Ikiyingiyingi

Kuva Wikipedia
Ikiyingiyingi

Ikiyingiyingi

Nta muntu atigera yumva ko yijiriwe mu buzima bwiwe, ariko kenshi ni ibintu biza bigahera. Ni kwaba uko kwijirwa kumaze indwi nyinshi kukongera kukagira ingaruka ku buzima bwa minsi yose, ushobora kuba urwaye ukuyinga. Ibimenyetso bivyerekana harimwo kwama wihebuye, ukamenga ntukiri n'ubwenge, canke ukama ufise ubwoba; kwama urushe rwose; kutaryama neza canke kugira itiro ryinshi; kutagira akayabagu canke kurya nk’isiha. Gucika ikiyingiyingi bishobora gutuma umuntu arwara izindi ndwara nko kuribwa mu nda canke kumeneka umutwe.

Gucika ikiyingiyingi birashika kenshi muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika. Abakozi bo mu buvuzi baravura kandi bagakiza iyo ndwara babicishije mu kuvugana n’umurwayi, mu kumuha imiti, canke ivyo uko ari bibiri. Ni waba uzi umuntu arwaye gutyo, mwereke ko ubabaye umushigikire, mutege amatwi umwumvirize, wongere umuhanure kuvugana n’abakozi bo mu buvuzi.

Depression-loss of loved one