Uruzi Mubarazi
Uruzi Mubarazi ni uruzi rumwe munzuzi ziri mu gihugu cacu c'Uburundi. Urwo ruzi Mubarazi raca mu ntara zitari nke zigize igihugu cacu c'Uburundi. Aha twovuga intara nka:
Intara ya Bujumbura rural,Mwaro,Muramvya,... Uruzi Mubarazi rufise kandi akamaro kadasanzwe na cane cane kubarimyi barimira mumyonga iri kunkengera zarwo. Ibiterwa dusanga birimirwa mumyonga yegereye Mubarazi ni : Amashu, ibigori, ibijumbu, intore, inyanya, ibikaju, umuceri,... maze ivyo biterwa bikaba bifise akamaro kadasanzwe kubuzima bwabenegihugu.
Uruzi Mubarazi, rurafise kandi akamaro kadasanzwe mubijanye n'amasoko ntanganguvu, Aho kurirwo hari urugomero rw'umuyagankuba rucanira intara yose ya Muramvya muma komini yose ayigize nka : Mbuye ,Rutegama,Muramvya,Bukeye na Kiganda.
Mugihe c'ici, Uruzi Mubarazi usanga rufise amazi agereranye kandi atemba neza kuburyo rutonona imirima igwegereye. Ariko, mugihe c'urushana na cane cane mumezi nka Ntwarante na Ndamukiza ruba rufise amazi menshi cane kuburyo imirima igwegereye ruyiseserako ndetse nimwe muriyo rukayitwara ibiterwa biri mwiyo myonga igwegereye ikononekara cane,ndetse rimwe na rimwe mwico gihe rurashobora gutwara abantu. Uruzi Mubarazi ruratanga kandi n'akayaga keza cane ku misozi iruhanamiye.
Muri rusangi ,uruzi Mubarazi rurafise ivyiza ndetse n'ibibi bivanye n'ibihe bigize umwaka.
Akamaro nyamukuru kagwo:
1. Amazi yo gukoresha mu buzima bwa minsi yose
Abantu bo mu bice rucamwo barakoresha amazi yagwo mukuyanywa (inyuma yo kuyatunganya), guteka, koza n’ibindi bikenerwa mu rugo.
2. Ubufasha mu burimyi
Rufasha abarimyi kuvomerera imirima mu gihe c’izuba ryinshi. Ivyo bituma bashobora kurima ibitegwa nk'ibigori, ibiharage, imyumbati n’imboga, bigatuma umwimbu wiyongera.
3. Kuvomera ibitungwa
Inka, intama n’ibindi bitungwa bironka amazi yo kunywa, cane cane mu gihe c’izuba.
4. Gutuma isindimwa yimbuka
Iyo uruzi rwuzuye rugatwara mumwaba rusiga ku nkengero zarwo isi irimwo intungamubiri, bigatuma imirima yera neza.
5. Kubungabunga ibidukikije
Rufasha ibiti, amafi n’ibindi binyabuzima kubaho, bigatuma ibidukikije bigumana ubuzima bwiza.
6. Guteza imbere ubuzima n’ubutunzi
Kubera ko rufasha uburimyi n’ubworozi, rutuma abantu baronka ivyo bafungura n’amafaranga ava mu kugurisha umwimbu ku masoko.
