Ikigabane ca 40

Kuva Wikipedia

1 Ivyo biheze, umusuku yahereza inyobwa umwami wa Misiri be n'uwacumba imikate, baracumura kuri shebuja, umwami wa Misiri. 2 Farawoni ashavurira abo bakevyi biwe babiri, umukuru w'abahereza inyobwa n'umukuru w'abahereza imfungurwa. 3 Abahereza ababacunga mu nzu y'umukuru w'abarinzi, aho Yozefu na we yari abohewe. 4 Umukuru w'abarinzi, agena Yozefu ngo abakorere. Bamara imisi mw'ibohero.

Yozefu arotora indoto z'abakevyi ba Farawoni

5 Izo mbohe zipfungiwe mw'ibohero uko ari zibiri, uwo yahereza inyobwa umwami wa Misiri n'uwahereza imfungurwa, zipfungiwe mw'ibohero, zirotera rimwe mw'ijoro; umwe wese arota indoto ziwe zifise insobanuro yazo. 6 Mu gitondo, Yozefu yinjira aho bari, asanga barajonjogoye. 7 Abaza abo bakevyi ba Farawoni bari bacunganywe na we mu nzu ya shebuja ati: «Ni kuki mwijiriwe uyu musi?» 8 Bamwishura bati: «Twarose indoto ata n'umwe ari bushobore gusobanura.» Yozefu ababwira ati: «None si Imana ishobora gusobanura indoto? Nimuzinyiganire.» 9 Umukuru w'abahereza inyobwa yiganira Yozefu indoto ziwe, amubwira ati: «Narose mbona igiti c'umuzabibu imbere yanje; 10 ico giti c'umuzabibu cari gifise amashami atatu. Nya giti kirapfundika, ishurwe ryaco rirasambura, amahundo yaco yama ivyamwa bihishiye. 11 Nari mfise mu minwe igikombe ca Farawoni; mfata ivyo vyamwa, ndabikanyira mu gikombe ca Farawoni, nca nshira ico gikombe mu minwe ya Farawoni.» 12 Yozefu amubwira ati: «Ng'iyi insiguro yayo: ayo mashami atatu, ni imisi itatu. 13 Hasigaye imisi itatu Farawoni akakwunamura umutwe. Azogusubiza mu gikorwa cawe, uzoshira mu minwe ya Farawoni igikombe ciwe nk'uko wahora ubigira ubwa mbere umuhereza inyobwa. 14 Nivyakugendera neza, uribuka ico nakumariye; ndagusavye uze ungirire ubuntu; uramvugira kwa Farawoni anyibuke, unkuze muri iri bohero. 15 Baranyuruje bunyuruze mu gihugu c'Abahebereyi; kandi n'aha nta caha nakoze cotuma banshira muri uku kuzimu.» 16 Umukuru w'abahereza imfungurwa na we yumva ko Yozefu arotoye neza. Amubwira ati: «Nanje, narose nikoreye ibiseke bitatu birimwo imikate yera. 17 Mu giseke co hejuru, harimwo ubwoko bwose bw'ivyokurya vya Farawoni bikorwa n'uwucumba imikate, ibisiga bibirira mu giseke niremetse.» 18 Yozefu yishura avuga ati: «Ng'iyi insiguro yavyo: ivyo biseke bitatu, ni imisi itatu. 19 Hasigaye imisi itatu Farawoni akaguca umutwe, awumanike ku giti uribwe n'ibisiga.» 20 Ni uko rero, ku musi ugira gatatu, umusi w'ukwibuka ivuka ryiwe, Farawoni ategurira inzimano abasavyi biwe bose, araheza yunamura umutwe w'umukuru w'abahereza inyobwa n'umukuru w'abahereza imfungurwa. 21 Asubiza umukuru w'abahereza inyobwa mu gikorwa ciwe c'uguhereza inyobwa, na we aca ahereza Farawoni igikombe mu minwe, 22 umukuru w'abahereza imfungurwa na we, Farawoni aramunyongesha nk'uko Yozefu yari yabibasiguriye. 23 Ariko wa mukuru w'abahereza inyobwa ntiyibuka Yozefu, aramwibagira.