Ingwara iterwa n’umugera wa Ebola

Kuva Wikipedia
Ingwara iterwa n’umugera wa Ebola
Ifoto yo mu 1976 y’abaforomakazi babiri bahagaze imbere ya Mayinga N., umuntu arwaye ingwara iterwa n’umugera wa Ebola; yitavye Imana haheze iminsi mike bivuye ku kuvira imbere gukomeye cane.
Classification and external resources
Specialtyinfectious diseases
ICD-10A98.4
ICD-9-CM065.8
DiseasesDB18043
MedlinePlus001339
eMedicinemed/626
MeSHD019142

Ingwara iterwa n'umugera wa Ebola (EVD) canke Ingwara y'ukuvira imbere no gushuha ya Ebola (EHF) ni ingwara ifata abantu iterwa n'Umugera wa Ebola. Ibimenyetso bitangura inyuma y'indwi zibiri canke zitatu umuntu afashwe n'uwo mugera, igafatira k'ubushuhe, kubabara mu muhogo, kubabara mu mitsi, hamwe no kumeneka umutwe. Ahanini iseseme, kuyorwa no gucibwamwo nivyo bikurikira, bifatanije no gucika intege vy'igitigu hamwe n'amafyigo. Kuri urwo rugero, abantu bamwe baca batangura kugira ingorane yo kuvirirana amaraso.[1]

Ebola 1976-2014
Ebola Symptoms

Uyo mugera ushobora kwandurwa bitewe n'amaraso canke amazi yo ku mubiri y'igikoko kirwaye (cane cane inkende canke uduhungarema).[1] Kwandura biciye mu kirere ntibiratangazwa neza mu nyandiko.[2] Ubuhungarema bavuga ko bushobora gutwara no gukwiragiza uyo mugera ariko bwo ntibwandure. Igihe umuntu afashwe, ingwara irashobora guca ikwiragira mu bandi bantu. Abagabo bakiriho barashobora gukwiragiza iyo ngwara biciye mu ntanga mu gihe cababa amezi abiri. Mukuyisuzuma, ahanini izindi ngwara bisangiye ibimenyetso nka malaria, korera hamwe n'izindi ziterwa n'imigera zirangwa no kuva amaraso no gushuha babanza kuzikuramwo. Mu kwemeza inyishu, ibipimo vy'amaraso birasubirwamwo gusuzumwa ku vyerekeye utugera tw'abasoda b'umubiri, utugera twa RNA, canke uwo mugera ubwawo.[1]

Kuyirwanya harimwo kuyibuza gukwiragira iva mu nkende zanduye canke ingurube ija mu bantu. Ivyo bishobora gukorwa mu gusuzuma ivyo bikoko hama bikicwa maze bigahambwa neza ku buryo butegekanywa, mu gihe iyo ngwara imaze kugaragara. Guteka inyama neza no kwikingira mu gihe uriko urakorakora inyama birashobora gufasha, co kimwe no kwambara ibikingira umubiri no gukaraba mu minwe igihe uri hafi y'uwurwaye iyo ngwara. Ivyakoze mu gupima canke ivyambarwa vy'abantu barwaye iyo ngwara bitegerezwa gufatwa mu buryo bwo kugaba cane.[1]

Nta muti uraboneka w'iyo ngwara; mu kugira inguvu zo gufasha abantu bamaze kugrwara iyo ngwara harimwo kubaha amazi y'ubuzima (amazi arimwo agasukari n'akunyu) canke serumu.[1] Iyo ngwara iri hejuru ku vyerekeye urugero rwo kwica: kenshi ishobora kwica hagati y'ibice 50% na 90% vy'abafashwe.[1][3] EVD yatanyuye kumenyekana muri Sudani no muri Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo. Iyo ngwara ahanini ikunda kwaduka nk'ikiza mu burere bwegereye tropike bwa Africa yo munsi ya Sahara.[1] Kuva mu 1976 (Igihe iyo ngwara yamenyekana) gushika mu 2013, abantu bari munsi y'1,000 ku mwaka nibo bamaze gufatwa.[1][4] Ikiza gikomeye gushika ubu ni Ikiza ca Ebola co mu 2014 muri Afrika y'Uburengerazuba, kimaze gufata Guinee, Sierra Leone, Liberiya nkeka no muri Nigeriya.[5][6] Gushika muri Myandagaro abarwayi bashika nibo bamaze kumenyekana.[7] Inguvu ziriko ziragirwa kugira haboneke urucanco; ariko nta na rumwe ruraboneka.[1]

Inyandiko zafatiweko[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

  1. 1.0 1.1 1.2 1.3 1.4 1.5 1.6 1.7 1.8 "Ebola virus disease Fact sheet N°103". World Health Organization. March 2014. Retrieved 12 April 2014.
  2. "2014 Ebola Virus Disease (EVD) outbreak in West Africa". WHO. Apr 21 2014. Archived from the original on 29 July 2014. Retrieved 3 August 2014. Check date values in: |date= (help)
  3. C.M. Fauquet (2005). Virus taxonomy classification and nomenclature of viruses; 8th report of the International Committee on Taxonomy of Viruses. Oxford: Elsevier/Academic Press. p. 648. ISBN 9780080575483.
  4. "Ebola Viral Disease Outbreak — West Africa, 2014". CDC. June 27, 2014. Retrieved 26 June 2014.
  5. "CDC urges all US residents to avoid nonessential travel to Liberia, Guinea, and Sierra Leone because of an unprecedented outbreak of Ebola". CDC. July 31, 2014. Retrieved 2 August 2014.
  6. "Outbreak of Ebola in Guinea, Liberia, and Sierra Leone". CDC. August 4, 2014. Retrieved 5 August 2014.
  7. "Ebola virus disease update - West Africa". WHO. Aug 4, 2014. Archived from the original on 23 November 2014. Retrieved 6 August 2014.
Urutonde rw'Inyandiko

Izindi mbuga[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]