Mozdahir

Kuva Wikipedia
Institut Mozdahir International

Mozdahir (izwi kandi nka Mozdahir International Institute; izina ry’igifaransa: igisataMpuzamakungu Mozdahir canke IMI) n’ ishirahamwe mpuzamakungu ritegamiye leta rifise icicaro muri Dakar, Senegal.[1][2]

Intangamarara[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Rifise amashami menshi mubihugu bitandukanye vy’Africa, nka Senegal, Mali, Ivory Coast, Guinea Bissau, Burkina Faso, hamwe n’ibindi bihugu.[3] Mozdahir yatangujwe mu 2000 na Cherif Mohamed Aly Aidara umwe mubaza imbere mubarongozi b’idini Shi’I muri Senegal.[4] Irishirahamwe rikora mumigambi yoguteza imbere mubijanye n’indero, amagara, uburimyi, ibidukikije, amashamba cimeza, and numuyagankuba, bifadikanije nayandi mashirahamwe ateye imbere nka World Food Programme (ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ifungurwa kw’isi).[5][6]

Mozdahir rifise icicaro gikuru muri Dakar, hafi yakaminuza yomuri Dakar. Ishirahamwe rikora na cane cane muri Dakar harimwo nicumba cogusoma ibitabu and n’ibindi bintu bifasha mubijanye n’inyigisho. Mozdahir irongera igasohora ikinyamakuru mucakane c’umwaka, nihuriro rusangi, ifise kandi iradio Mozdahir FM 93.2 muri Guédiawaye, Dakar, akaba ariyo radio yonyene ya Shi’I itangazwa muri Senegal. Isanzwe itangaza imigambi myinshi yiterambere muri Casamance mukarere ka Senegal yefo. Hamwe nomugihande kinini co muburaruko bwa Africa. Ishirahamwe rikora vyinshi mubijanye n’imigambi y’iterambere, harimwo nugutanguza umugambi wogutera ibitoki mu bucimbiri nka Nadjaf Al Ashraf.[7]

Imigambi[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Gushika ubu, Mozdahir imaze kubaka:[8]

  • Ishuri muri Bamako, Mali na Ouagadougou, Burkina Faso
  • CAPE Maimouna Diao irerero muri Kolda, Senegal
  • Ishuri Al Mahdi, ishuri ryigenga muri Kolda, Senegal
  • Icicaro c’Abisramu muri in Bafatá, Guinea Bissau
  • Iwaniro ry’imico ndangakaranga muri Vélingara, Senegal
  • Ishamba rishasha muri Kolda Region na Thiès Region, Senegal

References[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

  1. Chérif Mohamed Aly Aidara, président de Mozdahir International : « L'islam ne peut pas être une religion de violence » Seneweb.
  2. Sénégal : 127 jeunes de Vélingara s'informent sur l'islam chiite. Shafaqna.
  3. APPEL Chérif Mohamed Ali Aïdara, guide des chiites : «Partout dans le monde, les musulmans sont opprimés» Le Quotidien.
  4. Finance Islamique : « C'est un moyen de lutte contre la pauvreté » (Chérif Mohamed Aly Aïdara, Président de l'Institut Mozdahir International). Politique221.
  5. Le chiisme au Sénégal Mozdahir. Shia Africa.
  6. Leichtman, Mara A. 2015. Shi'i Cosmopolitanisms in Africa: Lebanese Migration and Religious Conversion in Senegal. Indiana University Press.
  7. Leichtman, Mara A. (2017). The NGO-ization of Shi'i Islam in Senegal: Bridging the Urban-Rural Divide. ECAS7: 7th European Conference on African Studies. Basel, 29 June - 1 July 2017.
  8. A propos de l’IMI. Institute Mozdahir International.