Umucungwe

Kuva Wikipedia

Umucungwe ni icamwa kiryoshe cane gisosa cane. Umucungwe ugizwe ahanini n'amazi, ikibiribiri cawo hamwe n'umutobe wayo navyo vyuzuyemwo ibintu ngirakamaro ku magara yacu na cane cane isanganyangaburo ya A,B, na C, hamwe n'ibintu bikora nk'imikubuzo mugusangangura Ubumara buba bwavuye muvyo twafunguye canke twanyoye. Igishishwa c'umucungwe kiratunze cane Ivyunyunyu nka calcium, phosphore, potassium, magnésium, fer, cuivre, flavonoïdes, caroténoïdes, hamwe n'ibinyuzinyuzi(fibres).

Gufungura umucungwe buri musi nivyiza cane kuko birakingira umubiri wacu Indwara zitandukanye.

MN (Menya Neza): Umucungwe urabujijwe mugihe mugihe umuntu afise ibibazo bikurikira:

➖ RGO ➖ Oesophagite peptique ➖

Hernie hiatale

Ariko mugihe udafise ubwo burwayi, ngibi ibituma bimwe vyogutera gukunda gufungura umucungwe:

1. Urakinagira amaso yacu tukaguma tubona neza

2. Urafasha mukudukingira Indwara zitandukanye z'ibimungu

3. Urafasha mugukinga Indwara zitandukanye z'umutima

4. Iragabanya ibibazo vyo gusasatwa (inflammation)

5. Irafasha cane mukuvura ibicurane 6. Irafasha mugutuma ivyo twafunguye bihoka neza.