Ikigabane ca 48

Kuva Wikipedia

Yakobo ahezagira abahungu ba Yozefu

1 Ivyo biheze, babwira Yozefu bati: «So wawe ararwaye.» Yozefu ajana n'abahungu biwe babiri, Manase na Efurayimu. 2 Babimenyesha Yakobo bati: «Umuhungu wawe Yozefu araje.» Yakobo ari we Isarayeri arinanata, yicara ku buriri. 3 Yakobo ari we Isarayeri abwira Yozefu ati: «Imana Mushoboravyose yarambonekeye i Ruzi mu gihugu ca Kanahani, kandi irampezagira, 4 imbwira iti: Ngiye kukurondora, ndagusasagaze, ube ikoraniro ry'amakungu. Iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe mu nyuma zawe, ruciganzire na ntaryo. 5 Ubu rero, aba bahungu babiri wavyariye mu gihugu ca Misiri ntaraza iwawe mu Misiri ni abanje. Efurayimu na Manase bazoba abanje nka Rubeni na Simeho. 6 Ariko abana bawe wavyaye mu nyuma zabo bazoba rwawe, bazohamagarwa gutorana umugabane wabo kw'izina rya benewabo. 7 Nayo jeho, aho nava i Padani, Rakeri yampfiriyeko mu gihugu ca Kanahani, ku nzira, hafi y'irembo rya Yefurata. Ni ho namufuvye ku nzira ija i Yefurati ari ho Beterehemu.» 8 Isarayeri abonye abahungu ba Yozefu avuga ati: «Abo ni ba nde?» 9 Yozefu yishura se wiwe ati: «Ni abahungu banje Imana yampereye ino.» Avuga ati: «Ndagusavye ubanyegereze ndabahezagire.» 10 Ubusaza bwari bwaremereye amaso ya Isarayeri, ntiyari agishobora kubona. Arabamwegereza. Isarayeri arabarwa mu nda, arabagumbira. 11 Hanyuma abwira Yozefu ati: «Sinari ncizigiye kukubona mu maso, none ehe raba Imana impaye kubona n'uruvyaro rwawe!» 12 Yozefu abakura ku bibero vya se wiwe, akubita inkoro hasi. 13 Yozefu afata abo bahungu biwe babiri, Efurayimu mu buryo bwiwe, ari bwo bubamfu bw'Isarayeri, Manase na we mu bubamfu bwiwe, ari bwo buryo bw'Isarayeri, arabamwegereza. 14 Isarayeri aramvura ukuboko kwiwe kw'ukuryo, yubika ikiganza ku mutwe wa Efurayimu ari we muhererezi, ikiganza ciwe c'ukubamfu na co ku mutwe wa Manase. Yari yanyuranije ibiganza, kuko Manase yari imfura. 15 Hanyuma ahezagira Yozefu avuga ati: «Imana ba sokuru banje Aburahamu na Izahaki bayobotse, Imana yambereye umwungere kuva nkivuka gushika n'uyu musi, 16 umumarayika yankijije inabi yose, nahezagire iyi misore kugira ngo kubera yo izina ryanje rizogume riyagwa, hamwe n'izina rya ba sokuru banje Aburahamu na Izahaki. Nirondoke igwire cane ikwire igihugu.» 17 Yozefu abona ko se yubitse ikiganza ciwe c'ukuryo ku mutwe wa Efurayimu biramubabaza. Acakira ikiganza ca se kugira ngo agikure ku mutwe wa Efurayimu agishire ku mutwe wa Manase. 18 Yozefu abwira se wiwe ati: «Si uko, dawe, kuko uwu ari we mfura. Nushire ikiganza cawe c'ukuryo ku mutwe wiwe.» 19 Ariko se wiwe aranka, ati: «Ndabizi mwananje, ndabizi. N'uwu nyene azoba igihugu. N'uwu nyene azoba mukuru. Ariko rero, murumunawe azomuheta mu bukuru, kandi uruvyaro rwiwe ruzoba isinzi ry'ibihugu.» 20 Kuri uyo musi nyene arabahezagira, avuga ati: «Kubera wewe, igihugu c'Isarayeri kizohezagira kivuga kiti: Imana nikugire nka Efurayimu, ikugire nka Manase!» Gutyo ashira Efurayimu imbere ya Manase. 21 Isarayeri abwira Yozefu ati: «Ehe ngiye gupfa, ariko Imana izokwamana namwe, kandi izobasubiza mu gihugu ca ba sokuru banyu. 22 Jewe ndaguhaye Sikemu, nanyaze Abemori nkoresheje inkota yanje n'umuheto wanje. Ni co urushije benewanyu.»