Indwara ya Hasima
INDWARA YA HASIMA (Asthme)
Indwara ya Hsima iri mu ndwara zibangamiye abantu benshi cane, ikibabaje nuko abayigwaye bamana amaganya barondera inyishu yavyo. Nobabwira bahumure inyishu yabonetse
UKO HASIMA IFATA
Indwara ya hasima twovuga ahanini ko kugira uyandure nuko umuntu aba yaragize ikibazo mu mahaha yiwe,hari igihe uturingoti twinjiza impwemu mu mahaha bita *bronches* n'udushami twatwo bita *bronchioles* dukabirana maze uruziri bita *mucus* rukisuka murico gihe rubuza ko impemu zirengana vyoroshe.
IBIMENYETSO VYA HASIMA
👉Guhema udashikana (dyspnée)
👉Gukorora cane mbere ugakorora ubusa ( taux sèche)
👉Kubira indugumba (transpiration)
👉 Guhema ujwirahira (respiration siflante)
👉 Kwumva mugikiriza umenga haratekeye
👉 Gucika umugongo
👉 Kumeneka umutwe
IBITERA HASIMA
Ubwandu bwimigera(Infection bacterienne)
Itabi
Akaronda
N'ibindi
IVYO KWIRINDA NTIWAME MURI MUNGORANE ZA HASIMA:
👉Irinde kuja mu mbeho canke ahantu hakanye
👉Irinde imyotsi,intumuka canke ahantu hari abantu benshi cane.