Ikigabane ca 45

Kuva Wikipedia

Yozefu yimenyesha benewabo

1 Yozefu ntiyashobora kwiyumanganya imbere y'abari kumwe na we; arasemerera ati: «Nimusohore umuntu wese ari iruhande yanje.» Nta n'umwe yari iruhande yiwe igihe Yozefu yimenyesha benewabo. 2 Araturikisha ararira. Abanyamisiri baravyumva, n'ingoro ya Farawoni iravyumva. 3 Yozefu abwira benewabo ati: «Ndi Yozefu. Data aracariho?» Benewabo ntibashobora kumwishura, kuko bariko barajugumira imbere yiwe. 4 Yozefu abwira benewabo ati: «Nimunyegere rero.» Baramwegera. Avuga ati: «Ndi mwenewanyu Yozefu, umwe mwagurisha mu Misiri. 5 Ubu rero ntimusubire kubabara; ntimusubire kwiraburanirwa n'uko mwangurishije ino, kuko Imana yandungitse imbere yanyu kugira ngo ndabarokorere ubuzima. 6 Erega imyaka imaze kuba ibiri inzara iri mu gihugu, kandi hasigaye imyaka itanu, nta wuzorima kandi nta wuzokwimbura. 7 Imana rero yandungitse imbere yanyu kubazigamira agasigarira mu gihugu, kugira ngo ndokore ubuzima bwanyu mubone gukira nyagukira. 8 None rero si mwebwe mwandungitse ngaha, ni Imana. Ni Yo yangize umuvyeyi wa Farawoni, ingira umukuru w'urugo rwiwe rwose, n'umutegetsi mu gihugu cose ca Misiri. 9 Ihute muduge kwa data, mumubwire muti: Ng'iri iryo umuhungu wawe Yozefu avuze: Imana yangize umukuru wa Misiri yose. Manuka iyo ndi udatevye. 10 Uzogerera mu ntara ya Gosheni, ube hafi yanje, wewe, abana bawe n'abuzukuru bawe, ibitungwa bitobito na bininibinini vyawe n'ivyawe vyose. 11 Nzokugaburirira aho, kuko inzara isigaje imyaka itanu. Gutyo ntuzokena, wewe n'umuryango wawe n'ivyawe vyose. 12 Ni ivyo mubona n'amaso yanyu kandi na Benyamini mwenewacu arabibona n'amaso yiwe ko ari jewe ndabibabwije umunwa wanje. 13 Muzokwiganira data iteka ryose mfise mu Misiri n'ibindi vyose mwabonye. Muzoheza mwihute kumanukana data ino.» 14 Agwa ku bitugu Benyamini mwenewabo, ararira. Benyamini na we kandi aririra mu bitugu vyiwe. 15 Agwa mu nda benewabo bose yiyuha iryosozi. Ivyo biheze, benewabo baraganira na we.

Farawoni atumako Yakobo

16 Iyo nkuru iramenyekana mu ngoro kwa Farawoni ko benewabo na Yozefu bashitse. Ivyo birahimbara Farawoni n'abasavyi biwe. 17 Farawoni abwira Yozefu ati: «Barira benewanyu uti: Gire ibi: remeka imizigo ibitwazi vyanyu, fata inzira mugende mu gihugu ca Kanahani, 18 muzane so wanyu n'abanyu, muze iwanje, nzobaha ibintu vyizavyiza mu biri mu gihugu ca Misiri; muzorya ibinuze biri mu gihugu. 19 Nawe ndagutegetse, babwire uti: Gire ibi: jane imikogote yo mu gihugu ca Misiri y'ukuzana abana banyu n'abagore banyu, muze muzane na so wanyu, muheze muze. 20 Ntimuririre ibintu muzoba musize, kuko ivyiza vyose vy'igihugu ca Misiri ari rwanyu.» 21 Bene Isarayeri bagira gutyo. Yozefu abaha imikogote nk'uko Farawoni yabivuze, abaha n'impamba y'urugendo. 22 Umwumwe amuha impuzu z'uguhindura, abigira kuri bose. Benyamini amuha amafeza amajana atatu n'imyambaro itanu y'uguhindura. 23 Arungikira se wiwe indogobwe icumi zikoreye ibintu vyizavyiza vyo mu Misiri, n'indogobwe icumi zivyara zikoreye ingano, imikate, n'ibifungurwa vy'urugendo rwiwe. 24 Araheza arungika benewabo, baragenda. Ababwira ati: «Mu nzira ntimugende muratongana.» 25 Baraduga, bava mu Misiri bashika mu gihugu ca Kanahani, kwa Yakobo se wabo. 26 Baramumenyesha ko Yozefu akiriho, kandi ko yabaye umukuru mu gihugu cose ca Misiri. Umutima wiwe uguma utimvye, kuko atabemera. 27 Bamushikiriza amajambo yose Yozefu yababwiye; araheza abona imikogote Yozefu yamurungikiye y'ukumurerura, umutima wa Yakobo se wabo ubona kuba muzima. 28 Isarayeri avuga ati: «Geza aho! Umuhungu wanje Yozefu aracari muzima? Nzogenda tubonane ntarapfa.»