Ikigabane ca 8

Kuva Wikipedia

Nowa ava mu bwato
1 Imana irahava yibuka Nowa n'ibikoko vyose hamwe n'ibitungwa vyose vyari kumwe na we mu bwato; Imana ihuhutisha umuyaga kw'isi, amazi araturura. 2 Amariba y'amazi y'ikuzimu be n'ingomero z'ijuru birugarwa. Imvura yava mw'ijuru irahagarikwa. 3 Amazi asubira inyuma ava kw'isi, agenda arahoka; hashize imisi ijana na mirongo itanu, amazi aragabanuka. 4 Mu kwezi kugira indwi, kw'igenekerezo ry'icumi n'indwi, ubwato buhagarara ku misozi ya Ararati. 5 Amazi ashishikara kugabanuka gushika mu kwezi kw'icumi. Mu kwezi kw'icumi, kw'igenekerezo rya mbere ry'ukwo kwezi, amasonga y'imisozi araseruka. 6 Hashize imisi mirongo ine, Nowa yugurura ventana yari yaciye ku bwato. 7 Arekura igikona kiraguruka, kiguma kigenda kigaruka, gushika amazi akame kw'isi. 8 Hanyuma Nowa arekura inuma kugira ngo arabe ko amazi yagerutse kw'isi. 9 Iyo numa ntiyaronka n'aho ikandagiza ikirenge cayo, igaruka iwe mu bwato, kuko isi yose yari yuzuye amazi; aramvura ukuboko kwiwe arayifata ayisubiza iruhande yiwe mu bwato. 10 Ararindira kandi iyindi misi indwi, asubira kurekura inuma iva mu bwato. 11 Ku mugoroba, ya numa irahindukira, iza izanye ibabi ry'igiti c'umuzeti mu kanwa. Nowa aca amenya ko amazi yagabanutse kw'isi. 12 Arasubira arindira iyindi misi indwi, arekura ya numa, na yo ntiyaba ikigaruka iwe. 13 Mu mwaka w'amajana atandatu na rimwe, kw'igenekerezo rya mbere ry'ukwezi kwa mbere, amazi arakama kw'isi. Nowa akura igisenge c'ubwato, aritegereza, abona isi yakamutse. 14 Mu kwezi kwa kabiri, kw'igenekerezo rya mirongo ibiri n'indwi ry'ukwo kwezi, isi yari yakamutse. 15 Imana ibwira Nowa iti: 16 «Sohoka uve mu bwato, wewe, umugore wawe, abahungu bawe n'abakazana bawe muri kumwe. 17 Sohora ibikoko vyose muri kumwe, ibifise umubiri vyose, ibiguruka, ibitungwa n'ibinyogomba hasi, biheze binyagare kw'isi, birondoke kandi bigwirirane kw'isi.» 18 Nowa na we nyene arasohoka, n'abahungu biwe, n'umugore wiwe, n'abakazana biwe bari kumwe. 19 Ibikoko vyose, ibinyogomba vyose, ibiguruka vyose n'ivyikwega hasi vyose, birasohoka biva mu bwato, ibisangiye ubwoko bijana. 20 Nowa yubakira Umukama uruhimbi, atora mu bikoko vyose bitazira no mu biguruka vyose bitazira, abiherezako inkuka kuri urwo ruhimbi. 21 Umukama aramotera akamotera gashimishije, hanyuma Umukama yibwira mu mutima wiwe ati: «Sinzosubira kuvuma isi kubera umuntu, kuko umutima w'umuntu wiyumvira inabi kuva mu buto bwiwe; sinzosubira kandi gutikiza ibifise ubuzima vyose nk'uko nagize. 22 Isi ikiriho, ibiba n'iyimbura, imbeho n'intuguta, ici n'agatasi, umutaga n'ijoro ntibizovaho na rimwe.»