Isoko rikuru ryo mu gisagara ca Bujumbura

Kuva Wikipedia

Mu gihugu c'Uburundi igisagara ça Bujumbura kw'isoko rikuru riheruka gusha. Isoko rikuru rya Bujumbura riri hagati mu gisagara ca Bujumbura aho benshi mubahazi canke mubahatembera bahazi nka (Centre ville) ni ahantu hahurira abantu benshi cane mu micungararo itandukanye y'igihugu cane. Hari ibituro vyamamodoka yunguruza abantu mu zindi ntara zo mu Burundi. Isoko rikuru rya Bujumbura ryahiye igenekerezo rya 27/01/2013 ahahiriye ibintu vyinshi bituma nabantu benshi bahahombera ivyabo. Imbere yaho iryo soko risha ryari isoko rinini riteye igomwe kandi ryahurumbirwa nabantu benshi bavuye mu mihingo itandukanye y'igihugu cacu c'Uburundi. Abanyamahanga nab'Abarundi bose baraboneka mu micungararo y'iryo soko kandi ni kubera hegeranye nahantu hari ama hoteri, uburiro kandi iruhande yaho bakorera amaterefone aho bikunze kwita kuri Bata. Iryo soko ryegeranye nama komine ya Bujumbura nka Rohero, Asiatique kandi ikaba iri muri zone ya Rohero.