Kizito Mihigo
Kizito Mihigo yavukiye i Kibeho, igenekerezo rya 25 Mukakaro 1981, ni umuririmvyi n'umwanditsi w'indirimbo w'umunyarwanda. Mu mwaka wa 1994, yarokotse ihonyabwoko ryakorewe abatutsi. Ise wiwe, umushingantahe Buguzi Augustin, yaragandaguwe mw'iryo honyabwoko.
Yize amashure yisumbuye mw'iseminari ntoya y'i Butare mu Rwanda, aca abandanya mu mashuri y'umuziki i Buraya, mu ishure rya Conservatoire de Musique de Paris mu gihugu c'Ubufaransa.
Mihigo yamenyekanye mu ndirimbo za Ekleziya katolika, n'izindi zitanga ubutumwa bw'amahoro n'ubumwe mu Rwanda. Mu mwaka wa 2014, yarasohoye indirimbo Igisobanuro c'Urupfu, abategetsi bo mu Rwanda baca barayihagarika mu gihugu cose. Mihigo yaciye afatwa n'abajejwe umutekano, yagirizwa kugirira nabi ubutegetsi n'umukuru w'igihugu Paul Kagame. Kizito Mihigo yaremeye ivyaha vyose yagirizwa aca arasaba ikigongwe.
Igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2015, yaciriwe umunyororo w'imyaka cumi.