Umuduri

Kuva Wikipedia

Umuduri mu Burundi

Umuduri n'igicurarangisho kavukire co mu Burundi gifasha guhinyanura umuziki.

Umuduri


Ivyo bakoresha mu gukora “Umuduri”


Umuduri ukozwe mu giti c’umuheto gihese, gifise uburebure buri hagati ya santimetero (cm) 125 na santimetero (cm) 135. Gifise umurya (umugozi) ukomeye ukozwe mw’irenga ry’icuma canke ukaba ukozwe m’umurya uva mu bimera.


Umuduri ufise kandi umukuza umwe canke n’iyirenga ibiri ifashe kuri ico giti gihese, uwo mukuza ukaba ufise igitoboro kinini ku munwa wayo uhese wugaye; akaba ari naco gifasha gusohora amajwi kuwusanzwe ariko aragicurarangisha.

Kugira uwo mukuza uvuge cane barawufatanya n’umugozi w’impuzu canke umugozi uvuye kugiti c’igitoke bakawushira hagati kw'ifundo rya gatatu kugira birinde ugukoranako kwose kutameze neza hagati y’umukuza n’ico giti gihese.


Abacuraranzi b’umuduri

Igicurarangisho kavukire co mu Burundi "Umuduri"

Mukuvuza umuduri harifashishwa udukoni tubiri, uwo mugozi ukaba ufise ifundo riva kuntango y’ico giti ukomejwe cane bakawukwega cane bakawugeza kumpera y’ico giti gihese rikaba ifundo rya kabiri, hakaba n’ifundo rigira gatatu ariryo rikomeye ry’akamaro, ricamwo kubiri uwo mugozi m’ubusumbane; hejuru haba hafise ikibanza kinini c’umugozi gusumba hepfo. Iryo fundo rya gatatu niryo rifatanye na wa mukuza wuguruye uhese.


Mukuvuza umuduri bawufatisha n’ukuboko  kw’ibubamfu ukaba uhagaze umunwa w’uwo mukuza wawirabishijeko ukawugumbira. Mukuboko kw’iburyo uba ufise uduti tubiri dutoya mu bwaguke ni santimetero (cm) 30 canke 35 muburebure, tukaja mukiganza kimwe tukaba tumeze nk’urudome “V”. Umaze kudufata udukubitisha kuri rya renga ry’icuma hamwe n’inzebe. Kugira uhindagure amajwi y’umudiho wifashisha igihande co hejuru y’ifundo rya gatatu arico gifise umugozi muremure gusumba uwo hepfo, ugakoresha urutoki rukumu na gahererezi ni vyo bituma hakorwa amajwi atatu atandukanye, hagati y’ayo majwi niho havamwo ijwi rya kane canke rya gatanu.