Jump to content

Inkono

Kuva Wikipedia
Umukenyezi yikoreye inkono zitatu

Inkono nigikoresho abarundi nabarundikazi bamye bakoresha cane, bakaba bayikoresha cane cane mukurondera ibifungurwa bakaba bayitekamwo, Aho hambere hahise ikizungu kitaraza barayishiramwo inzoga zitandukanye kuko zaba arizo bihingurira, inzoga bashiramwo , rwari urwarwa, n'impeke barashoramwo kandi n' amazi .

Ubu kubera iterambere nibagikoresha inkono muguteka, bakoresha Ivyo bita, amasafuriya.

Muri kinogihe abantu batari bake na cane cane abanyagisagara inkono bazikoresha mukuziteramwo amahurwe. Ico gikoresho(inkono) nubu kiracakorwa kandi kiracakora kikaba gikorwa nabarundikazi bo mumuryango wabo bita abatwa.

Inkono ni igikoresho batekamwo imfungurwa ugasanga ziryoshe cane, gihingurwa mw'ibumba. Inkono ikoreshwa cane cane mugikoni. Ababumba ikono batangura kurondera ibumba, bakaritegura, akaba ariryo bazobumbamwo inkono bakabona kuzikomeza bakoresheje umuriro.