Kubandwa

Kuva Wikipedia

Kubandwa, ni irivuga rigobotowe mu rivuga kubanda. Kubanda ni nka kurya abantu bagundana cane iyo ari benshi. Baca bavuga ngo barabandana.Uwubandwa rero bavuga ko abandwa na Kiranga. Uwubandwa yaba ahagazweko na kiranga. Ni ukuvuga ko Kiranga abanda umutima w’uno muntu. Ni co gituma uwubandwa bamwita imbandwa canke imandwa[1].

Inkomoko yo kubandwa[2]

Urubanza rwo kubandwa rwaba rufise ico rwerekeye, uwatumyeko imbandwa, yabanza kumenyesha ico ashaka ko babandirwa. Uwabahuza n’Imana na we akaba yari Kiranga abenshi bakunda kwita Imana canke Kiranga kiri umweru, akaba yari asanzwe yaba i bwami kandi kenshi na kenshi kiranga yaba ari umugao ahumuye canke umugore akuze w'igicamvyaro. Ariko mu ntango, Kiranga yari umugabo yazananye na Ntare I Rushatsi cCmbarantama.

Ico babandirwa n'akamaro ko kubandwa

Kubera ko Abarundi bamanye ubumwe kuva kera na rindi, Abarundi babandirwa hamwe bose, ata vangura: Abahutu, Abatwa n’Abatutsi. Ku bw'ubumwe, Abarundi bari basanzwe bafitaniye, Umututsi aramutse abandwa, urwo rubanza ntirwaba hatarimwo Abahutu; n’Umuhutu yateguye kubandwa kwari uko nyene.

Imbere yo kubandwa hari umugirwa bagira harimwo ico bita kwiraba ingondo.

Kwirabaingondo (ingwa yera)

Imbere yo kwambaza Imana, ababandwa bose babanza kwiraba ingwa. Bayikura mu kimanga citwa ikinyengwa. Bahejeje kwiraba ingondo, baca bitwa ibihweba, arivyo bishegu. Mu kwiraba, baratoba mu tuzi dukeya, bagaheza bakisiga ku matama no mu ruhanga. Ni na ho mbere ibihweba baheza bakavyita amasera. Uwuza kuba Kiranga yaba azwi, akambara ivyisa. Aje kwisiga imvyino zaca zisekera kurushiriza.

Igituma biraba ingwa yera cari ikimenyetso c'Imana kuko bavuga ko yera itagira agasembwa (agatosi) mbere iryo jambo ry'uko Imana yera na bugingo n'ubu rirakoreshwa mu masengero atandukanye. Ariko kwiraba ingondo ntivyaba kuri bose: vyarashika hakagira abatiraba kubera imiziro itandukanye. Ku bw'imiziro itandukanye nk'akarorero umukobwa canke umugore ari mu butinyanka, canke uwugandaye ntiyashobora kwiraba, mugabo baraja mu bandi bakabandwa.

Uwabandwa n'ingene bamwita

Uwugira yatirwe mw’ibanga yaba yitwa Nyakere. Mu kwatirwa rero, bamugaburira ku ngasiro, agaheza akarisha umunwa, kurya kw’ibikoko.

Babigira uko kugira ngo berekane ingene akiri Nyakere, yari ubusa, akicisha bugufi, akigira nk’ikigugu kugira ngo asabe. Baranamwita « Nyakute », ni ukuvuga, « amase atawe n’inka yuta » canke « umwanda w'umuntu acibwamwo ». Ni igitutsi kibi ariko yaravyemera, kugira ngo ahabwe ibanga. Ni ho bavuga ko kubandwa ari uguheba. Iyo ngasiro yaba iriko amababi y’umurinzi, ari wo bita umugumya. Umugumya na co cari igiti cari gihambaye cane aho ha mbere. Ingasiro ngo bayita « inganji ». Iruhande y’ivyo, uwubandwa baca bamuremeka ku mutwe urugiga rw’umurinzi (umugumya), bakamubwira bati: « Ukarimena rizokumena inda…», bagaca batererako akavyino. Ako kavyino kaba ari akavyino karyoshe kajanye n'iryo banga ryo kubandwa.

Uwatiwe rero yaca aronka irindi zina rijanye n’iryo banga. Mu gihe co kubandwa yahamagarwa iryo zina nyene kanatsina yaba yabaye uwundi muntu.

Bamaze guheza kwiraba, kiranga yaca afata icicaro maze iruhande yiwe haba hari igihweba gikuru arico bita « Rubambo », muri ako kanya invyino zaravuga mbere ingeromugere (rythme) zigasekera, izo mvyino zaba arizo kuninahaza, guhayagiza Imana ica kuri Kiranga ndetse Kiranga akanayihayagiza ububasha bwayo kikerekana ko Ishoboye ibintu vyinshi ndetse binahambaye. Muri ico gihe uwabandwa yaritura Kiranga akamwegera yitonze cane n'icubahiro cinshi akamwivuga mu mazina yishongora ati: « Warampaye musongoranyundo. Uracatanguranwa n’inkona ku rugomero, ukayitanga gushoka, ugakora ingwe mu jisho, ugatosora imamba…» Ayo majambo yerekana ububasha budasanzwe, kuko nta muntu n’umwe yopfa agize ivyo bintu.

Muri ico gihe imvugo yarahinduka ndetse bakavuga amajambo agoye gusigura canke atumbikana ku bataronse iryo banga. Ni co bita « Kuvovota». Ivyo birasanzwe kuko n'abashingwamanza, n'abasengesha (abagatolika, abaislamu ndetse n'abaporotisanti) baravuga ibintu bitumvikana ku wutari mu mwua wabo.

« Imvovoto » ari yo « mborogoto », imvugo bisangije kuko baba bariko baravyina, baracishamwo bakayaga. Uretse ko harimwo gushirukanya bitangaje, hari n’amajambo usanga agoye indangurakintu, kuko bafise uko bita ibi na biriya. Mu gutwenga canke mu kuramukanya bivugira ngo: « Hwayi! Hwayi! Hwayi!» Umwumbati bawita « umujumati», gutamira ngo ni « ugutagira», igitoke bacita « igihunga », indagara bazita « agahungamuyaga »,… ivyo biransanzwe ni nka kurya patiri yita umuvinyu « amaraso ya Kristu », umukate akawita « Umubiri wa Kristu»...

Ivyo babandirwa nyamukuru

Amahasa: abana bavutse ari babiri icarimwe (Kuko baratera inzoberanya igituma batabaye batatu).

Inka;

Itunga;

Uwabirwa: umwigeme yaba agira agire ubugeni

Uwaba agwaye;

Uwabuze uruvyaro;

Uwasaziye iwabo: umukobwa yaba yarabuze umugabo (kugumirwa);

Ikirumbarumba (Ikirumbagane): yaba ari umuhungu yabuze umugore canke yaresha bakamubenga;

Igisubiramuhira: yaba ari umugore yirukanwe n'umugabo agasubira iwabo kwa se na nyina.


Kubandwa uravye kwari « ugusenga koko », bamaze kugira ivyo baca bamanuka kumwonga bumaze kugoroba, baja ahantu hari isumo; abegereye i Mwaro baja mu gasumo ka Mwaro, abandi na bo baja ahantu hari isumo ry'uruzi kuko bemera ko mumazi asuma ariho hari ububasha bw'Imana. Kandi babandwa basaba bisabira itunga, kuroranirwa n'ibindi. Ico womenya ni uko babandwa ku murango. Ico womenya coco, ni uko badandwa ku mutaga. hariho n,aho babandwa mw'ijoro. Mugabo babandwa babigirizwa kubandwa ibihe vyose ku mutaga no mw''ijoro. Ukubandwa kwatanguye ku mutaga kwahera mw'ijoro. Ukwatangura mw'ijoro kwahera bgakeye. Ngo kuko basaba Imana y'ibihe vyose « Ijoro n'umutaga ».

Akarorero k'ivyo babandirwa ni ak'umuntu vyashika bakamubandirwa arwaye mu mutwe kubera akabonge agakira (kandi nta muti bamuha: yaba akijijwe n'Imana Rugiravyose). Baramuduza, bakamumanura, bakamutambira, bakamuvyinira bati: « Yaraye yenena, yirirwa yembemba, agorobeza yambamba. Ni umubandirwa nyakubandirwa, nyakugira inkoni, nyakugira inkuyo, nyakugira ikibondo kubibero ». Imana yaraheza ikamugarukanamwo ubuzima bwari bwaragiye, akongera agakira akaba umuntu muzima.

Mu gihe ca none kubandwa ntibikivugwa kuko umugirwa wo gusenga warahindutse, ntibaciyambaza Kiranga ariko basenga Imana yo mw'ijuru, ariko uravye neza urashobora guhuza umugirwa wa kera wo kubandwa n'amasengesho yo mugihe ca none.

  1. www.yaga-burundi.com/2020/kubandwa-ibintu-twomenya/
  2. https://www.africabib.org/rec.php?RID=054809959