Indwara ya autisme
Indwara ya autisme
Indwara ya autisme ni indwara ikunze kwibasira ( gufata cane) abana igakomeza kugeza muzabukuru kuko ifata ibice vy'ingenzi (ibice nyamukuru), ibice vy'imitekerereze (vyo kwiyumvira) , kwoga no gufata mumutwe biramugora agasigara inyuma. usanga adafise nubumenyi yarakwiye kuba afise kumyaka runaka.
Ngibi ibimenyetso vyokwereka ko umwana afise iyo ndwara.
Ibimenyetso vyokwereka ko umwana afise iyo ndwara:
Ikigo Co muri Amerika kijejw kugwanya indwara zikomeye CDC kivuga ko umwana 1 kuri 44 agendana ubwo bugwayi ariko Ndetse nabakuze barayigwara canke bakaba barayikuranye, ibimenyetso vyiyo ndwara bigendana n'ukubona ubwonko bw'umwana budafise ubushobozi nk'ubwabandi bana bari murugero rumwe. Umwana ayirwaye biramugora kubana neza n'abandi bana, ugasanga umwana akunda ikintu kimwe gusa, ugasanga akina ibintu bimwe gusa ndetse ugasanga ntanubwo yitaho kumenya ibindi bintu bishasha, umwana afise iyo ndwara biramugora cane kumenya gufata kumutwe hamwe nokumenya uko yitaho ikintu.
Muvyukuri abashakashatsi benshi bavugako iyo ndwara itagira ikintu cizewe kiyitera. Ariko rero hari ibintu bimwe bimwe bishobora kuba imbarutso gutyo umwana akavukana iyo ndwara.
Murivyo abashakashatsi bavugako harimwo :
✍🏼Kuba umwana yavutse kubavyeyi bariko barakura mumyaka guhera kumyaka 35,
✍🏼Kuvukana ibiro bike canke kuvukana ibindi bibazo bishobora kwongera ivyago vyokugwara iyo ndwara.
Kugira ibibazo muturemangingo sano ( génétique ).
Biragoye cane kwirinda ubugwayi bwa autisme kuko ntampamvu nyayo itera iyondwara.
Kugira umwana avukane iyondwara ya autisme hari ibintu bibiri vy'ingenzi ( nyamukuru) bibigiramwo uruhara rukomeye:
1.Ibidukikije(environnement).
2.Uturemangingo sano(Génétiques).
Ivyo bintu bibiri iyo bihuye canke kimwe murivyo kikagira ibibazo kanaka, umwana uvyaye ashobora kuvukana ubwo bugwayi bwa autisme.
Ibimenyetso vy'indwara ya autisme uko bigenda bikurikirana:
Umwana akiri muto hari ibimenyetso vyokwereka ko afise indwara ya autisme maze ukihutira cane kumuvuza n
1.Kwanka canke kwirinda guhuza amaso n'uyundi muntu. Umwana aranka cane kurabana mumaso n'uwundi muntu niyo muhuje amaso agaca yirabira kuruhande kandi akagerageza kubigwanya cane.
2.Mubisanzwe Umwana afise amezi 9 iyo umuhamagaye mw'izina urabona ko yimenya kandi akitaba canke akakwereka ko yiyumvise. Ni ukuvugako aba azi ko atandukanye n'uwundi muntu runaka nubwo atoba ashoboye kuvuga ngo atobore ngo avuge neza, ico ni ikimenyetso kikwereka ko umwana ubwonko bwiwe bukora neza. Ariko uwufise iyondwara ya autisme ntabwo yitaba canke ngo agire ikimenyetso na kimwe kikwereka ko yumvise ko wamuhamagaye.
3.Umwana afise indwara ya autisme ntagaragaza amarangamutima nkay'abandi bana (amarangamutima yokwishima canke yokubabara, gushavura canke gutungurwa = gutangara).
4.Umwana ntashishikazwa (ntiyitaho) nogukina.
5.Umwana ntashobora gukora ibikorwa abandi bana bashobora gukora nkakarorero kuvuga canke kugenda.
6.Umwana ubona ibintu vyose ataco bimubwiye, ntumenya ivyo akunda, ivyo yanka ntakintu na kimwe aba yitayeho aba ameze nkaho ari mwisi yiwe wenyene.
7.Umwana agwaye ubwo bugwayi ashobora gukomereka, kubabara canke ikindi kintu kimubabaza, ariko ntihagire ico bimubwira.
8.Umwana ntakintu nakimwe yigana, abandi bana bakunda gukina bigize ibintu kanaka bagasaba ibi ibikinisho kanaka, bagakina imikino babonye muma reresi canke bakagira ibindi bintu vyinshi bagerageza kwigana.
Uyomwana wewe afise ubwo bugwayi iyo akina usanga akina ibintu bimwe niyo avuz ugasanga yama avuga ibintu bimwe ntiyigera ashishikazwa no kugira impinduka nimwe kuko vyose biba bipfira mumikorere yomumutwe, ubwonko bwiwe buba bukora nabi cane.