Wickiana

Kuva Wikipedia
Guturirwa kwa batatu i Baden mu 1585.

Wickiana ni icegeranyo c’amasanamu ya Johann Jacob Wick (1522-1588), yashizwe hamwe mu bitabu 24 hagati y’umwaka w'1560 n’umwaka w'1587. N’isoko rikomeye ry’igihe igiporoti catangura mugihugu c’ubusuwisi.

Wick yabaye i Zurich mugihe hatwarwa na Heinrich Bullinger, umusubirizi wa Huldrych Zwingli. Yakurikiye ivyigwa bijanye n’inyigisho z'Imana i Tubingen kandi yari umwigisha w’ijambo ry’Imana kwishengero Predigkirche i Zurich. Munyuma zaho yari icegera c’umwungere wa Grossmünster.

Amaze gusezera iy’isi mu mwaka w'1588, ivyandiko vya Wick vyegeranijwe mu bice 24 baciye bashira muri Stiftsbibliothek ya Graossmünster. Mu mwaka w'1836, ivyo vyandiko vyimukanywe muri Bibliothèque y’igisagara ca Zurich. Hari n’ibindi vyegeranyo bishika kuri 52 biri muzindi ndimi atari Ikidagi. Vyinshi muri vyo bikomoka mu bisagara vya Augsburg, Nürnberg na Strassburg.

Ari mu masanamu canke muvyandiko, ivyo vyegeranyo bitwereka ivyaduka vyo muri ico gihe –ibigendajuru, nyamugigima, gutwagwa n’amazi- , abavukana ubumuga, n’ibindi vyinshi bijanye na kahise.

Ivyo vyegeranyo ni 439, murivyo hari 429 ari original na 10 vyongerejweko munyuma. Mu mwaka w'1925, batandukanije ivyandiko n’amasanamu. Vyose bikaba bishinguwe muri Zentralbibliothek yi Zürich.


Uturorero[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Ibitabu vyakoreshejwe[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

  • M. Senn, Die Wickiana. Johann Jakob Wicks Nachrichtensammlung aus dem 16. Jahrhundert, Zürich 1975.
  • Franz Matthias Mauelshagen, Wunderkammer auf Papier. Die Wickiana zwischen Reformation und Volksglaube, Diss. Univ. Zürich, Zürich 2008.
  • Wolfgang Harms, Michael Schilling (eds.), Die Wickiana. Die Sammlung der Zentralbibliothek Zürich, Tübingen 1997–2005.

Liens externes[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]