Ikigabane ca 50

Kuva Wikipedia

Ifubwa rya Yakobo

1 Yozefu aca yubama ku ruhanga rwa se, amuririrako, aramugumbira. 2 Yozefu ategeka abasuku biwe b'abaganga gusiga se wiwe ibibuza umubiri wiwe kubora. Ni uko, abaganga basiga Isarayeri ibimubuza kubora. 3 Ivyo bimara imisi mirongo ine, nk'uko igihe c'ukubisiga gisanzwe kingana. Hanyuma Abanyamisiri bamuririra imisi mirongo indwi. 4 Iyo misi y'ukumuririra iheze, Yozefu abwira abo mu ngoro kwa Farawoni ati: «Ninaba nogira iteka mu maso yanyu, ndabasavye mumbaririre Farawoni muti: 5 Data yarandahije ati: Ehe ngiye gupfa. Uzomfube mu ruhafu niyimbishirije mu gihugu ca Kanahani. None rero, ndasavye nduge gufuba data, mpejeje nzogaruka.» 6 Farawoni avuga ati: «Duga ufube so wawe nk'uko yabikurahije.» 7 Yozefu araduga gufuba se wiwe. Abasavyi bose ba Farawoni, abakurambere bo mu ngoro yiwe, abakurambere bose bo mu gihugu ca Misiri badugana na we, 8 hamwe n'abo mu nzu kwa Yozefu bose, benewabo, n'abo mu nzu kwa se bose. Nta wasigaye mu gihugu ca Gosheni atari abana babo, ibitungwa bitobito vyabo n'ibitungwa bininibinini vyabo. 9 Imikogote n'abagendera ku mafarasi na bo kandi badugana na we. Umuvuvu w'abantu uba munini cane. 10 Bashika ku mbuga iri mw'itaba, hakurya y'uruzi Yorodani. Ni ho bagiriye imigirwa myinshi kandi y'agatangaza y'ukumuririra. Yozefu agandarira se wiwe imisi indwi. 11 Abakanahani baba muri ico gihugu babonye ico kigandaro kibera ku mbuga iri mw'itaba bavuga bati: «Ni ikigandaro c'agakura ca Misiri.» Baca bita ico kibanza kiri hakurya y'uruzi Yorodani, Aberi Misiria. 12 Abahungu ba Yakobo bamugirira ivyo yari yarabategetse. 13 Abahungu biwe bamujana mu gihugu ca Kanahani, bamufuba mw'isenga ry'ibuye ryo mu murima w'i Makepera, umwe Aburahamu yari yaguze n'umuheti Heferoni, ngo uzobe itongo ry'abapfuye, aharabana na Mamure. 14 Yozefu amaze gufuba se wiwe, asubira mu Misiri, we na benewabo, n'abo bose bari baduganye na we gufuba se wiwe.

Amaherezo ya Yozefu

15 Benewabo na Yozefu babonye ko se yapfuye, bavugana bati: «Kumbure Yozefu azotwanka, adusubirize mu ndumane inabi yose twamugiriye.» 16 Batuma uwuja kubwira Yozefu ati: «So wawe atarapfa, yatanze itegeko ati: 17 Muze mubwire Yozefu muti: Turasavye ugire ikigongwe ku bugome bwa benewanyu no ku gicumuro cabo, kubera inabi bakugiriye. Ubu rero, turagusavye, nugire ikigongwe ku bugome bw'abasavyi b'Imana ya so wawe!» Yozefu aca ararira babimubwiye. 18 Benewabo bagenda gukubita inkoro hasi imbere yiwe, bavuga bati: «Turarengutse, turi abaja bawe.» 19 Yozefu na we ababwira ati: «Ntimutinye! Mbega, ndi mu kibanza c'Imana? 20 Mwebwe mwiyumviriye kungirira nabi, ariko Imana yiyumviriye guhindura iyo nabi mu neza, kugira ngo irangure ibi biriko biraba uyu musi ngo abantu benshi babeho. 21 None rero, ntimutinye, nzobatunga, mwebwe n'abana banyu.» Arabahumuriza, abayagira iribashika ku mutima. 22 Yozefu aguma mu Misiri, we n'umuryango wa se wiwe. Yozefu amara imyaka ijana na cumi. 23 Yozefu aribonera abuzukuruza bakomoka kuri Efurayimu. Abona kandi bene Makiri, mwene Manase, bavukira ku bibero vya Yozefu. 24 Yozefu abwira benewabo ati: «Ngiye gupfa, ariko Imana izobagendera, ibakure muri iki gihugu, ibadugane mu gihugu yemereye Aburahamu, Izahaki na Yakobo, igatako n'indahiro.» 25 Hanyuma, Yozefu arahiza bene Isarayeri ati: «Imana niyabagendera, murakura amagufa yanje ino muyaduganeb.» 26 Yozefu apfa amaze imyaka ijana na cumi. Bamusiga ibibuza kubora, bamushingura mw'isandugu mu Misiri.