Impeshi

Kuva Wikipedia

Abarundi baho hambere bari bazi ibihe, buri kwezi bakamenya ikiramukiwe gukorwa. Abarundi baho hambere wasanga bamenya umurimo uramukiwe kandi batavyumvikanyeko. Nkukubona baramenya ukwezi bagezemwo, vyari bitangaje cane. Turakunze kwumva amajambo ngo “kurimira impeshi”, “umuyaga w’impeshi” n’ayandi menshi ajana ku mpeshi.

_Ibiranga impeshi:

Impeshi ni igihe c’umwaka kirangwa n’imvura nke canke itanahari ; atari muci ryenyuje. Ku mpeshi, izuba riba ryinshi cane ariko kuko imvura iba itaracika cane, igisararwe ntikibabaza nko muci nyezina ariko ntatandukaniro riboneka riba rihari. Ico gihe nyene, igikonyozi (urume rukonje cane) kiba kizinduka cibonekeza, uwuciye mu mwonga arakongatara intoke kubera igikonyozi. Imigoroba y’impeshi, irangwa n’akabeho kenshi kuko igikonyozi kiba kigiye kuza. Umuyaga uba uza akayombekero n’akabeho kenshi. Niho havuye ijambo ngo « umuyaga w’impeshi » ni ukuvuga umuyaga ucanze n’imbeho. Abungere baca bihuta gucura amakwaza akamara akanya gato.

INKOMOKO Y'IJAMBO KURIMIRA IMPESHI:

Nkuko bivugwa n'abakurambere cane abakomoka mu ntara nka kirimiro na kumoso bavuga ko impeshi iri nyabuna mu kwezi kwa kabiri arikwo Ruhuhuma. Kandi dufatiye kuko abantu baba muri izo ntara bavuga ko bariko barimira impeshi muri ukwo kwezi kwa kabiri ariko atari mukwa gatandatu. Dufatiye kuri ivyo Duca dusanga iryo jambo kurimira impeshi risigura ko ari kurima ibizera ku mpeshi ; ni ukuvuga kurima ibizera muri Ruheshi.

Kukaba nkako barima mu kwa kabiri ibizera mu kwezi kwa gatandatu . Ivyo navyo ni ibiharage, ubwishaza, n’ibindi usanga vyera muci.