Jump to content

Ikigabane ca 49

Kuva Wikipedia

Yakobo ahezagira abahungu biwe icumi na babiri

1 Yakobo ahamagara abahungu biwe ababwira ati: «Nimukoranire hamwe ndababwire ibizobashikira mu misi iri imbere. 2 Egerane mwumvirize, bahungu ba Yakobo, nimutege amatwi Isarayeri ari we so. 3 Rubeni, uri imfura yanje, ububasha bwanje, n'ubuzibura bw'ubukomezi bwanje. Unengesereye icubahiro, wuzuye ububasha. 4 Umeze nk'amazi asebuye, ariko ntuzoruta abandi, kuko wuriye ku buryamo bwa so wawe, warahumanije uburiri bwanje mu kubwuriraa. 5 Simeho na Revi ni abavandimwe, inkota zabo bazikoresha mu gukora ikibi. 6 Umutima wanje ntukaje mu nama yabo, umushaha wanje ntukifatanye n'akagwi kabo! Kuko ishavu ryabo ryatumye bica umuntub, ukutagondwa kwabo kwatumye bamugaza impfizi! 7 Ishavu ryabo rirakavumwa kuko rikaze cane, uburake bwabo buvumwe kuko bwica! Nzobasanzariza muri bene Yakobo, ndabashwiragize muri Isarayeri. 8 Yuda we, ni wewe benewanyu bazoshemeza, ikiganza cawe kizokwirahira abansi bawe, abahungu ba so bazokubitira ibipfukamiro imbere yawe. 9 Yuda ni icana c'intambwe, urahinguye uvuye gusasika inganda, muhungu wanje! Yarabunze aryama nk'intambwe; ni nk'intambwe y'ingore, ni nde azomukura hasi? 10 Inkoni y'ubwami ntizova kwa Yuda intahe ntizova hagati y'ibirenge vyiwe, gushika nyeneyo aje, uwo amakungu ategerezwa kugamburukira. 11 We azirika umutavu w'indogobwe yiwe ku muzabibu, ku giti c'umuzabibu urobanuye na ho akahazirika umwana w'indogobwe yiwe. Amesurira impuzu yiwe mu muvinyu, ivyambarwa vyiwe na vyo mu ntukuzi y'ivyamwa vy'imizabibu. 12 Amaso yiwe atukuzwa n'umuvinyu, amenyo yiwe na yo akezwa n'amata. 13 Zaburoni azogerera ku nkengera y'ibiyaga abe icambu c'amato, imbibe ziwe zishike i Sidoni. 14 Isakari ni indogobwe ikomantaye, ibutamye hagati y'imizigo. 15 Yarabonye ko aho aruhukira ari heza kandi ko igihugu gihimbaye; atega urutugu rwiwe ngo yiremeke, yemera ibikorwa vy'umuja. 16 Dani azocira urubanza igisata ciwe, nk'umwe wo mu miryango y'Isarayeri. 17 Dani nabe inzoka ku kirari, imamba ku nzira, ikomora ibinono vy'ifarasi, uwuyigenderako agacuranguka. 18 Urukiza rwawe, ni rwo nizeye Mukama! 19 Gadi azoterwa n'igitero, na we ace abatera abaturutse inyuma. 20 Kwa Asheri hava indya ziwe zinuze, agatanga imfungurwa ziryoheye umwami. 21 Nefutari ni inyemera yidegemvya, ivyara imitavu myiza. 22 Yozefu ni igiti cama cane, igiti cama cegereye isoko, amashami yaco arenga uruzitiro. 23 Abarwanisha imyampi baramusomborokeje, baramurasa, barasubira baramwibundira, 24 ariko umuheto wiwe uguma ubanze, arabanguka mu maboko no mu biganza vyiwe, kubera ibiganza vya Mutananirwa wa Yakobo, kubera izina ry'umwungere akaba n'urutare rw'Isarayeri, 25 Imana ya so wawe. Iyo Mana nikurwaneko, Imana Mushoboravyose niguhunde imihezagiro yo hejuru mw'ijuru, iguhezagirire inyenga yishashe mu kuzimu, iguhezagirire amabere n'igitereko. 26 Imihezagiro ya so wawe irarengeye imihezagiro y'imisozi yamaho, imihezagiro y'imbibe z'imitumba ya kera, nishungurukire ku mutwe wa Yozefu, ku ruhanga rw'uwatowe muri benewabo. 27 Benyamini ni ibingira ritandagura; mu gitondo rirashiha ico ryacakiye, ku mugoroba na ho, rikagabanganya ivyasahuwe.» 28 Iyo yose ni yo miryango icumi n'ibiri y'Isarayeri. Ivyo ni vyo se yababwiye aho yabahezagira, mu guha umwumwe wese umuhezagiro umubereye. 29 Hanyuma abaha amategeko, ababwira ati: «Ubu, ngira mpamvye abanje. Muze mumfube hamwe na ba sokuru muri rya senga ry'ibuye ryo mu murima wa Heferoni Umuheti, 30 mw'isenga ry'ibuye riri mu murima w'i Makepera, aharabana na Mamure, mu gihugu ca Kanahani, umwe Aburahamu yagura na Heferoni Umuheti ngo umubere itongo ry'ugufubamwo. 31 Ni ho bafuvye Aburahamu n'umugore wiwe Sara; ni ho bafuvye Izahaki n'umugore wiwe Rebeka; ni ho nafuvye Reya. 32 Uyo murima n'isenga ry'ibuye ririmwo vyaguzwe kwa bene Heti.» 33 Yakobo amaze guha amategeko abahungu biwe, asubiza amaguru mu buriri, araheza aracikana, ahamvya abiwe.