Ikigabane ca 43

Kuva Wikipedia

Yakobo yemera ko Benyamini agenda mu Misiri

1 Ikigoyi caguma kiremvya igihugu. 2 Aho bahereje kurya ingano bari bakuye mu Misiri, se ababwira ati: «Nimusubire kudusumira utwokurya.» 3 Yuda amubwira ati: «Wa mugabo yaraturahiye yisubiriza ati: Ntimuzorenguka imbere yanje mutari kumwe na mwenewanyu. 4 Niwaturungikana mwenewacu, tuzomanuka kugusumira ivyokurya; 5 utamurungitse na ho, ntituzomanuka, kuko uwo mugabo yatubwiye ati: Ntimuzondenguke mu maso mutari kumwe na mwenewanyu.» 6 Isarayeri avuga ati: «Ni kuki mwangirira nabi mu kubwira uwo mugabo ko mufise uwundi mwenewanyu?» 7 Na bo bavuga bati: «Uwo mugabo yaratubazagije ibitwerekeye n'ivyerekeye umuryango wacu, abaza ati: So wanyu aracariho? Hari uwundi muvukana mufise? Twamwishuye ku vyo yatubajije. None twari kumenya vy'ukuri ko ahava atubwira ati: Murazomanukane ino mwenewanyu?» 8 Yuda abwira se wiwe Isarayeri ati: «Ndungikana uwo musore duce duhaguruka, tugende; ni ho tuzobaho ntidupfe, twebwe nyene, na wewe nyene n'abana bacu. 9 Ndamwishinze jewe ubwanje, uramumbaza. Nintamukugarukanira, nintamugushikiriza, nzoba ndagucumuyeko ubuzima bwanje bwose. 10 Iyo tudateba gutya, ubu tuba tumaze kuvayo kabiri.» 11 Se wabo Isarayeri ababwira ati: «Nikwaba ari uko, nimugire ibi: Nimwakire ku vyimburwa muri iki gihugu, mubishire mu magunira yanyu, muzobishikanire uwo mugabo: uburembo bukeyi n'ubuki bukeyi, imbazi zimoga neza n'imira, ibiyoba n'amashakedi. 12 Mwitwaze ayandi mafeza, kandi musubizeyo amafeza mwasanze mu munwa w'amagunira yanyu, hari n'aho kwabaye ukwihenda. 13 Jane murumuna wanyu, muhaguruke, musubire kuri uwo mugabo. 14 Imana Mushoboravyose irabagirira imbabazi imbere y'uwo mugabo kugira ngo abarekurire mwenewanyu wundi, na Benyamini! Nayo jewe, ari uguhekurwa ndahekuwe.»

Yozefu azimana benewabo

15 Abo bantu bafata amashikanwa, bafata n'ayandi mafeza bitwaza, bajana na Benyamini, barahaguruka, bamanuka mu Misiri, barenguka imbere ya Yozefu. 16 Yozefu arabona ko bari kumwe na Benyamini, abwira umubwiriza wiwe ati: «Shikana aba bantu mu nzu, ubage igitungwa, ugikinjike, kuko aba bantu baza gusangira nanje ku mutaga.» 17 Uwo mubwiriza agira nk'uko Yozefu yavuze, ashikana abo bantu mu nzu kwa Yozefu. 18 Abo bantu baterwa ubwoba n'uko babinjije mu nzu kwa Yozefu, bavuga bati: «Ni ukubera ya mafeza basubiza mu magunira yacu aho duheruka ino. Batwinjije kugira ngo batugweko, badukubagure, batugire abaja, batware n'indogobwe zacu.» 19 Baraheza begera wa mugabo yari umubwiriza wa Yozefu, baramwikebukanya bageze ku muryango w'inzu. 20 Bavuga bati: «Muhanyi, aho duheruka ino, twari twamanukanywe n'ugusuma ivyokurya. 21 Dushitse aho turara, twabaye tugipfundurura amagunira yacu, tuza tubona umwe wese asanze amafeza yiwe mu munwa w'igunira ryiwe. Ayo mafeza ni yo tugarukanye ata na rimwe rivuyemwo, 22 kandi twamanutse tuzanye n'ayandi mafeza dusumisha ivyokurya. Ntituzi uwadushiriye ayo mafeza mu magunira yacu.» 23 Na we avuga ati: «Tekane ntimutinye! Imana yanyu, Imana ya so wanyu ni Yo yabashiriye iryo tunga mu magunira yanyu. Amafeza yanyu yari yanshikiriye.» Araheza asohora Simeho aramubazanira. 24 Nya mubwiriza yinjiza abo bantu mu nzu kwa Yozefu. Arabazanira amazi, boza ibirenge vyabo, yongera agaburira n'indogobwe zabo. 25 Baba barategura ya mashikanwa barindiriye ko Yozefu ashika ku mutaga; nkako, bari bumvise ko baza kubazimanira aho. 26 Yozefu yinjiye mu nzu, baca bamuhereza ya mashikanwa bari basanganywe mu nzu, bakubita inkoro hasi imbere yiwe. 27 Arababaza ko ari amahoro. Avuga ati: «Umutama so wanyu mwambwiye ari mu mahoro? Aracariho?» 28 Bamwishura bati: «Umusavyi wawe, data ari mu mahoro, aracariho.» Barunama, bakubita inkoro hasi imbere yiwe. 29 Hanyuma Yozefu araramura amaso abona mwenewabo Benyamini mwene nyina. Ababaza ati: «Uwo ni umwe mwenewanyu mutoyi mwambwira?» Amubwira ati: «Imana ikurabe ryiza mwananje.» 30 Kubera ikigumbagumba cinshi afitiye mwene nyina, Yozefu arivumbura, arondera aho aririra, yinjira mu cumba ciwe haba ari ho aririra. 31 Hanyuma ariyoza mu maso, arasohoka. Ariyumanganya, avuga ati: «Nimuzane ivyokurya.» 32 We bamugaburira ukwiwe, na bo babagaburira ukwabo. Abanyamisiri bafungurira hamwe na we, ariko bari ukwabo, kuko Abanyamisiri ntibashobora gusangira n'Abahebereyi kukomu Misiri kwari uguhumana. 33 Benewabo na Yozefu bicara imbere yiwe, imfura mu kibanza c'umukuru, umuhererezi mu kibanza c'umuto, bakaza bararabana, kuko ivyo vyari vyatumye bagwa mu gahundwe! 34 Yozefu yaza aragaburira umwumwe umutigiri uvuye ku vyokurya biri imbere yiwe. Ariko umutigiri wa Benyamini waruta gatanu iyo abandi bose. Baranywa hamwe na we, barahimba.