Jump to content

Yua Mikami

Kuva Wikipedia
Mikami Yua to K-POP CIMG6925


Momona Kitō (mu kiyapani: 鬼頭桃菜, mu buryo bwa Hepburn: Kitō Momona) yavutse ku wa 16 Myandagaro 1993. Azwi cane mu kazi kiwe k'umwuga kw’izina rya Yua Mikami (mu kiyapani: 三上悠亜, Hepburn: Mikami Yua). Ni umunyapolitike w’umugwi w’indirimbo akaba kandi umukinyi w’amareresi y’abakuze (AV actress).

Yatanguye kwinjira mu mwuga w’uburirimvyi mu mwaka wa 2009 aho yinjira mu mugwi w’indirimbo SKE48, ariko yavuye muri uwo mugwi mumwaka wa 2014. Muri 2015, yinjiye mu mwuga w’amareresi y’abakuze akoresheje izina rya Muteki, kandi yahavuye aronka intsinzi nini cane.

Kuva mu mwaka wa 2019, azwi nk’umwe mu bagwizatunga cane, abamamaye kandi bacuruzwa cane mu bakinyi b’amareresi y’abakuze b’iki gihe. Yaronse udushimwe twinshi mu mwuga wiwe.


Ubu ariko arakorera mu kigo citwa S1 No. 1 Style, kandi amaze kuboneka mu ndirimbo zirenga 100 (harimwo n’ivyegeranyo vy’ivyakozwe n’amasanamu ya VR).

Naho Mikami azwi cane nk’umukinyi w’ama filme y’abakuze, yaragumye hafi cane y'ingabire yiwe y’umuziki. Kw'igenekerezo rya 22 Munyonyo mumwaka wa 2016, yarasohoye indirimbo yiwe yaririmvye wenyene yitwa Ribbon (リ・ボ・ン). Mumwaka wa 2018, yarongeye kwiyerekana nk’umuririmvyi mumugwi wo muri Koreya y’Epfo witwa Honey Popcorn, ari kumwe n’abandi bakinyi b’ama filme y’abakuze Moko Sakura na Miko Matsuda. Uwo mugwi washinzwe na Mikami ubwiwe nk’umushinge w’urukundo (passion project).

Ariko, isohoka ry’umugwi ryababaje benshi kubera ko abawugize bazwi mu bikorwa bitandukanye n’ishusho "nziza" yitezwe ku baririmvyi bo muri Koreya. Kubera ubwo bwiyamirizi, igiteramo co kwiyerekana mu ntango carabujijwe. Hari n’icandiko (petition) cari casinywe n’abantu barenga 50.000 catujwe ku biro bikuru vy’igihugu (Blue House), basaba ko uwo mugwi uhagarikwa.

Kubera iyo migumuko myinshi, Miko Matsuda yaciye ava mu mumugwi muri Kigarama 2018. Ariko Mikami ntiyaciye areka; yarazanzamuye umugwi, arashirako abandi baririmvyi batatu bashasha, maze barasohora EP yabo ya kabiri yitwa "De-aeseohsta" muri Mukakaro mu mwaka wa 2019.

Vyongeye, Mikami yashinze n’ubudandaji bw’impuzu bwiwe yise "YOUR'S", ivyo akabikora akurikiye akarorero k’umugenzi wiwe wa hafi Asuka Kirara, nawe nyene umukinyi w’ama filime y’abakuze.