Ikigabane ca 47

Kuva Wikipedia

Yozefu ashikana ab'iwabo kwa Farawoni

1 Yozefu agenda rero kubimenyesha Farawoni amubwira ati: «Data na benewacu bashitse bavuye mu gihugu ca Kanahani, baje bazanye ibitungwa vyabo bitobito na bininibinini, n'ivyo batunze vyose; ng'abo mu ntara ya Gosheni.» 2 Hanyuma atora abantu batanu muri benewabo, abashira imbere ya Farawoni. 3 Farawoni abwira benewabo na Yozefu ati: «Umwuga wanyu ni uwuhe?» 4 Bishura Farawoni bati: «Abasavyi bawe ni abungere; uko turi ubu ni ko na ba sokuru bacu bari. Twasuhukiye muri iki gihugu, kuko ibitungwa bitobito vy'abasavyi bawe ntivyari bigifise ubwatsi, kuko ikigoyi kiriko kirayogeza igihugu ca Kanahani. None rero, kundira abasavyi bawe babe mu ntara ya Gosheni.» 5 Farawoni abwira Yozefu ati: «So na benewanyu baje iwawe. 6 Igihugu ca Misiri kiri imbere yawe, gererera so na benewanyu ahantu heza cane mu gihugu, bibere mu ntara ya Gosheni. Niwaba uzi ko muri bo harimwo abantu b'intwari, urabagira abakuru b'ubusho bwanje.» 7 Yozefu azana se wiwe Yakobo, amuhagarika imbere ya Farawoni, Yakobo ahezagira Farawoni. 8 Farawoni abwira Yakobo ati: «Imisi y'ubuzima bwawe ingana iki?» 9 Yakobo yishura Farawoni ati: «Imisi y'imyaka maze ndi inyambukira ni imyaka ijana na mirongo itatu. Kandi iyo misi y'imyaka y'ubuzima bwanje na yo nyene yabaye mike kandi mibi, kandi ntiyashikiriye imisi y'imyaka y'ubuzima bwa ba sokuru mu misi bamaze ari inyambukira.» 10 Yakobo ahezagira Farawoni, arasohoka ava imbere ya Farawoni. 11 Yozefu aragerera se wiwe na benewabo, abaha itongo mu gihugu ca Misiri, ahantu heza cane mu gihugu, mu ntara ya Rahemesesi, nk'uko Farawoni yari yabitegetse. 12 Yozefu atekerera se na benewabo n'abo mu rugo kwa se, abaha ibifungurwa akurikije uko abana bangana.

Inyifato ya Yozefu mu gihe c'ikigoyi

13 Ivyokurya birabura mu gihugu cose, kuko ikigoyi cagishegeshe cane. Igihugu ca Misiri n'igihugu ca Kanahani vyari vyasinzikaye kubera ico kigoyi. 14 Yozefu yegeranya amafeza yose yari mu gihugu ca Misiri n'igihugu ca Kanahani, mu kugurisha ingano, araheza arunda ayo mafeza yose mu ngoro kwa Farawoni. 15 Amafeza arabura mu gihugu ca Misiri no mu gihugu ca Kanahani. Abanyamisiri bose baza kwa Yozefu bamubwira bati: «Duhe ivyokurya. Ni kuki twokugwa imbere kubera ubukene bw'amafeza?» 16 Yozefu abishura ati: «Nimumpe ibitungwa vyanyu, kugira ngo ndabahe ivyokurya, tubiguze ibitungwa vyanyu ko amafeza yakenye.» 17 Bazanira ibitungwa vyabo Yozefu, na we abaha ivyokurya babigujije amafarasi, ibitungwa bitobito n'ibitungwa bininibinini hamwe n'indogobwe. Uyo mwaka arabasumisha ivyokurya, babigujije ibitungwa vyabo vyose. 18 Uyo mwaka uheze, baza kwa Yozefu mu mwaka ukurikira bamubwira bati: «Muhanyi, ntitwoguhisha ko amafeza yabuze, kandi ko ubusho bw'ibitungwa bwegukiye wewe databuja; nta kigisigaye imbere yawe Muhanyi atari imibiri yacu n'amatongo yacu. 19 Ni kuki twokugwa mu maso, twebwe n'amatongo yacu? Tugure, twebwe n'amatongo yacu, uheze uduhe ivyokurya; hanyuma twebwe n'amatongo yacu duce tuba abaja ba Farawoni. Duhe imbuto, kugira ngo tubeho ntidupfe, amatongo ntazoheza ngo acike amashamba.» 20 Yozefu agurira Farawoni isi yose ya Misiri, kuko Umunyamisiri wese yagurisha itongo ryiwe, kubera ikigoyi cari kibarembeje. Gutyo amatongo yegukira Farawoni. 21 Abantu abimurira mu bisagara, abakura mu mpande zose z'igihugu ca Misiri. 22 Ariko Yozefu ntiyaguze amatongo y'abaherezankuka, kuko hariho umugabane Farawoni yabageneye; nkako bafungura ivyo Farawoni yari yabageneye. Ni co gituma batagurishije amatongo yabo. 23 Yozefu abwira abantu ati: «Uyu musi nabaguze, mwebwe n'amatongo yanyu, mwegukiye Farawoni. Ng'iyo imbuto mbahaye, murateragire amatongo. 24 Nihagera ko mwimbura, muzocagurako ica gatanu, mugihe Farawoni, musigarane ibindi bice bine vy'uguteragira imirima n'ugufungura mwebwe n'ababa mu mazu yanyu, n'abana banyu.» 25 Bavuga bati: «Uraturokoreye ubuzima; ese databuja yoturaba ryiza, natwe tukaba abaja ba Farawoni.» 26 Yozefu ashinga itegeko rikurikizwa n'uyu musi mu gihugu ca Misiri ko ica gatanu bagiha Farawoni. Amatongo y'abaherezankuka gusa ni yo atafatwa n'iryo tegeko, ni co gituma ategukiye Farawoni.

Yakobo araga

27 Isarayeri agerera mu gihugu ca Misiri, mu ntara ya Gosheni, Abanyisarayeri barahiganzira, baraharondokera, barasasagara cane. 28 Yakobo amara imyaka icumi n'indwi mu gihugu ca Misiri; imisi Yakobo yamaze, imyaka y'ubuzima bwiwe ni ijana na mirongo ine n'indwi. 29 Imisi y'ugupfa yegereje, Isarayeri ahamagara umuhungu wiwe Yozefu amubwira ati: «Ninaba nogira iteka mu maso yawe, shira ikiganza cawe munsi y'ikibero canjea, ungirire ubuntu ntumpemukire; ndagusavye, ntuze umfube mu Misiri, 30 unkundire nzoryame hamwe na ba sokuru, uzonkure mu Misiri, umfube mu ruhafu rwabo.» Amwishura ati: «Nzogira nk'uko ubivuze.» 31 Na we avuga ati: «Ndahira.» Yozefu aramurahira, Isarayeri aca yunama ku mutwe w'uburiri bwiwe.