Ikigabane ca 46

Kuva Wikipedia

Yakobo amanuka mu Misiri

1 Isarayeri afata urugendo, ajana ibintu vyiwe vyose. Ashitse i Berisheba, ahereza imbagwa Imana ya se wiwe Izahaki. 2 Mw'ijoro, Imana ibonekera Isarayeri mu ndoto, imubwira iti: «Yakobo, Yakobo!» Na we yishura ati: «Ndi hano.» 3 Ivuga iti: «Ndi Eri, Imana ya so wawe. Ntutinye kumanuka mu Misiri, kuko ari ho nzokugirira igisata kinini cane. 4 Nanje nzomanukana na we mu Misiri, kandi ni jewe nyene nzogukurayo ndakudugane. Bisubiye kandi, Yozefu ni we azohwamika amaso yawe.» 5 Isarayeri arahaguruka, ava i Berisheba. Bene Isarayeri bajana se wabo Yakobo ari we Isarayeri, abana babo be n'abagore babo muri ya mikogote Farawoni yari yarungitse ngo bamurerure. 6 Bafata kandi amasho yabo n'amatungo yose bari baronkeye mu gihugu ca Kanahani. Yakobo agenda mu Misiri ari kumwe n'uruvyaro rwiwe rwose. 7 Ajana mu Misiri abahungu biwe, abana babo n'abakobwa biwe, uruvyaro rwiwe rwose.

Uruvyaro rwa Yakobo

8 Ng'aya amazina ya bene Isarayeri bagiye mu Misiri: Yakobo n'abahungu biwe. Imfura ya Yakobo ni Rubeni. 9 Bene Rubeni ni Hanoki, Faru, Hetseroni na Karemi. 10 Bene Simeho ni Yemuweri, Yamini, Ohadi, Yakini, Tsohari na Shawuri, umuhungu w'Umukanahanikazi. 11 Bene Revi ni Gereshoni, Kehati na Merari. 12 Bene Yuda ni Heri, Onani, Shera, Peretsi na Zerahi. Heri na Onani bapfiriye mu gihugu ca Kanahani. Abahungu ba Peretsi bari Hetseroni na Hamuri. 13 Bene Isakari ni Tora, Puwa, Yobi na Shimeroni. 14 Bene Zaburoni ni Seredi, Eroni na Yahereri. 15 Abo ni bo bahungu Reya yavyariye Yakobo muri Padani Aramu, hamwe n'umukobwa wiwe Dina. Abahungu n'abakobwa biwe bose hamwe bari mirongo itatu na batatu. 16 Bene Gadi na bo ni Tsefoni na Hagi, Shuni na Etseboni, Heri, Arodi na Areri. 17 Bene Asheri ni Yimena, Yishwa, Yishwi, Beriya na mushiki wabo Serahi. Bene Beriya ni Heberi na Marikiyeri. 18 Abo ni bo bahungu ba Zirepa, umwe Rabani yari yahaye umukobwa wiwe Reya kugira ngo avyarire Yakobo. Bari icumi na batandatu. 19 Abahungu ba Rakeri umugore wa Yakobo ni Yozefu na Benyamini. 20 Yozefu yavyariye mu gihugu ca Misiri Manase na Efurayimu; abavyarana na Asenati, umukobwa wa Potifera, umuherezankuka wa Oni. 21 Bene Benyamini ni Berahi, Bekeri na Asheberi, Gera na Nahamani, Ehi na Roshi, Mupimu, Hupimu na Aredi. 22 Ni bo bahungu Rakeri yavyariye Yakobo. Bose hamwe bari icumi na bane. 23 Mwene Dani ni Hushimu. 24 Bene Nefutari ni Yahetseri, Guni, Yetseri na Shiremu. 25 Abo ni bo bahungu ba Bireha, umwe Rabani yari yahaye umukobwa wiwe Rakeri ngo avyarire Yakobo. Bose hamwe bari indwi. 26 Igitigiri c'abantu bose bamanukanye na Yakobo mu Misiri kandi bamuka kuri we, tudaharuye abagore b'abahungu biwe, ni mirongo itandatu na batandatu. 27 Abahungu Yozefu yaronkeye mu Misiri ni babiri. Igitigiri c'abantu bose bo mu rugo rwa Yakobo bagiye mu Misiri ni mirongo indwia.

Yakobo mu Misiri

28 Yakobo arungika Yuda ngo yitangire imbere aje kwa Yozefu ngo ategure aho bashikira i Gosheni. Barashika mu ntara ya Gosheni, 29 Yozefu ategura umukogote wiwe, aduga gusanganira se wiwe Isarayeri i Gosheni. Amushikiriye, Yozefu amugwa ku bitugu, aririra umwanya munini mu bitugu vyiwe. 30 Isarayeri abwira Yozefu ati: «Ubu ho reka mpfe, ko ndakubonye mu maso, ukaba ukiri muzima.» 31 Yozefu abwira benewabo n'abo mu rugo kwa se ati: «Ngira nduge ndabimenyeshe Farawoni, ndamubwire nti: Benewacu n'abo mu rugo kwa data bahora mu gihugu ca Kanahani bashitse iwanje. 32 Abo bantu ni abungere b'ibitungwa bitobito, kuko bamye ari aborozi b'ibitungwa; baje bazanye ibitungwa vyabo bitobito na bininibinini, n'ivyo bari batunze vyose. 33 None rero, Farawoni niyaramuka abahamagaye akababaza umwuga wanyu, 34 muramwishure muti: Abasavyi bawe bamye ari aborozi b'ibitungwa kuva mu buto bwacu gushika n'ubu; uko turi, ni ko na ba sokuru bacu bari. Ni ho muzoshobora kuba mu ntara ya Gosheni, kuko ku Munyamisiri kuba umworozi w'ibitungwa bitobito ni uguhumana.»