Indwara yo kwuma mugitsinagore

Kuva Wikipedia

_INDWARA YO KWUMA MU GITSINA GORE (Sécheresse vaginale)_

Kwuma mu gitsina gore n'imwe mundwara zibangamiye abakenyezi na bigeme batari bake kw'isi yose haba mubihugu biteye imbere canke ibiri munzira y'amajambere. Igiteye ubwoba aho kwitura abobafasha bapfana isoni abandi bagapfana impfane kubagabo babo ngo nta mugore atagira amazi kiretse abatazi kuyarondera. Ivyo navyo bigaca biteza ingorane mungo.

NI RYARI TWOBONA KO IGITSINA GORE CUMYE

Mumajambo make mugitsina c'u mugore hama hakanye kuko ari ikibanza gikanye (milieu humide) ariko ayo siyo mazi aba akenewe kuko amazi ari gutatu dusanga mugitsina gore:

1.Liquide vaginal: Akenshi ayo n'amazi yama mugitsina gore atuma hama habomvye.

2.Cyprine: Ayo niyo mazi akenewe kandi ikicigwa niyo gihagazeko.

AKAMARO KAYO:

Amazi n'ingirakamaro mu gihe c'imibonano mpuza bitsina niyo atuma iryo banga riryoha cane ivyo twobivuga mumice ibiri (akamaro kayo):

A .Amazi afise akamaro ko kwerekana ko umugore hageze ko arangura amabanga y'abubatse(ashushe), Iyo umugabo ariko arategura umugore mu kumukorakora kubihimba nkaburamubiri (c aresse) nko ku matako,ku matwi, ku mabere,ku nda nahandi. Umugore aragera aho ashuha muri ico gihe hari amazi yisuka azananye mu gahimba bita glande bartholin akameneka gushika naho isiripe itota nico gituma atari vyiza gutegura umugore wamukuye isiripe kuko ifise akamaro kenshi.

AKAMARO K'ISIRIPE MU MIBONANO MPUZA BITSINA

Isiripe ifise akamaro kanini murico gihe co kurangura amabanga y'abuhatse gusa reka tuvuge mumice 2 mikuru:

_Isiripe ifasha umugabo kwamana akayabagu kuko aguma yipfuza gushikira igikingiriwe nayo

_Yerekana ko umugore hageze ko arangura amabanga y' abubatse kuko umugabo abirabira ukuntu iba yatose

B . Amazi atuma imibonano mpuza bitsina iryoha kuko atuma uruza n' uruja mu gitsina gore rworoha maze uburyohe bukiyongera kuri bose

3. Ejaculat Ayo nayo n' amazi aboneka iyo umugore yamaze kuryoherwa cane bivuye kuruja nuruza rw' igitsina gabo mu gitsina gore .murico gihe haragera aho ashikira umunezero wanyuma (famme fontaine) ico gihe hari amazi yisuka avuye mugihimba c' umwanda muto bita urètre harabo aseseka hanze gushika aho atemba gushika kuri 200ml ayo mazi tuyita ejaculat

IBITUMA ABURA

Ibituma amazi mugitsina gore abura nivyinshi gusa reka tuvuge bike muri vyinshi:

1.lsuku rirenze mugitsina gore kugeza aho wogesha isabuni

2.Ubwandu bwo mubihimba vy'irondoka( infection vaginale canke urinaire)

3.Guta umutwe na gahinda( stress et dépression)

4.Guca imvyaro ( ménopause)

5.Itabi (ritunze ubumara bita monoxyde de carbone bukamya amazi)

6.Imiti canke ibikoresho bakoresha abogore bavyare kurugero

7.Gufungura nabi

8.Inzoga( zitunze acetaldéhyde déshydrogénase irabituma)

9.Imiti imwimwe yo kwamuganga

10.Gukoresha agakingirizo katagira amavuta akwiye(préservatif non lubrifiant)

11. Nibindi vyinshi

_INGARUKAMBI ZO KUBURA AMAZI._ 

Ingaruka mbi zo kubura amazi ni nyinshi atiko reka tuvuge 3 nyamukuri

1.Kubura amazi bisambura ingo bigatuma barenga ibigo

2.Kutaryoherererwa amabanga y' abubatse kuko bibababaza

3.Kwikeka uwo mubana ko azoja kurondera abayafise n'ibindi.