Indwara y’umutima

Kuva Wikipedia
Indwara y’umutima

Umutima uguma ukora igihe cose, haba ku mutaga canke mw’ijoro (amasaha mirongo ibiri n’ane ku munsi), upompa amaraso arimwo umwuka mwiza duhema (oxygène) n’ivyangombwa nkenerwa mu mubiri. Amaraso ashika mu mutima aciye mu mitsi mikuru. Iyo abantu barya kenshi canke barya imfungurwa zirenze urugero zuzuye ibinure canke isukari nyinshi, hanyuma ntibagire imyimenyerezo yo kunonora imitsi, ibinure biraheza bikagwirirana mu mitsi mikuru. Iyo rero vyagwiriranye, birameneka bigaca bituma haba igipfunda c’amaraso. Ico gipfunda gituma amaraso atembera nabi nabi mu mitsi hanyuma ntashike mu mutima, akaba arivyo rero bitera indwara y’umutima yamaze abantu benshi.

Complications of hypertension whitebackground

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]