11 Yuda abwira Tamari umukazana wiwe ati: «Uraba uragumye mu nzu kwa so uri umupfakazi, gushika aho umuhungu wanje Shera azokurira.» Nkako, yibwira ati: «Na we ntahave apfa nka benewabo.» Tamari agenda kuba mu nzu kwa se. 12 Haheze imisi myinshi, umukobwa wa Shuwa umugore wa Yuda arapfa. Amaze kuganduka, Yuda aduga i Timuna ari kumwe n'umugenzi wiwe Hira Umuhaduramu, ahari abamwa ubwoya ubusho bwiwe. 13 Babimenyesha Tamari bati: «Sobukwe araduze i Timuna kumwa ubwoya bw'ubusho bwiwe.» 14 Yambura impuzu z'ubupfakazi, yambara umwitwikiro, ariyoberanya aja kwicara kw'irembo ry'igisagara citwa Enayimu, ku nzira ija i Timuna. Nkako, yarabona ko Shera yakuze ariko bataramumushingira. 15 Yuda amubonye yibaza ko ari umumaraya kuko yari yipfutse mu maso. 16 Aramwegera aho ari ku nzira amubwira ati: «Ndasavye nze ndyamane nawe.» Ntiyari yamenye ko ari umukazana wiwe Tamari. Avuga ati: «Uza kumpa iki niwaza tukaryamana?» 17 Yuda avuga ati: «Nzokurungikira umwagazi w'impene nkuye mu busho bwanje.» Tamari na we avuga ati: «Kiretse umpaye ingwati gushika uwundungikiye.» 18 Yuda na we ati: «Ushaka ingwati nyabaki?» Yishura ati: «Mpa ikidodo cawe, umukanda wawe n'iyo nkoni yawe ufise mu minwe.» Arabimuha, aramwegera, asama inda yiwe. 19 Hanyuma arahaguruka aragenda, yambura wa mwitwikiro, asubira kwambara impuzu z'ubupfakazi. 20 Yuda arungikana umugenzi wiwe w'Umuhaduramu wa mwagazi w'impene kugira ngo agombore ibintu vyiwe yari yagwatirije kwa wa mugore, ariko ntiyamubona. 21 Abaza abantu b'aho ati: «Umusambanyi yahora ku nzira y'i Enayimu ari hehe?» Bishura bati: «Nta musambanyi yigeze aha.» 22 Asubira kwa Yuda amubwira ati: «Sinamubonye, kandi n'abantu b'aho bampakaniye ko ata musambanyi yahigeze.» 23 Yuda avuga ati: «Reka abigumye, twoye kwiha amenyo y'abasetsi, yaba jewe namurungikiye umwagazi w'impene, canke wewe wamubuze!» 24 Haciye amezi atatu, babwira Yuda bati: «Umukazana wawe Tamari yarasambanye, none arafise inda yakuye mu buhumbu bwiwe!» Yuda abishura ati: «Nimumute hanze aturirwe!» 25 Bakimusohora, atuma uwuja kubwira sebukwe ati: «Umugabo nyene ibi bintu ni we yanteye inda.» Yongerako ati: «Numenye neza nyene iki kidodo, nyene uwu mukanda n'iyi nkoni.» 26 Yuda arabimenya, araheza avuga ati: «Arandushije kuba intungane, kuko ntamushingiye umuhungu wanje Shera.» Ntiyabaye agisubira kumwegera kuva ubwo. 27 Igihe c'ukwibaruka kigeze, asanga yari atwaye inda y'amahasa. 28 Ariko aribaruka, umwana umwe atangura kuzana igikonjo; umwakirizi aragifata, acambika akanyuzi gatukura avuga ati: «Uwu ni we yavutse ubwa mbere.» 29 Hanyuma asubije igikonjo inyuma, mwenewabo aba ari we avuka. Umwakirizi avuga ati: «Mbega waronse intoboro ucamwo gute?» Ni ko kumwita Peretsic. 30 Mu nyuma havuka mwenewabo yari afise ka kanyuzi gatukura ku gikonjo, bamwita Zerahid.