Ikigabane ca 44

Kuva Wikipedia

Igikombe ca Yozefu mw'igunira rya Benyamini

1 Yozefu ategeka umubwiriza wiwe ati: «Uzuza amagunira y'abo bantu ivyokurya bashobora gutwara vyose, uheze ushirire umwe wese amafeza mu munwa w'igunira ryiwe. 2 Hanyuma igikombe canje, kirya gikombe c'ifeza, ugishire mu munwa w'igunira ry'umuhererezi, hamwe n'amafeza yari kugura ingano ziwe.» Araheza abigira nk'uko Yozefu yabivuze. 3 Bukeye mu gitondo, barekura abo bantu baragenda hamwe n'indogobwe zabo. 4 Bakiva mu gisagara, ariko batarashika kure, Yozefu abwira wa mubwiriza wiwe ati: «Haguruka! Irukanga ukurikire abo bantu, ubahamvye uheze ubabwire uti: Ni kuki ineza muyituye inabi? 5 Si mwebwe mufise igikombe databuja ahora anyweramwo kandi ahora akoresha mu kugendeza ibintu? Ivyo mwakoze ni ibiki?» 6 Hanyuma umubwiriza arabahamvya, ababwira ayo majambo. 7 Bamwishura bati: «Ni kuki databuja avuze amajambo nk'ayo? Ntirikabe ko abasavyi bawe bakora ivyo! 8 Amafeza twari twasanze mu munwa w'amagunira yacu, twarayakugarukaniye tuyavanye mu gihugu ca Kanahani. None twari kwiba amafeza canke inzahabu mu nzu ya shobuja gute? 9 Uwo ico gikombe cubukako mu basavyi bawe bace bamwica. Na twebwe nyene duce tuba abaja ba databuja.» 10 Ababwira ati: «Ni uko rero, biraba nk'uko mubivuze. Uwo cubukako azoba umuja wanje, namwe muzoba mweze.» 11 Umwe wese yihutira gutura igunira ryiwe, arishira hasi, umwe wese aza arapfundurura igunira ryiwe. 12 Umubwiriza arasaka, atangurira ku mukuru, ahereza ku muhererezi wabo, igikombe cubuka mw'igunira rya Benyamini. 13 Baca bitaburirako impuzu, umwe wese aremeka igunira indogobwe yiwe, basubira inyuma. 14 Yuda na benewabo barinjira mu nzu kwa Yozefu, na we ni ho yari akiri, bakubita inkoro hasi imbere yiwe. 15 Yozefu ababaza ati: «Ico kintu mwagize ni igiki? Ntimwari muzi ko umuntu nkanje ngendeza ibintu?» 16 Hanyuma Yuda avuga ati: «Turi bubwire iki databuja? Turi buvuge iki? Turi bwiregure dute? Imana ni Yo yagaragaje icaha c'abasavyi bawe. Nta kundi, tugiye kuba abaja ba databuja, twebwe hamwe n'uwo igikombe cubutseko.» 17 Abishura ati: «Ntirikabe ko nokora gutyo. Umuntu ico gikombe cubutseko ni we ambera umuja; namwe nimwidugire amahoro kwa so wanyu.»

Yuda avugira Benyamini

18 Yuda yegera Yozefu, amubwira ati: «Databuja, ese woreka umusavyi wawe akakubwira ijambo, kandi ntushavurire umusavyi wawe; erega umeze nka Farawoni. 19 Databuja yabajije abasavyi biwe ati: Muracafise so canke mwenewanyu? 20 Natwe twishuye databuja tuti: Dufise data w'umutama, n'umwana mutoyi wo mu busaza bwiwe; na we mukuruwe yarapfuye, none mu nda kwa nyina ni we wenyene asigaye, kandi se aramukunda. 21 Nawe ubwira abasavyi bawe uti: Muramumanukanire ndamubone. 22 Twishuye databuja tuti: Uwo musore ntashobora kuva hambavu ya se wiwe, kuko amuvuye hambavu, se yoca apfa. 23 Waciye ubwira abasavyi bawe uti: Umuhererezi wanyu atamanukanye namwe, ntimuzosubira kurenguka imbere yanje. 24 Tumaze kuduga n'ugushika kwa data ari we musavyi wawe, twaramushikirije amajambo ya databuja. 25 Hanyuma data avuga ati: Subire mugende mudusumire utwokurya. 26 Twishuye tuti: Ntidushobora kumanuka. Turi kumwe n'umuhererezi wacu tuzomanuka, kuko tudashobora guseruka mu maso ya wa mugabo tutari kumwe n'umuhererezi wacu. 27 Umusuku wawe ari we data yatubwiye ati: Murazi ko umugore wanje yabamvyariye ari babiri. 28 Umwe muri bo yarigiriye, nibwira nti: Nta nkeka hari icamutandaguye, sinasubiye kumubona gushika n'ubu. 29 Uwu na we kandi mukamunkura mu maso, nihagira inabi imushikira, muzoba mumanuye ikuzimu imvi zanje zuzuye agahinda. 30 Ubu rero, ninasubira iw'umusavyi wawe ari we data ntari kumwe n'uwo musore, n'ukuntu bari pfa mpfe, 31 akabona rero uwo musore si ho ari, azoca apfa. Na bo abasavyi bawe bazoba bamanuye ikuzimu imvi z'umusavyi wawe ari we data zuzuye agahinda. 32 Kubera ko umusavyi wawe yari yishinze uwo musore imbere ya data, mu kuvuga nti: Ntamukugarukaniye nzoba ncumuye kuri data ubuzima bwanje bwose, 33 ubu rero, nkundira jewe umusavyi wawe mbe umuja wa databuja mu kibanza c'uwo musore, uwo musore na we adugane na benewabo. 34 Mbega noduga nte kwa data ntari kumwe n'uwo musore? Eka sinkabone inabi yoshikira data.»