Ikigabane ca 39

Kuva Wikipedia

Yozefu kwa Potifari

1 Bamaze kumanukana Yozefu mu Misiri, Potifari umugabo w'umunyamisiri, umwishikira kwa Farawoni akaba n'umukuru w'abarinzi, amugura n'Abayishemaheri bari bamumanukanye. 2 Umukama agumana na Yozefu, bituma aba umuntu atunganiwe. Yaba mu rugo kwa shebuja w'umunyamisiri. 3 Shebuja arabona ko Umukama ari kumwe na we, kandi ko ico yakora cose Umukama yakimuroraniriza. 4 Yozefu aratona kuri shebuja, kandi aramukorera. Na we amugira umubwiriza mukuru wo mu rugo rwiwe, aba ari we ashinga itunga ryiwe ryose. 5 Kuva aho amushingiye urugo rwiwe n'itunga ryiwe ryose, Umukama yaciye ahezagira urugo rw'uwo Munyamisiri, kubera Yozefu; umugisha w'Umukama ukwira ivyo atunze vyose, ivyo mu rugo n'ivyo mu mirima. 6 Ivyo atunze vyose yari yabishize mu minwe ya Yozefu, maze ntihagira ico aba agisubira kwitwararika atari ivyo arya vyonyene. Yozefu yari afise imero nziza akaryohera ijisho.

Yozefu n'umugore wa shebuja.

7 Ivyo biheze, umugore wa shebuja araramurira amaso yiwe kuri Yozefu, avuga ati: «Ingo turyamane.» 8 Ariko Yozefu aranka kandi abwira uwo mugore wa shebuja ati: «Ehe raba databuja, nta kintu co muri uru rugo yinona ari ho ndi, itunga ryiwe ryose yarishize mu minwe yanje. 9 Nta n'umwe muri uru rugo andusha ubukuru; nta co yanyimiriye atari wewe gusa kuko uri umugore wiwe. None nokora nte ikibi kinini gutyo, kandi ngacumura ku Mana?» 10 Yama abwira iryo jambo Yozefu uko bukeye uko bwije. Na we ntamwumvire ngo aryamane na we, canke ngo agumane na we. 11 Umusi urashika aho Yozefu agenda mu nzu gukora igikorwa ciwe, kandi nta mugabo n'umwe mu bantu b'urwo rugo yari mu nzu. 12 Wa mugore amusumira impuzu, amubwira ati: «Ingo turyamane.» Yozefu amutana iyo mpuzu mu minwe, arahunga, aja hanze. 13 Abonye amutanye impuzu yiwe mu minwe, ahunze agasohoka hanze, 14 wa mugore ahamagara abagabo baba mu rugo iwe ababwira ati: «Rabe! Batuzaniye umugabo w'umuhebereyi adukengera! Yansanze aho ndi ngo turyamane, nca nkoma induru cane. 15 Aho yumviye nshize ijwi hejuru nkoma induru, yaciye asiga impuzu yiwe hambavu yanje, arahunga, asohoka hanze.» 16 Agumiza iyo mpuzu ya Yozefu hambavu yiwe, gushika umugabo wiwe atahe i muhira. 17 Amubwira ivyo yahoze avuga ati: «Uwo muja w'Umuhebereyi watuzaniye, yansanze aho ndi ngo ampumbishe. 18 Nabaye ngishira ijwi hejuru nkoma induru, aca asiga iyi mpuzu yiwe hambavu yanje, ahungira hanze.» 19 Nyenurugo yumvise ivyo umugore wiwe amubwiye ati: «Ng'ivyo ivyo umuja wawe yangiriye», ishavu riramuniga.

Yozefu mw'ibohero

20 Shebuja wa Yozefu aramufata, amuta mw'ibohero, ahantu bapfungira imbohe z'umwami, aguma muri iryo bohero. 21 Umukama aba kumwe na Yozefu, amwereka ubuntu bwiwe, atuma arabwa ryiza n'umukuru w'ibohero. 22 Uwo mukuru w'ibohero ashinga Yozefu imbohe zose zo muri iryo bohero; ni we yagenzura ivyo bakorerayo vyose. 23 Umukuru w'ibohero ntiyabaye akigira ico araba mu vyo yashinze Yozefu vyose, kuko Umukama yari kumwe na we; ico cose yakora, Umukama yarakimutunganiriza.