Inkukura

Kuva Wikipedia
Ingaruka y'inkukura ikomoka k'umuyaga hamwe n'amazi (Coyote Buttes, Vermilion Cliffs National Monument, États-Unis).
Igeramirwa r'inkukura y'isi (Europe méditerranéenne).  

Muvyigwa vy'isi, inkukura ni itituka rivuye kw'ihindagurika y'imisozi, ibiyaya, muri rusangi ry'isi ritewe n'ikintu cose gishobora kwonona isi kitavuye muriyo.

Isi yakozweko n'inkukura irahinduka uko yahora. Ibintu muri nyamukuru bitera inkukura ni :

  • ikirere ;
  • imero y'isi ;
  • isi ubwayo uko imeze (ubukomezi bw'isi) n'ibigize isi (urugero bw'ivyunyunyu bigize isi nk'akarorero) vy'urutare ;
  • ibidukikije nubutaka (kubaho canke kutabaho kw'ivyatsi, ibikoko, n'ibindi bikikuje isi tubayeko) na kamere yavyo ;
  • amateka ya kahise k'isi (nk'akarorero isi ishobora kuba yarigeze gusaduka, kugira imigaga n'ibindi) ;
  • ibikorwa vy'abantu (ibikorwa vy'uburimyi, kurisha cane ivyatsi biri kw'isi, gutabira isi, kurima kw'isi iri ku mitumba, n'ibindi), gutema amashamba, gushira ibimenyetso kw'isi, ibisagara vyubakwa kw'isi umwanya ku mwanyae.

Inkukura ikora ku bipimo bitandukanye kandi irashobora, mumyaka ibinjana n'ibinjana, gukukura imisozi ikayita hasi, gucukura ibibaya, gusubiza inyuma imisozi.

Ibintu bisanzwe bishika bibaho kw'isi, nk'imiyaga, imvura, canke inkuba, birashobora guhindura cane ibibanza vy'isi mumasaha make, ndetse no muminota mike.

Ibiharuro[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

"Inkukura yose" iharurwa k'urugero runaka rw'umugezi w'amazi, mu gupima ibintu vyose bitwarwa. Maze hakagereranwa ico gipimo n'urugero nyakuri rw'amazi.