Ubwislamu mu Burundi

Kuva Wikipedia
Splendour Coran

Kuva kera na rindi Abarundi bamye basenga Imana. Imbere ko abarundi bo hambere batangura kwigishwa ivy'amadini mashasha, barasenga icariho c'uwo biyumvira ko yoba asumba vyose akaba ari nawe yatumye abantu babaho. Baranashimira uwo bibaza ko asumba vyose kandi atanga vyose mu guterera. Mu guterera rero baragana inzoga,bagateka indya nziza bakongera bagatumira incuti n'abagenzi. Barashikanira uwo bibaza ko asumba vyose mu kumushikiriza imfungugwa nziza ahantu mw'ishamba bibaza ko uwo asumba vyose azohava aza kuvyakira. Ivyo babigira muntumero yo gushimira uwo bibaza ko asumba bose. Aho baba baronse umwimbu ukwiye canke nkiyo baronse umwana. Ivyo vyose babigira mu gikorwa bita KUBANDWA.

Kubwandwa rero cari igikorwa cagigwa n'abarundi bo hambere nka bose!Imbere y'uko ubukoroni (colonisation) butangura, abazungu baraje kwigisha amadini mashasha maze abarundi baheba Kiranga batangura gusenga Imana mu bundi buryo. Amadini y'Ubukirisu nka Gatorika (Eglise Catholique) niyo yiharije inyigisho z'Imana nshasha. Aba islamu

مخطوطة محمد صلى الله عليه وسلم

nabo nyene ntibatanzwe kuza kwigisha ivy'Imana.Naho abarundi bari binjiye idini rishasha ry'ubukirisu, ubw'isilamu nabwo nyene bwararonse abanywanyi. Inyigisho nazo zabo zikaba zivuga ko :"Ata Mana Ikwiye Gusengwa vy'ukuri atari ALLAH kandi ko MUHAMADI ari Intumwa y'Imana".Ubwo butumwa bushasha bwaciye busubirira ubwo abera (missionnaires blancs) bari bigishije ko Yesu (Jésus) ari umwana w'Imana kandi ko UKWEMERA KWABO kugizwe n'UBUTATU BUTAGATIFU :Data,(Père) Mwana,(Fils) hamwe na Mutima Mweranda( Saint Esprit).Ubwisiramu rero buza buhakana ko Yesu atari umwana w'Imana ahubwo ari intumwa y'Imana nkuko nyanditswe mu gitabo ceranda Korani cahishuriwe intumwa ya Allah, Muhamadi. Ubwisilamu rero mu Burundi bushinga imizi bukebuke gushika n'ubu. Abemera idini rya Islamu babandanya bagwira gushika n'ubu aho

رسم تعبيري للفظ الجلالة ومن يجلهم أهل السنة

bashika ku bice 15 kw'ijana! Benshi muribo bavuga ururimi rw'igiswahili (Swahili) kandi bakaba benshi baba mu dusagara dusanga mu gihugu cose c'Uburundi.

BIMWE MUVYO ABA ISLAMU BEMERA

Abisiramu baremera Imana Imwe Rudende, Intumwa zayo zose (harimwo ya Yesu),Ibitabo vyerenda (Korani, Zaburi, Injili), Umusi w'umuhero, Abamarayika, Urubanza rwo ku musi w'iherezo,Ijuru hamwe n'umuriro Udahera!

Gusenga muri Islamu Abasilamu bategetswe gusenga gatanu kumusi.Biratandukanye cane n'ivyo abakirisu bagira.Hanyuma umusi w'ikoraniro ryo kugenda kumviriza inyigisho ni ku musi wa Gatanu mweranda w'indwi.Uwo musi ni uwo gusangira igisabisho kandi utegetswe kuri bose. Igisabisho nyamukuru umusiramu wese ategerezwa kuvuga gatanu ku musi ni Ikigabane ca Mbere c'igitabo ceranda Korani naco kikaba kivuga giti:


بِسْمِ اللّهِ الرَّحْمـَنِ الرَّحِيم

1.Kw'Izina ry'Imana Nyenimbabazi, Nyeningiro

الْحَمْدُ للهِ رَبَ الْعَالَمِينَ

2.Amashimwe yose ni ay'Imana,Umufasha w'abantu bose

الرَّحْمـنِ الرَّحِيم

3.Nyene Imbabazi,Nyeningiro.

مَـالِكِ يَوْمِ الدِّين

4.Ni Wewe Uganza umusi w'umuhero.

إِيَّاك نَعْبُدُ وإِيَّاكَ نَسْتَعِين

5.Ni Wewe dusenga kandi ni Wewe dusaba imfashanyo.

اهدِنَــــا الصِّرَاطَ المُستَقِيمَ

6.Tuyobore Mana mu nzira igororotse.

صِرَاطَ الَّذِينَ أَنعَمتَ عَلَيهِمْ غَيرِ المَغضُوبِ عَلَيهِمْ وَلاَ الضَّالِّين

7.Inzira y'abo wayoboye, atari inzira y'abo washavuriye canke y'abazimiye.