Muramvya

Muramvya ni igisagara kimwe mubisagara bigize igihugu c'Uburundi, Muramvya kandi ni intara imwe muntara icumi n'umunani zigize igihugu ciza c'Uburundi. Ikaba iri mugihugu hagati, ndetse muramvya yarabaye umugwa mukuru wa CAMI kungoma y'Abami.
- Abanyagihugu: 17.600hab (ibihumbi icumi n'indwi n'amajana atandatu ) mu mwaka w'ibihumbi bibiri na cumi (2010)

Teza-Muramvya . Muramvya nintara nziza muntara z'igihugu c' uburundi ikaba itatswe ( isharijwe) n'ibintu vyinshi cane harimwo , amavuriro (hôpitaux), amahinguriro (Industries), inzuzuzi (rivières), amabarabara (routes)
Burundi - Muramvya - Mumajambo yagutse ( en détail) ivyiza vy'imuramvya hamwe Naho biherereye.
- Amahinguriro ari imuramvya ni :
_MINOLACS DE MURAMVYA : ni hinguriro (Industrie) rihingura ibinyantete (les céréales) na cane cane ingano( blé) n' ibigori ( maïs). Iryo hinguriro rihingura ifu nziza cane kandi mpuza makungu kuko rinasanzwe Ariryo iyambere mu karere k'ibiyaga binini, twobameshako ifu nyinshi y'ingano ( Farine de blé) inkoresha mugukora imikate( pain), ibitumbura ( beignets), ihingurirwa muri iyo ntara nyene niryo hinguriro bita MINOLACS DE MURAMVYA, kandi ikaba ifasha uburundi n'amakungu.
Ihinguriro MINOLACS DE MURAMVYA, riherereye muntara na komine MURAMVYA nyene kumutumba Muramvya agacimbiri ndago.
_Ihinguriro rihingura icayi (thé) Riri muri komine bukeye muri iyo ntara nyene ( OTB Teza )
__Ihinguriro ry'uwigenga rihingura icayi (thé) Riri muri komine Muramvya muri iyo ntara nyene (Lovimax)
Amavuriro
Iyo ntara ifise ivuriro rikuru kandi ryiza bita hôpital de MURAMVYA Riri kumurwa mukuru wiyontara nyene ya Muramvya.
Muramvya ifise n'ayandi mavuriro menshi matomato kuri buri komine ndetse hari n'ama komine usanga afise amavuriro abiri, atatu n'ayarenga.
Amashure
Muramvya ifise amashure meza kandi y'akarorero harimwo iryo bita KARUBABI Harvest school iryo Shure rikaba ritanga ubumenyi guhera muri maternelle, rifise ibisata bibiri (deux sections): TIAA ( Technologie des Industries Agro Alimentaire) na CT( Conducteur des Travaux), ico gisata bita TIAA biga ibijanye no guhingura ibiva munfungurwa ico naco bita CT biga ibijanye no kwubaka, Aho nyene kwiryo shure hariho n'ivuriro ritoya bita CDS KARUBABi, irindi Shure ni lycée muramvya, lycée bukeye, lycée kiganda, nayandi mashure atandukanye...
Inzuzi (rivières)
Muntara ya muramvya Hari uruzi bita Mubarazi, rukaba ari runini , rufise nurugomero rwamatara (balade de l' électricité) iri Aho bita mugikonge muri komine bukeye y'intara MURAMVYA urwo rugomero rukaba rutanga amatara mwikomine zitarinke ziyontara harimwo numurwa mukuru wiyontara.
_ Hari uruzi bita muga
Urwo ruzi narwo nirutoya rukaba rufise isoko muri iyo ntara nyene ahahoze haba umwami musi yahari Lycée MURAMVYA na Stade Royal de MURAMVYA, urwo ruzi rwisuka muri mubarazi rumwe twavuga hejuru
_ Hari nurundi ruzi bita mucece narwonye rwisuka muri mubarazi.
_Urundi ruzi barwita nyabukongoro rwisuka muri mucece.
Izo nzuzi zose zikaba zigize intara ya muramvya yagutse
Ibiterwa njabuka mazi barima (culture industriels) ni: icayi (thé) n' ikawa (café).
Ibindi bitegwa bihimbuka ni:
- ibiharage,
-ibigori,
-ibitoki,
-ibijumbu,
-imyumbati,
-amavoka,
-ibiraya,
-ingano,
-ivyema,
N'ibindi
Ibitungwa borora muntara ya Muramvya:
-inka,
-impene,
-intama,
-ingurube,
-inkwavu,
-inkoko,
-isihiri,
-Inuma,
-idendo,
-Imbwa,
-Inyabu
- n'ibindi.
Hari n'ibindi bikoko biba mumashamba nka:
-inzoka,
-ingeregere,
-impongo,
-Imbwebwe,
-inguge,
-inkende,
-inkoto,
-imamfu,
-ibingira,
N'ibindi.

